IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Uburundi buragiriza umunyamabanga wa EAC kuba ashaka ko buva muri iryo (...)

Uburundi buragiriza umunyamabanga wa EAC kuba ashaka ko buva muri iryo shirahamwe

jeudi 27 Myandagaro 2015

Reta y’Uburundi ivuga ko ubunyamabanga bw’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko EAC buriko bukora ibishoboka ngo Uburundi bukurwe muri iryo shirahamwe, inyuma y’aho igihugu c’Ubudagi kibicishije mw’ishirahamwe GIZ bumenyeshereje ko butazosubira gutanga imfashanyo mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu gihe Uburundi bwoba bukiri muri iryo shirahamwe.

Nta gihe kinini giheze ubunyamabanga bwa EAC bwandikiwe n’ishirahamwe GIZ, Reta y’Ubudagi icishamwo imfashanyo iha ibihugu. Ibiri muri iryo kete ntivyakiriwe neza n’Uburundi kuko bwasabirwa gukurwa muri iryo shirahamwe rya EAC kugira imfashanyo y’Ubudagi ibandaye kuboneka.

Mu kiganiro yahaye Iradiyo Isango Star yo mu Rwanda,Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko , Leontine Nzeyimana, yavuze ko igihugu c’Uburundi, kiriko gikorerwa ibishoboka n’ubunyamabanga bwa EAC ngo bishoboke kive mw’ishirahamwe rya Afria y’Ubuseruko.

Yavuze ko Reta y’Uburundi iri mu Karere ka EAC ,kandi GIZ ifasha ariko ko idashobora gusambura akarere kubera imfashanyo itanga muri EAC,yavuze ko ari Politike y’umunyamabanga mukuru wa EAC ashaka ko Uburundi buva muri EAC.

Leontine Nzeyimana yavuze ko ari ubunyamabanga bwa EAC cane cane Umunyamabanga mukuru Richard Sezibera ariko arondera ko Uburundi bwokurwa muri EAC ,ariko amenyesha ko atazoshika kuco ashaka ko Uburundi buva mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ku kibazo co kumenya ico afatirako mukuvuga ko ari ubunyamabanga bukuru bwa EAC buriko butuma Uburundi bugaomba kwirukanwa muri EAC Leontine Nzeyimana avuga ko vyibonekeje mu nama y’abashikiranganji ba EAC kandi abitavye inama bose babizi.

Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko Dr Richard Sezibera, yavuze ko ivyo Uburundi buvuga bidafise ishingiro, ko ariko bariko bakora ibishoboka vyose ngo Uburundi bugume mw’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko.

Ku bijanye n’inyungu Uburundi bwoba bufise muvyo buvuga nimba atari vyo, Dr Sezibera yavuze ko atabizi ko hobazwa abazanye ivyo vyagirizi kuko ari ibinyoma.

Van Naris Mugisha

Messages

  • Namwe Koko Mugira Muteranwe Nakamanyu Kumutsima? Nimubikora Turaba Tubahinyuye Kuko Niyo Eac Wamengo uburundi Be Na Tanzania Twayikuwemwo Kera .

  • Wewe Sezibera washaka wovugamake kuko abomukorana barakomeje kubikybonamwo mbese ubumwe ubihakana biyemerera kubikwemeza mbese bagezenaho bameebavugango umuntu yumva abazagusambura ishirahamwe akabumvira bigezeharya arakwiye kuguma arumunyamabangakoko!?.

