Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwipfuza kuja mw’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga icongereza
Uburundi bwipfuza kuja mw’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga icongereza
vendredi 15 Munyonyo 2013
Uburundi bumenyesha ko bwipfuza kwinjira mu muryango w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza, mu ntumbero yo gufashanya n’ibihugu biri muri uyo muryango mu gisata c’ubudandaji.
Nk’uko ayo makuru tuyakura mu kinyamakuru Businessweek Kuva Uburundi bwikukiye mu mwaka w’1962, bwagumye mu muryango w’ibihugu bivuga urrimi rw’igifaransa, ubu rero Uburundi bukaba bugira busange igihugu c’ Urwanda gisanzwe cari mu muryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa imbere y’intambara y’ihonyabwoko yo mu mwaka w’i994, muri uyo mu ryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza.
Uretse ko igihugu c’Uburundi gisanzwe kiri mu muryango w’ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko, umuryango urimwo ibihugu nka vyose bisanzwe bikoresha ururimi rw’icongereza nka Tanzaniya, Kenya, Uganda n’Urwanda. Muri iki gihe rero, Uburundi bukaba buriko burashishikariza abanyeshure bo mu mashure matomato kwiga ururimi rw’icongereza na rirya urwo rurimi ubu rusigaye rutangurira mu mwaka wa mbere w’amashure matomato.
IGIHE
Messages
16 Munyonyo 2013, 11:03, par jeuneleader.myfutureismyhands@yahoo.fr
ico ciyumviro ni ciza cane..,ikibazo nuko hari na bamwe bu bagize inzego nkurunkuru zi gihugu batazi ururimi rwikirundi...iyija kurisha ihera ku ....!!!kandi nkaba mbona tugiye kwifuka bukeye...ni gute ibyo tutabitangiye kare mugihe twriko twitegura kuja muri africa yubuseruko?