IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwafatiwe ibindi bihano na OIF

Uburundi bwafatiwe ibindi bihano na OIF

vendredi 8 Ndamukiza 2016, par egide

Igihugu c’Uburundi kibandanya gufatirwa ibihano n’amakungu. Inyuma y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryahagaritse imfashanyo zose zahora zihabwa Reta y’Uburundi, n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa ryahagaritse imigenderanire n’ugufashanya ryahora rifitaniye n’Uburundi.

Iyo ngingo y’uguhagarika imigenderanire n’ugufashanya hagati y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yafashwe mu nama yamaho igira iya 97 yabaye kuri uwu wa kane, ihuza inzego ziserukira abandi muri iryo shirahamwe.

Muri iyo nama yaremeshejwe na Michaëlle Jean, umukuru w’iryo shirahamwe, ingingo yafashwe n’uko imigenderanire n’ugufashanya vyohagarikwa mu Burundi, ariko igihugu kikagumizwa muri iryo shirahamwe.

JPEG - 169.8 ko
Michaëlle Jean, umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa

Imigambi igiye kugumizwaho akaba ari iyishikira abanyagihuhu aho nyene, kandi itabanza gucishwa kuri Reta y’Uburundi, hamwe n’imigambi ifasha mw’iterambere ry’intwaro rusangi (Rétablissement de la démocratie).

Uburundi bwahowe ko buterekanye ugushaka mu kuva mu ntureka igihugu kirimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, aho umutekano ubandanya gutituka, ubwicanyi hamwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu bikaba bibandanya kwibonekeza, ibiganiro navyo hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo bikaba vyadindiye.

Louis Hamann, umuvugizi w’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa amenyesha iyo ngingo ifashwe kugira bagondoze Reta y’Uburundi itore umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, yemere kandi n’ukwitaba ibiganiro biyihuza n’abatavuga rumwe nayo, bidakumira vy’ukuri.


IGIHE

Messages

  • karabaye reta ya nkurumbi igisigaye nukujya bambura abaturage mu muhanda . ibitwa abasilikare na ba polisi bo barabirangije kuko bo bajya kuyishskira mu mazu yabaturage.

  • Barire Izo Ntumva Bamenye Ko Amase Yakera Atagihoma Urutaro Izontumva

  • Ahubwo nibafate nibindi kuko ivyo ntibihagije bugarane abiyita abategetsi Bose iyobavabakagera mirako karwi ka nkurunziza ntihagire umuntu numwe murako karwi musubira kwemererera kwafata indege rwasohoke igihugu amambasade yuwo mwicanyi yose mufunge abiyita Bose Ngo baramuserukira mubirukane ntihagire numwe musiga abari muburundi nabo mubategeke kuguma mumpangu iwabo muce mukoresha zadrone mukurabako hari umwe murizo siha yihenda akabirengako muca murekurirako rumwe kuko basoko bagiye kugira Amanama yo gucanishamwo abanyagihugu no gupakira abantu mumiduga yareta bajana kwica nukubata mubinogo rusangi no kubapfungira mubusho butazwi ngirango mugize imisi mwumvako abayita abategetsi murako karwi ka nkurunziza kabicanyi Ko bafise ubusho Mungo iwabo kubavugako ntiba yakuwe nkibwa baribesha kuko yazize ubwicanyi bwaba DD kuko arimwe mwarimuhejeje Kugandagura abantu ibugendana ivyamubayeho nimwe mwabitumye abihenda Ngo reta Ngo ntizoja mubiganiro nabashatse gutembagaza ubutegetsi ahubwo nubu habuze hoboneka abagabo buryamunyu Ngo birukane iyo mihimbiri itovye igihugu ngwabarundi twiruhutse bakura ubutegetsi budahari nuyumusi uburundi ntabutegetsi buhari nimureke kwitera ijeke ntaho ibiganiro muzobijamwo mwavura mbaye nkawawundi

  • Ni opportunité nziza kugira igihugu c’Uburundi kive muri ako kagwi k’ubuja ngo ni francophonie.
    Umuntu agize umwihwezo akarere ka froncophonie niko kagwiriyemwo ubukene, ubwicanyi, corruption, coup d’états, chomage, amashure aba jeunes bayahejeje batabona ico bakoza ivyo bize kuko bize nabi...ugereranije n’ibihugu anglophones.Uburundi ni buve muri ako kabigiti. Nta gihugu francophone kandi catholique gishobora gutera imbere. Uwumva ni yumve. Iki ntigitegerwa na bose nico gituma mvuze nti uwumva ni yumve.