  • Jewe ndi umurundi ariko hariko ikintu kintanganza cane mu banyapolitike b’abarundi . Igihugu c; ubudagi gifatanije nibihugu vya bulaya vyose vyamenyesheje kuva kera , Nkurunziza agishaka gusubira kwitoza ngo arongore uburundi , yuko bitazoshigikira uwo mugambi. Ivyo bihugu vyongera biramenyesha yuko bizoca bihagarika imfashanyo vyari vyemereye uburundi . Ivyo vyose birazwi neza kuva kera . None ivyo bivuga iki ? Ivyo bivuga yuko ivyo bihugu vya bulaya bizonahagarika ico vyahora bifasha amahirahamwe yose uburundi burimwo . Kugira bibandanye bifasha ayo mashirahamwe nuko ibihugu vyo muri EAC bibanza bikavangura nuburundi . Jewe numva ivyo vyumvikana . None mwibaza yuko ibihugu nku Rwanda na Uganda bikokwemera kubura imfashanyo vyahora bironka kubera uburundi budakurikiza ingendo ya demokrasi nukubahiriza agateka ka zina muntu ? Eka da . Jewe nibaza yuko , nimba uburundi bushaka kubandanya buronka iyo mfashanyo , ni buhindure intwaro bufise . Jewe nibaza yuko vyoroshe gutahura. Uburundi ni bureke kwifatira mu gahanga Umunyabanga wa EAC ariko akora akazi kiwe kandi agakora neza . Uburundi ni bureke guta umutwe , ni bwahindura intwaro buzosubira kuronka iyo mfashanyo . Ingorane nuko uburundi ni bwamara kuva muri EAC , buzosubiramwo Yezu agarutse . Abanyapolitike bo mu burundi bariko baradusubiza inyuma cane rwose.

  • AHUBWO ?MUKANGA NDE??KO IVYO MUTEGURA VYOSE KO BIZOBABANA AMAZI.UGIRA AKOSHOSHO UWO MU NYAMABANGA YIBAZA KOHAGATI YA EAC N’UBURUNDI HATANGUYE IKIHE.

  • Non Uburundi Bumariy Iki Cank Bufis Inyungu Ki Muri EAC ? Ntaco Ndabona Kuv Aho Twabereyeyo.

  • nagirango menyeshe dr sezibera.ko icokibazo mwocitondera!! gukogukura,uburundi muri eac atariwomuti.guko ushigikiye.CNARD yoyontaco izoshikako.kandi uburundi.dufisubwobabuke.murarabe ntimwitegegusomera.ngomuhavemuburumangaaa!!!! twugayevyishi ntanguvu nsabano zizokwemeza abarundi namba.kiretse.ababifise mundoto.nka NKANYANGOMA NA RUGURIKA.NA PASFIKE NIYOMBARE.BUYOYA.MUGWENGEZO.KADEGE.SINDUHIJE.NIZINDIMBURAKIMAZI NKIZO.

  • Ariko, jye, narumiwe... Iyi myitwarire y’abategetsi b’Uburundi (kuko ntabita Abayobozi) iteye iseseme pe!!! Kubera amafuti nk’ayimpyisi abategetsi b’Abarundi bakora, basigaye bikanga buri kinti cyose, cyaba igihumeka, n’ikidahumeka, harimo n’ibicucu (cyangwa ibitutu mu Kirundi) byabo!!! Ibi ni akumiro!!! Nyuma yo gufata no gufunga inzirakarengane z’ Abanyrwanda zishakirizaga ubuzima muri icyo gihugu, noneho, batangiye kwikoma na secretariat ya East African Community ngo iriho irabagambanira, ishaka ko birukana Uburundi mu muryango. Ubu se, barabona Ubunyamabanga bw’umuryango wa Afurika y’Uburasirazuba bwaba bufite nyungu ki mu guheza Uburundi, cyane cyane ko, mugihe byaba binabayeho, bishoboka ko byadindiza bimwe mubikorwa byawo? Jye, mbona basigaye bameze nk’umwana uhiye mu kwaha, pe!!! Nyuma yo kwikoma Abasenyeri ba kiliziya gatolika, aba diplomates, Abahuza batandukanye, ibihugu by’iburayi, Amerika, U Rwanda, Société civile yabo, amashyaka atavuga rumwe n’iriri kubutegetsi, n’abandi n’abandi, ubu, hatahiwe Richard Sezibera!!! Buriya icyaha cye nta kindi, uretse kuba ari Umunyarwanda!!! Ngaho, nimutangire mutukane muri commentaires zanyu, nkuko musanzwe. Dore ko mwokamwe n’amacakubiri, ikibazo muragihindura icy’amoko as usual!!!

