IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwerekanye amakosa yakozwe na Tanzaniya mw’iyirukanwa (...)

Uburundi bwerekanye amakosa yakozwe na Tanzaniya mw’iyirukanwa ry’impunzi

vendredi 4 Gitugutu 2013

Kuva aho impunzi z’abarundi zitanguriye kwirukanwa n’igihugu ca Tanzaniya, amashirahamwe mpuzamakungu n’ayo mu Burundi akiyamiriza itunganywa ry’iyo yirukanwa, ndetse ko harimwo n’ukutubahiriza agateka ka zina muntu, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko akaba yarabonanye na mugenziwe w’igihugu ca Tanzaniya, ndetse uyu aremeza ko ivyabaye bitagisubira.

Muri uyo mubonano w’abo bashikiranganji wabereye i Manyovu ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya kuri uyu wa kane igenekerezo rya 3 Gitugutu, umupfasoni Leontine Nzeyimana umushikiranganji w’Uburundi, akaba yareretse mugenzi we ko uburyo bwakoreshejwe mu kwirukana zimwe mu mpunzi z’abarundi vyari binyuranye n’amategeko, ndetse bikaba bitubahirije agateka ka zina muntu, kuko hari aho wasanga umugore w’umurundikazi yabiriwe n’umugabo w’umutanzaniya yirukanywe, maze agata abana ku ngoyi, eka hari n’abandi batashoboye kurekwa ngo basarure imirima yabo, n’ibindi.

Kuri ivyo rero, umushikiranganji w’igihugu ca Tanzaniya, akaba yavuze ko ivyashitse bitagisubira. Ivyo rero bikaba bishitse mu gihe umupfasoni Catherine Huck aserukira HCR mu Burundi, yaheruka kuva ko igihugu ca Tanzaniya gifata izo mpunzi nk’abantu baba mu gihugu badakurikije amategeko, mu gihe abandi babona ko iryo yirukana ubutarariye impunzi ziba muri ico gihugu vyoba vyavuye ku ngorane z’imibano zoba ziri hagati y’igihugu ca Tanzaniya n’Urwanda, izo nazo zigaca zijaniranya n’izindi mpunzi ziva mu karere Urwanda ruherereyemwo.

Catherine Huck akaba yavuze ko iyirukanwa ry’izo mpunzi ryari riteguwe nabi, ndetse vyaragaragara ko ritubahirije amategeko, mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro, ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge mu Burundi ryashoboye guharura impunzi ibihumbi icumi zirukanywe muri ico gihugu ca Tanzaniya, zitagira ic’epfo na ruguru. Ubu rero naho iziza ataco ziba zifise, ariko Tanzaniya irazizana n’imiduga yabo.

Twobibutsa ko kuva mu mwaka w’1993 gushika mu mwaka w’2006, igihugu ca Tanzaniya cakiriye impunzi z’abarundi zigera hafi ku muriyoni umwe, zihunga indwano yari mu gihugu hagati, ariko abatari bake bakaba bari baramaze guhunguka, umutekano umaze gusubira kuboneka, abarwana na Leta bagashira ibirwanisho hasi. Impunzi ziharurwa ibihumbi ijana na mirongo itanu, akaba arizo zaharurwa kuba zitari bwagaruke mu gihugu c’Uburundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • kuba barikukanwe nkuko vyari biteyisoni ndi kumupaka ndabukuntu birukanwa njabatagirijambo bikoreyamaboko ndabiboneshamaso yanje wamenga sinabantu ariko mbibarize nimba tanzania yaravuganye numushikirango wacu vyavuye mwiki jewe nasako bohabwuburenganzira bwabo nimba babirukanye babahe nimitungo yabo murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.