  • Imana Niyoyonyene Izotora Umuti .Bemere Canke Bareke

  • Imana Niyoyonyene Izotora Umuti .Bemere Canke Bareke

  • MBEGA NKIYI NKOTANYI YIYITA LILI UMENGA ITWUNVIRIKIGONGWE NIMUMENYE IVYOMUGWANDA KWAKAGAME TWEBWE IWACU NTIGWITAHA AYOMAFARANGA NAYO NIBAGUMANE KUKO ABAZUNGU BATARAZA TWARABAHO NTUKAMENYERE IVYAGUSA KANATSINDA AKIMUHANA KAZ INVURIHISE TWISINDUMUJA TWIMUJERI ACANA NASISI

  • Twarababwiye abobazungu bakize mwiyisi ko tutazigera dukora penarite, rekandababwire, Yezu yabwiwe numurwanizi ngo: niwapfukama ukansenga ngondaguha ubutunzi Yezu yariyankiye kuko Satani yashaka kumukoresha penarite murumvanyene iyoyenera Yezu ngwahabwe ubutunzi na Satani yarikuba akoze penarite ubuhangange yatevye akaronka original kutoka kwa Mungu arinabwo mubona tugenderako uyumusi ntiyari kuburonka, kugira Yezu abe nyirubushobozi kukotumuzi uyumusi yahuye nibigeragezo vyishi harimwo nogusesa amaraso yiwe arapfa arahambwa amanuka ikuzimu mubapfuye amarayo imisi 3 hanyuma arazuka ariyereka abataribake mubarikw’Isi hanyuma aridugira mwijuru ariko azogaruka kw’Isi kuzoca imanza zabazobabakiriho nabazoba barapfuye.

    Twebwerero abarundi guhangayika twakwemeye nimugire ukwomushaka ariko ntitwemera gukora penarite.

  • HAHAHAHA BURYA NGO NTAWE UBURANA NUMUHAMBA NIKO BACA UMUGANI NKURU NZIZA NARETA YE BAGOMBA KUMENYA KO IYI SI IFITE ABAYITEGEKA KANDI WAKWANGA AMABWIRIZWA YABO SERUMU BAKAYIKATA MPAKA WEGUYE UGATANGA IMIHOHO

  • UBURUNDI BURABABAJE URWANDA TURATERA IMBERE BO BAGASUBIRA INYUMA KANDI ABATEGETSI BIBO BARI KUBIKORA KUBERA INDA NO KUTAVA KWIZIMA IMYAKA YOSE BAMAZE KUBUTEGETSI NTACYI BAGEJEJEHO ABATURAGE BIRABABAJE PE UWARIWE WESE YABA UMUTUTSI CYANGWA UMUHUTU UDASHOBORA KUGEZA KWITERAMBERE ABO AYOBOYE AKWIRIYE KUVAHO NA RETA YE KUKO ABARUNDI NIBENE WACU KANDI TUBIFURIZA IBYIZA NKIBYO TWAGEJEJWEHO NA H.E PAUL KAGAME

  • Ururimi ntacorufpana ntabintu vyinshi dukeneye vyigifaransa, abana bacu azogenda kigali muri CHINE

  • IMANAYUBURUNDI ISUNBA AMAHERAYANYU UBWOMURAFISUBWE IYOMITE NIYASATANI PITAWACU ARASENGA NABNYAGIHUGU TURAMUSENGERA MUZOZAKUMUSABA INBABAZI MWAVUZA AMVI YAGUMYE ICUTI AFISE ZISUNBAMWEBWE ABARUNDI TURIMASO TUZORIMA NOKUBABIRIGI NTITWAPFUYE NTITURAHO

  • Mbe Ko Uburundi Buguma Bufatirwa Ibihanto Ah Nahariya,mbe Francophonie Ibona Ko Leta Ic Igondozw Vyihuta Mugotorera Umuti Wibibaz Biri Mu Burundi?Abiz Ivyo Ndome Zanone Bahejej Agir Niho Bob Borohew!Yemw Je Mbona Ivy,i Burundi Vyose Ar Nk,ikinyamico(jeux De Cache Cache)umunyagihugu Muto We Agiye Gutanga Ikori Nubugesera Bwaduke Bitwaj Ng N,iterambera Ritari Bumushikire.

  • DEMOKARASIMUBURUNDIBAMYEBAYIRWANYA.BANYAGIHUNGUNITWETUHABONERA.

  • Bwana nkurunziza izina siryo muntu nuguhora yumva inkurumbi gusa komeza wirebere muri parafo rata vubaha no muri EAC turaje tubirukane naho igifaransa mujye mwivugira ikirundi abarundi iyo nyeshyamba mwayohereje muri congo ko maguli atayemera God bless burundi

  • Nibakomeze cane,kubibafatira izontagodwa za Nzankurunziza, bahisemwo kunwa amaraso ya bantu. kuberiki babakinisha, kwimitungo yabo bafise hanze kwitarafatwa?

  • Nikel niyo ituma badufarira ibihano kuko twaseko bayimba barahumba ntituzopfa tuzoguma dusenga dukora uburundi imana iri hejuru yambwo bazotangara nibabona tuguma tubayeho

  • MBEGA BIBAZA YUKO TWEHO UBU TUTACIZE UBWENGE.NTAKIBAZO TUZOVYIYIGISHA.

  • Imana Irakunda Uburundi N’abarundi Kubwabo Tuba Twarapfuye Ariko Ntaco Turaba Amaboko Turayafise Ntaco Tuzoba Imana Izigame Uburundi N’abarundi Nakizigenza Wacu

  • Imana Niyonkuru igaburira inyoni zitarima natwe Imana izodufasha muvyo dukora tureke kusegerereza nkibimuga turye ivyo tubiriye icuya nakare ivyagusa bitera ubwenke buke.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.