  • babaye(imbonerahafi)nka babana akabaye kose barikanga ngo (MAMA MAMA)mta liya mpaka lini??
    Rwanda ndo imemutewuwa ikamuweka madarakani Nkurunziza na wanainchi wa Burundi hawamtake???
    mbone mna machozi sana??????

  • Uwomugabo afise ingengasi, mungiherero arimumabanga nkayo icambere akwiyegukora nukurwanirira vyasebikunze umunyamuryango imbere yogucundika nincuti zuwomuryango. Umva uwusanzwe agufasha muribimwe hanyuma akagutegeka gutekeza umwe mubanabawe ngokuko atamukunda uwomwabawawe wocuvyifatamwo gute? Uwufuse inyishu yonyishura.

  • Sezibera nawe ni intagondwa nkizindi zose kuko akurikiza amabwiriza ya shebuja Rukaraba Kagame. Gusa arabeshya uwo muginga yaba u Rda cg U Bdi bazawubanamo uwo muryango. U Rwanda rwigize igitangaza kubera gucuruza genocide. Gusa umunsi uzagera birangire

  • Ahaaaa, buzovakurwamwo nyene kuko:"Kananira abagabo ntiyimue!". Ikindi ntibishoboka ko igihugu c’Uburundi ntigishobora kwiganza ngocigabe mugihe kitararonka ico nokwita "independance economique"! bukoresha ibice birenga 60% zimfashanyo ziva mumakungu!

  • Emw ibara ryaraguy!Mbe Kagame nabatovyi bicudits bazogeza ryari kurondra gtmbagaz uburundi?yashigikiyabashats gtmbagaz ubutegetsi biranka.non eh ubu ivyo bagezmwo.ew gusangir umugambi nab Imana yavumy!ntakind bivyara,atarico.bakinda bagaramy,bubama,abarundi tuzobandanya dusongimber.impongo irarambira mukarere karimw abahigi beshi na MUJERI nyishi.

  • ABOBANYARWANDA BADUKENYEREY ARIKO BARIBESHA PORITIKE YAKAGAME TWARAYIHINYUYE ABATEGETSI BACU RERO MUHAGABIRE ,MUTURARIKE TWITEGURE TWIKUREKO AKOKAGAYE KURWANDA BIBAYE NGOMBWA TUBASANGE IKIGARI

  • Uburundi ni buve muri EAC. Na kare Kagame n’abandi ntibadushaka kuva kera. Kandi na Economie yacu ntihuje na gato n’ivyo bihugu. Twebwe turacakorera muri systeme ya kera, bo bateye kuri 4G. Twebwe ntiduharura, ntituramenya umwansi n’umukunzi. Reka lero tuze tubasba kwinjira nitwaba tubona iyo tuja n’iyo tuva.

  • SEZIBERA courage!vumbura igihere muri EAC,nabado rindira gato,tuzotora nkurumbi mukanigo.

  • SEZIBERA courage!vumbura igihere muri EAC,aho bamaramara nimwe mwokomantaje umutima wa nkurumbi ngo yigomeke k’ubutegetsi?nabado rindira gato,tuzotora nkurumbi mukanigo.

  • uwo ngo ninzeyimana baramubaza ibinenyesto akabibura . ntabwo bazi ibyo balimo.

  • FUTAGOSE NIKUBWANKURUNZIZA YIHA IKIRINGO KINYURANYE NIBWIRIZWASHINGIRO HAMWE NAMASEZERANO YA ARUSHA

  • JEW MBONA BOBIRUKANA NYENE.UBONA MUMARIYIKI UBARUNDI KOMUZI GUHONYANGA AMATEGEKO GUSA!!Dr Richard SEZIBERA YACO MUMUMARAMARANA AHUBWO RABA IGITUMA NYAMUKURU:Allemagne contre 3ème mandat .

