IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Uburundi bwitavye inama igira 9 y’ibihugu bikoresha umuhora w’Uburengero

Uburundi bwitavye inama igira 9 y’ibihugu bikoresha umuhora w’Uburengero

samedi 7 Ntwarante 2015

Abakuru b’ibihugu vyo muri aka karere ka Afrika y’Ubuseruko, bahuriye mu gihugu c’Urwanda, mu nama igira icenda yiga ibijanye n’umuhora wo mu Burengero.

Muri iyo nama yitabwe n’abakuru b’ibihugu nka Uhuru Kenyatta wa Kenya, Yoweri Museveni arongoye Ubuganda, Salva Kiir wa Sudani y’Epfo, umukuru w’igihugu c’Uburundi yaserukiwe n’icegera ciwe ca kabiri Gervais Rufyikiri. Uwo mugambi w’umuhora wa Ruguru, ukaba ufiswe n’ibihugu bine ari vyo, Urwanda, Kenya, Ouganda na Sudani y’Epfo, ibihugu vy’Uburundi, Ethiopie na Tanzaniya, bikaba ari abarorerezi muri iyo nama, nk’uko vyagiye vyandikwa na bimwe mu binyamakuru vyo mu karere.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu, ikaba ije ikurikira inama zibiri zari zimaze iminsi ziba, izo nazo n’izahuje abahinga hamwe n’abashikiranganji bajejwe iyinjira ry’ibihugu vyabo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko. Iyo nama y’abakuru b’ibihugu, ikaba iza kurabirahamwe ivyegeranyo vy’izo nama zibiri, zari zimaze kuba.


Aristide Nizigire

Messages

  • EAC Uburundi buracarimwo?? Reka abandi bubake za Chemins de Fer, Pipeline, Centrale hydroelectriques INDUSTRIES ZUBAKWE, UBUZI, TAXES, TOURISME, DEVISES VYIYONGERE, natwe bibereye KWUBAKA STADES, GUKINA AGAPIRA NO GUTERA AMA AVOCATS.

  • nibyiza barundi nimuze dutatanye mwiterambere, natwe twabanje kubaka amasitade y’inkino meza nogutera ibiti kumisozi kugirango ejo imvura idatwara ibyo twubatse,namwe nibyiza ubwo mwabigezeho courage, mufise imbere heza ubwenge burarahurwa.

  • uburundi buzokwama ari abarorerezi nkuko bwarungitseumu rorerezi kuko nubutegetsi buhari ntamigambi bwari bufise atari ukwiba abanyagihugu.

  • @Nkunduburundi. wa kijuju we! mbe ni bande bazokwubakira ivyo vyose udondaguye nawe wibereye aho? mu Burundi hariho abubaka nabajejwe kurorera. ivyo uvuze ni vyaba bitarubakwa, nawe twobikubaza kuko uri umurundi. ututse abatavybatse nawe uba witutse.
    harageze aho abarundi twisuzuma tumenye ko gutyoza igihugu cacu natwe tuba twityoje. yaba uwateye ivoka cank eyubatse stande, igikuru nuko yabikoranye umutima ukunda igikugu.ukaba ubona ko womurusha ni vyiza, ariko gabanya amajambo werekane plan zawe baguhe chance nawe werekane ico womara, ariko gutukana wicaye gusa ntaco bitumarira.

  • Ese Jewe nkumuntu mutoya mwonyishura? Tuvuge iki kuburundi bwa cu??abo twatoye nimubakangure basinziriye musi y’bti vyama avocas barindiriye ayakoroka nticrigera bikangura ngo bamenye iyabandi bageze!?’nukuri bibutse amavoka twari tuyasanganywe!!!! Ubu turengere ivyo twinjire natwe mwiterambere .aho nkuwubahutse agaserukira uburundi ntanisoni yagize???hasigayeko twerekwa ko iterambere ryacu ar gusengera musi yarya mavoka.i

  • Wibagiye,abandi banse kuja kukazi,bariko biyerekana mumabarabara,banka gukora ibikogwa rusangi.......voila la différence entre votre pays et vos voisins.

  • Uburundi nibutova mu mugongo wa Tanzania ntaho buzoshika, mu karere uravyuka ugaca wigira mu bindi bihugu kwikorera business ukoresheje karangamuntu gusa, ariko Burundi uca uta umwanya urondera ivyangombwa. Leaders without confidence.

  • nukuri ndasaba umunyamakuru wanditse iyi nkuru ahindure title yayo. ntabwo ari inama ya 9 yibihugu bigize EAC ni Inama ya 9 yibihugu bigize northern corridor kandi kugeza ubu uburundi bwamaze kwiyunga kubuhugu bigize uwo muryango aribyo Rwanda,Uganda, Kenya, na Sudan yepfo. merci

  • @Alex, Nari kuba ndi ikijuju iyaba warambonye moye canke nigeze nicara imbere yawe ngo unyigishe. Abantu mushima ko hatewe ama AVOCATS, hubakwa za STADES mugihugu cugarijwe na DELESTAGES, ngira ngo ntimurenga imbibe z’igihugu ngo murabe aho abandi bageze n’iyo bagana. Nimba wewe utumvise ishari igihe Rwanda rwadutarangira 100,000$ contribution muri EAC vyananiye abategetsi bacu twatoye, ndakubwiye ko Uburundi butazigera bwogororora eka tuzokwama yuri inyuma. Mbere sinoba nihenze mvuze ko ufise patriotisme nkeye caaaane. Uribuka ijambo Hon. Jeremie yavuze ico gihe?? Gusa ntuzongere gutuka umuntu ngo no ikijuju. It’s my right to express a different pont of view from yours.

  • Wewe wiyise Nkunduburundi ndagusavye wubahecane uwo yiyise Alex, kukowewe arafise imvugonziza kugihuguciwe kukurusha, ntawuuobewe Ko Uburundibwacubukenye kandituremera kwibihugu bitandukanye bikomeje kudufasba, ariko kurijewe nubwobirukwo kw’Isi yosenzima ntagihigu cigihangange gisumba u Burundi, kandi ntagihugunakimwe nzigerampayagiza gusumba u Burundi, ekayemwe nivyowewe wumvarivyo bikunezera kubera bifasha igihugu cacu ndakubwirako imbere yokubushimira mbaza kwiyumvamwo igihugucanje. Hanyuma nimba ubabazwa nuko muburundi twateye amavokakubwishi, tukubaka ibibuga vyinkino, tukubaka amashure namavuriro nibindi ivyo ukabubona arivyo bitumye turimubukene, wewe urimubatuma ububukene bwiyongera mugihugucacu kuko abandibari ku kivi wewenawe imishinga kubazeka ngobarikobaratera amavoka!!!.

  • ariko mukunda kuvuga, none Aba PETERS bari kugira gute ko TZ ihinduka nkikirere!Raba Rajabu,Boduin na Manasse bafashwe neza muri TZ kandi mwese murabizi umukunzi wumwansi ni...iyomba umunyamakuru nari kubaza wa mukobwa ministre wa EAC nomubaza igituma basubiyeyo inyuma yamezi6,ko noneho bagiye kwitabira za nama yavuze ko zizimvye kdi atanyungu bakuramwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.