IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Uburundi ntiburi inyuma mw’ikoreshwa ry’ikarata ndangamuntu imwe muri afrika (...)

"Uburundi ntiburi inyuma mw’ikoreshwa ry’ikarata ndangamuntu imwe muri afrika y’Ubuseruko’’

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Léontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko amenyesha ko ibikorwa vyo kwiyandikisha kugira abarundi baronke indangamuntu nshasha arivyo vyatumye Uburundi busa n’ubucerwa muri wa mugambi wo gukoresha ikarata ndangamuntu imwe mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Umushikiranganji Léontine Nzeyimana arahumuriza abo bose bibaza ko Uburundi bwoba buri inyuma ku vyerekeye ikoreshwa ry’ikarata ndangamuntu izoshobora gukora nk’igipapuro c’inzira ku bihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko. Uwo mushikiranganji amenyesha ko batari inyuma na gato, ahubwo icatumye uwo mugambi uteba ari uko indangamuntu yari isanzwe ikoreshwa mu Burundi ari indangamuntu irimwo utunenge twinshi, aho usanga umuntu ashobora gukoresha zibiri canke zirenga. Ku bwiwe rero, igikorwa co gukoresha indangamuntu imwe mu Burundi kizoshoboka nibamara kuronka ya karata ndangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none (carte d’identité biométrique).

JPEG - 74.8 ko
Léontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko

Uwo mushikiranganji yaboneyeho akaryo ko guhimiriza abo bose batariyandikisha ko bobikora vuba kugira iyo ndangamuntu nayo izocike urupapuro rw’inzira, canke murekarengane, kuko bifitiye akamaro kanini abarundi na cane ivy’uruja n’uruza, haba mu rudandazwa canke abanyeshure baja kwiga. Ibikorwa vyo kwiyandikisha ku ndangamuntu nshasha bikaba vyatanguriye mu gisagara ca Bujumbura, ariko bikazobandanya no mu zindi ntara nk’uko tubimenyeshwa na Léontine Nzeyimana.

Tubibutse ko hadaheze ukwezi kumwe gusa umuvugizi wa Reta Filipo Nzobonariba amenyesheje ko ata na kimwe atacihutirwa kuko abarundi bazoba barakoresha impapuro z’inzira "murekarengane" (laisser passer) mu kwinjira muri ivyo bihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ibihugu vya Kenya, Ouganda n’Urwanda bikaba vyatanguye gukoresha ikarata ndangamuntu imwe mu kwezi kwa Nzero 2014. Uburundi na Tanzaniya akaba ari vyo vyasigaye inyuma.


Floxella Karire

Messages

  • None izo ndangamuntu nshasha zizotangwa kubuntu ko mbona abenegihugu nka benshi ari bantaho nikora ? Ico nsaba leta y’ Uburundi nuko yorondera abafasha ubundi kugira abenegihugu zaboronke izo ndangamuntu atangorane .

  • Reta nirabe ukungene yoyishira kugiciro gito kuburyo umunyagihugu wese ashobora kuyigura ngira murazi ahubukene bugejeje uburundi

  • uwavuga ubukene sindamutahura leta yontabwo ibona wakindugaramye abashingamateka bo ntibazobura kwiyongera kugira batangikoli.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.