  • coup d’etat yaranse kuburizamo amatora biranka,ubu hasigaye intambara ya diplomacie, nayo Peter azayitsinda ntankeka.IMANA imujimbere. ibi birasaba ko Nyamitwe Alain akora ijoro n’umutaga.

  • Iyonkuru ntacondayivuzeko nimbamubonako uburundi mwobukura muri EAC bukuremwo cank murekejemwo nivyanyu kumenya

  • Eee Mbemurabibona? Umuvugishwa Yavuze Ko Uburundi Buzocanamwo Namakungu Amerika Ntibicanuwaka, Ibihugu Vya Buraya Nabo Ntibicanuwaka, Eac Nayo Irabwitandukanije. None Hasigayik? Twihane Twiyez Imana Ishitsishaka Ryayo.

  • ABONI BANYANGOMA BADANSHAKAKO UBURUNDI BUTERIMBERE.

  • emma
    nyakubahwa nyamitwe urabawumva agasema kaza muri ndayubusa, umve urwanda jewe sinkeka uwutwara EAC numunyarwanda, wamupfaso komeza uturabira nibindi, ndazi urwanda ni telle ya bamanefestatio, baturiye abantu namabarabara ni miduga,sha ntimudukanga tz

  • aliko abarumdi ibintu muvuga byerekana ko mugifite urugendo rurerure rwo kuba mwaba abantu bafite gahunda yo guteza igihugu cyanyu imbere . aliko nkeka ko abandika ali injiji gusa . abazi ubwenge kuki bo batandika ngo basobanulire izo njiji zilirwa zimoka. ese mwashaste usimbura sezibera noneho tukareba ko namwe mufite umuntu ushoboye. wamukurahe. mupole sana. muracyafite urugendo.

  • Ntagtangaza kirimwo kuko numunyrwanda.mbe sezibera wibaza k’ahuri watey akarimbi?murabesha uburundi bwacu murabwanka arko ntaco muzobugira.Imana niyonkuru.

  • Ntagtangaj kirimwo kuba vyagizw na sezibera.ariko 8buke kico kibanza urimwo atari itongo warazw!kndi ugukura kwumuswi atar’impuhwe zagaca!ubu burundi muzuriyamaso buzobagora kuko imigambi ynyu yaramnyekanye.mbe abanyafrica muzogza ryari k8samburira ko nkintama?niyo eac niba ikorera kugtsure ntaco mwanze.

  • Njye icyo nasaba abarundi ni uko umunsi kagame yabashotoye inkotanyi bazajya bafata bazajye bazishinga kumigano nkuko aba Congolais babikoze. Murwanda turambiwe leta y’agatsiko nibyiza ko abarundi muduha umusada izo nkotanyi tukazivuna.Nanjye nabaye inkotanyi gusa igisoda naragitorotse kubera guhora badushora muntambara z’amafuti.

  • uyo sumunyarwnda? inzigo yarabamaze nimba biruko natwe ababo batuvire mu gihugu cacu nimbibe bazugare kuko ntakamaro

  • Urpfun’ Impfane Biragendana. Giz Ni Iyabanyarwana? Murakenyeye Mwiteranye N’ Isi Yose

  • Urpfun’ Impfane Biragendana. Giz Ni Iyabanyarwana? Murakenyeye Mwiteranye N’ Isi Yose

  • Ntagitangaje kilimwo kuko mwakagombye kumenya Sezibera ni muntu ki? umujenosideri nka Sezibera nikihe kindi kintu yokorera u Burundi atari ukubucyinyiza kubera bene wabo babatusti bananiwe gufata igihugu kungufu bati noneho tuzakoresha amahanga.Basomyi mumenye neza ko iki ari ikibazo cy’amoko Hutu-Tutsi ari nabyo Sezibera ariko arakoresha,nikihe gitangaje mwo.Ahaaaaaaaaaaaaaaaaaa

