Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’imigenderanire buremeza ko atakirahinduka mu gutanga (...)
Ubushikiranganji bw’imigenderanire buremeza ko atakirahinduka mu gutanga impusha zo kuba mu Burundi
jeudi 11 Ruheshi 2015
Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burabeshuza amakuru avuga ko yahinduye uburyo itanga Uburenganzira bwo kwinjira mu Burundi.,biciye mu buserukizi bw’Uburundi mu bihugu bitandukanye.
Nk’uko biri mwitangazo ry’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ryo kuwa 10 Ruheshi,2015,ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ayo makuru atangwa n’abantu hamwe n’ibinyamakuru bishaka kujuragiza abasanzwe bafasha Uburundi.
Ubwo bushikiranganji buhamagarira abasaba kwinjira mu Burundi bose,guca mu nzira zizwi n’amategeko,hanyuma bakima amatwi ivyo vyose vyotuma bitosekaza ubucuti buri hagati y’ibindi bihugu na Reta y’Uburundi,canke izindi nyungu za Reta y’Uburundi.
Messages
11 Ruheshi 2015, 10:49, par Imanasumuntu uwo mugabo yarinz yica uruyoya wunva arumuntu yahumiwe (...)
Itangishaka
11 Ruheshi 2015, 12:58, par muco
Ibihuha vyo bizoguma bihari tant que mwanse ko amaradios yugururwa!
11 Ruheshi 2015, 13:27, par roza kamikazi
none boba bavyifondeye nukuri nibitaba arivyo nibareke gukinisha imigenderanire nibindi bihugu kuko ntamuntu kwisi nzima adakeneye uwundi utari ikijuju.
12 Ruheshi 2015, 11:20, par Bucumi
Ego MUCO nivyo namba bashaka ko inkuru ziza arizo,nibugurure ama Radios bugaye none bashaka ibintu babikore atanumwe amenya nakimwe? Nibareke ibimenyeshamakuru bikore kandi navyo bivuga ayo vyatohoje,mwugaye amaradios mwibaza ngo mwugaye n’iminway’abantu?
14 Ruheshi 2015, 08:28, par renovat
ariko ababeshi we!!!! ariko namakungu nahagabire areke gukorera kumvugo zidafashe, aho babariza ivyigihugu barahazi, igihugu gifise inzego zizigiwe zumvikanyweko nabose nsinumva impamvu hari ibigwarudubi vyita mubitabaraba.
14 Ruheshi 2015, 23:07, par Chris
Nashaka guhanura uyu mushikiranganji y uko yokora ibishoboka vyose akavuga ukuri,igihe aheruka mu Bubirigi yaravuze neza ko atakuri afise kuko ivyo avuga vyose ari imvugo za politike.Nobamenyesha ko ikintu cose gifise intango kizogira n impera.Mu Burundi nta matora azohaba kuko ntashoboka.none muri cndd -fdd uwize ni Nkurunziza wenyene?Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka ,turiko turasenga kugira ivyo Imana ishaka ku Burundi Bikoreke.Ukuri murakubona gusa ,mushima kutiteranya na Boss wanyu,ariko impera ya FDD yageze kandi izoba mbi ,kuko Imana ntisinziriye.Amarira yose abavyeyi bari kurira azishurwa.MUzobona ibara reka kubesha ,ikinyoma ntawe cereye.