IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buriteguriye kwitaba inama iriko itegurwa n’umuryango wa (...)

Uburundi buriteguriye kwitaba inama iriko itegurwa n’umuryango wa Islam

mercredi 18 Kigarama 2013

Umurwi w’abanya Oman uri mu Burundi, aho wakiriwe na Albert Shingiro, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, abo bashitsi bakaba bari baje kwirabira ukwo imigenderanire yifashe hagati y’abari mw’idini rya Islam n’ayandi madini mu Burundi.

Uyo murwi urongowe na muganga Hamad Mohd Al Dhawiani umuyobozi wa « National Records&Archives Authority » aho bari mu rugendo rw’akazi, ariko kandi bakaba bipfuje n’ukumenya aho iterambere ry’umuryango wa Islam rigeze aha mu Burundi mu gihe hariko harategurwa inama y’igice ca gatatu c’umwaka w’2014, mu ntumbero yo guhamagarira abari mw’idini rya Islam, gushigikira amahoro n’iterambere. Iyo nama ikazokwitabwa n’abari muri Islam benshi, bava mu bihugu bitandukanye vy’isi.

Mw’ijambo ryiwe, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu Albert Shingiro, akaba yashimye urugendo rwagizwe n’izo ntumwa z’igihugu ca Oman, ndetse aca amenyesha ko Uburundi buzitaba iyo nama.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.