  • Nibabirukane ntimuzohavemubatopanganiriza imigambiyabo nkumurikomubikoramugihugucanyu barabirukanamurabo nabado

  • facebook s iyogutukanirako ahubwo n iyoguhanahanirako iciyumviro cubaka.twubahane murivyose, dukoreshe yandero twakurakw ishure niyotwahawe n abvyeyibacu mukudacozanya,dutange ibitekerezovyubaka!

  • Mureke kwigira beza mucyemure ibibi murimo gukora, murashaka amahanga abafashe kwica abanyagihu banyu Gen na Col mubazure.
    Wowe watanga inkunga kubicanyi?
    GIZ se na SEZIBERA bihurirahehe? niwe uyifatira ibyemezo se?
    Mwibeshya abanyegihugu 1Muricana ubwanyu 2Mwishyizeho abaturage baguye mu mihanda babamagana ni benshi.
    Yaba mama wawe afite mu mutwe hazima yagufasha muri ibyo bikorwa murimo.
    Mwihane mukore neza mubigaragaze izongera ibagirire icyizere naho
    sezezibera ntabwo ari president wanyu nta nicyo mugomba kumuvugaho kuko
    n’uburundi nta buyobora bukora ibintu ISi yose ireba banyamakuru bamaze kugwa iwanyu murabazi ahaaaaaaaa.

  • ariko urwanda rwaba noneho rubaye igitangaza aho busigaye butegeka abadage ibyo bakora ndumiwe kabisa uwo mu ministre nu umugore pe, ariko ntihenze ntibuka ko urwanda rwigeze gutangira uburundi amafaranga ya cotisation muri EAC nibuka neza ko urwanda arirwo rwari ruhangayitse ngo uburundi bujye muri EAC none uwo mugore atangiye ibyo ashinja buriya ibihugu byikoma uburundi n urwanda ruba rwabitegetse ni ministre koko amatiku nka ayabana uwo mugore ni igitangaza pe amezi uburundi bwamaze budatonda muri EAC buvuga ko uburyo amatike n ibindi bubugora urwo rwari urwanda ahubwo babigiyemo baseta ibirenge babinginga inkunga tubarihira none ubu rero n urwanda rutabasha iyo carte muri gukina ni ikigarasha mushake muzungu wa iyene

  • EGO CANE ABARUNDI ISINZI TURASHIGIKIYE YUKO UBURUNDI BABUKURAMWO MUGIHE PETER ATOKINJURA NGO HASHINGWE LETA NFATAKIBANZA YOZA ITEGURA AMATORA AHURIKIWEMWO NABOSE KUKO PETER YAHONYANZAMASEZERANO YA ARUSHA NIBWIRIZWA NSHINGIRO RIYAKOMOKAKO ! MBERE NABAMWE BAMA BIVUGIRA AYAMUHE NGUBURUNDI BWARIKUKIYE AMAKUNGU AFATIRE IRYA LETA ITEMEWE HAMA BAZOHEZE BABONE YUKO UBURUNDI ATARI AKARIMA KANKURUMBI NAKARWI KIWE BAHINDUYE AKARIMA KABO BWEGU!

  • mwebwe muvuga gutyo mwarimuziko u Rwanda arirwo rutanga. cotization. y uburundi muri. eac? murazi des millions des dollars rubatangira mwa mbunuzamwe?

  • ahubwo mwaratevye kubirukana kuko bama bisamburirako nkimpene ntaco basonera bavuga ngwuburundi nigihugu cikukiye ukamenga barikwiiye.wait and see.avec ces histoires de 3è mandat

  • ahubwo mwaratevye kubirukana kuko bama bisamburirako nkimpene ntaco basonera bavuga ngwuburundi nigihugu cikukiye ukamenga barikwiiye.wait and see.avec ces histoires de 3è mandat

  • nyamuneka bavukanyi barundi mwaretse gushakira ikibazo aho kitari, ese sezibera niwe wabwiye abadage ngo bange uburundi ? oya . nimukomeza kubona umunyarwanda wese nkumwanzi wanyu aho muraba mwibeshya. ubwo iyo Donald kaberuka aba akiyoboye BAD ntimuba muvuze ngo niwe uri kubatera ubukene kuko arumunyarwanda gusa !!? niko mwagize ubwenge mukikura muri iki kibazo kibakomereye mutiteranyije nabaturanyi

  • Abarundi nimureke guta ururimi ku Babanyi. ahubwo nitwihane tugarukire Imana ivyaha nivyinshi. Amaraso aboroga nimeshi. Abarengaywa nibenshi. Nitutihana nibindi birinyuma!!!

  • None Abobo Bavuga Ayabandi Ayabo Bakayicarako

  • None Abobo Bavuga Ayabandi Ayabo Bakayicarako

  • @ciza
    "mwebwe muvuga gutyo mwarimuziko u Rwanda arirwo rutanga. cotization. y uburundi muri. eac ?"
    Reka sha kubacurira! Inzara iri mu Rwanda izura inzara hanyuma bakaronka ama mililyoni bacisha mw’idirisha bata? Urabaza Murenzi Romain jewe tuzinanye ingene yaje aho ngo yinjiye inzego hanyuma akavaho yiruka asubira muri USA kwikubitira ibiraka vyiwe muri Mathématiques!

  • Gusa ndumva nsevye bitewe n’ivyo vyagiriji bidafise ishingiro vy’uwo munyacubahiro,nitureke kwimaramaza Bajama,BARUNDI BENEWACU

  • Gusa ndumva nsevye bitewe n’ivyo vyagiriji bidafise ishingiro vy’uwo munyacubahiro,nitureke kwimaramaza Bajama,BARUNDI BENEWACU

  • ariko abarundi murasekeje ibibazo bibera iwanyu mubigereka ku Rwanda nukuvugako twe nkabanyarwanda mudufatamo nk’abanzi banyu none se niba ariko biri mwaje,iwacu mu Rwanda gukora iki iyo muhama iwanyu ubu ntimwirirwa ikigali mububare za gisenyi mutahibagiwe mwageze mwijuru cyurwanda none murijuse mwaraje mwiruka ngo murapfuye Tubahaye indaro munkambi no mu mazu yacu muratuje none ngo turanga ntasoni mugira... Leta yanyu iri muri EAC kubera twe nkabanyarwanda none ngo turi babi ese ubu tubirukanye mu Rwanda mwabungera mujya he ? Ese niduhagarika inkunga dutera leta yanyu muzabigenza mute? mwibaze mbere yo kuvuga,,,,,

  • Abarundi mwakoze erruer,imbere yo kuja mu bintu birimwo abanyarwanda mwari kuronderera ahandi mukabijamwo après,sinumva ingene mwibagiye ayo inyenzi zadukoreye i burundi mukagenda ngo muri kumwe,abo si abantu ,kuba bariko baraduteranya n’abagenzi n’ababanyi ntibikwiye kubatangaza ,rondera nyabuna izindi solutions ,bo bashaka abatutsi basubire bategeke uburundi,mwari mubazeyeko iki?Tangura mukanure nyabuna murondere ama amitiés n’ibindi bihugu abo si abantu bo kwiyegereza kuko ntitumeze co kimwe,ni aba bandits guhera no ku bakobwa babo aribo bavyara,mwibazako hari iciza cobavamwo,nta amitié n’umututsi tangura muvyinjize mu mitwe yanyu.

  • Uyo muntu yiyita fidelite yabikoreye iki?izi message za fidelite zo mu ma 6h si rwanje iyanje murayibona yo mu ma 17 et 18h,mbe kwiyitirira umuntu bisiguriki?Hihihihiiiiiii,birantwengeje

  • Abarundi murantangaje cyanee ;ntabwo muri patriotique na mba!!!amagambo muvuga agaragazako mufite umutima mubi wo kugambanira igihugu canyu birababaje .mumenyeko mudateze kuba Abanyarwandan’umunsi umwe.mwataye akaranga kanyu.Mwomenyako ko gukunda igihugu bigaragara iyo igihugu gihanganye n;ibibazo.Hari n;uwo numvise yifuzako Kagame yayobora Uburundi!!!NIMUDAHINDURA INGENDO UBURUNDI NTIBUZOTERA IMBERE.NDABAHANURE NDI UMUNYARWANDA.

  • @IYUMENYA=IMPUMYI YAHUMYE UMUTIMA kubera urwango yanga Abatutsi
    wanzanga we iyo Peter atiyamamaza indi mandat agatanga umu Candidat uvuye muri CNDD-FDD aka kavuyo kose kaba kabaye???
    ubwo babandi bose bari contre mandat ya Peter batara Batutsi ko ari benshi(Usa,germany,na Barundi ubwabo kdi ba Bahutu bahunze bari bari munzego zohejuru mugihugu)urabashyirahe???
    plssss wabishaka utabishaka abatutsi bazagumya kubaho nkuko na bahutu bazagumya kubaho kugeza Isi irangiye###
    Genocide mwakoze mu Rda yarikwiye kubabera isomo!!!!!
    ngirango ubona ukuntu abatutsi buzuye kigali ndetse nahandi hose!!!
    rero tuza kdi niba itabishoboye uziyahure

  • mbe ndababaze cndd fdd ko yandikira ibihugu vyose byafashe ibihano birekure inkunga zose bahaga uburundi ni sezibera wa EAC yari yazugaye reka kujya murahenda abenegihugu mwitwaza indyane n ibihugu bituranyi nimwere twambare ibara nitwe twikwegeye turafise uburusiya n ubushinwa mugabo bazotugwanaho

  • ahubwo bari badutebeje kudukuramwo muri EAC

  • Mwebwe mwitwaza amoko ni Bihugu ni migabwe. murababaje cane gosi. nobasaba kubanza gufukama tukihana tugasaba Imana imbabazi ikaduhindura kundi gusha. Amacakubiri ntaho azodushikana. ku Mana ntawushikanwayo namacakubiri canke gushira isoni canke gusesa amaraso. ivyo vyose tutihanye ntajuru tuzoronka. nitwihane tukiri kwisi. Imana ikidutegeye amatwi!!!

  • @fidelite umviriza nkuyo ubugugu buzabashikana he sindavyumva witwa fidelite uri wenyine nkande sinzi iyo abantu bazoshika n ubugugu birababaje

  • @Avec. Aho gutuka Fidélité kandi avuga ukuri banza wirebe mumutima wawe kuko udatekereza nk’abantu. Buri gihe Commentaires zawe zuzuyemo gutuka abahutu. Nu ukuri uri Rubebe w’umupfayongo. Ububwa bwo warabuvukanye gusa nuko ntakuzi ubanza ufite n’umurizo!

  • ntakundi ariko ivyo bihano vyos biterw numuntu umw gusa

  • Nizereko Karuranga Fred ibyo avuze atabivugiye abanyarwanda, ntamunyarwanda yabazi ubuzima twaciyemwo ngo acyurire abavandimwe bacu babarundi. kandi sinzi urwego yaba ahagarariye rufata icyemezo cyo kwirukana impunzi mugihugu. Murebe neza abantu bandika ibintu nkibi icyo baba bagamije kugeraho.

  • karuranga ibyo wandiste ndakugaye. stupid guy like u,

  • gukura uburundi muri eac siwo muti wo kubufasha

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.