IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubutungane bw’Uburundi bwankiwe gusuzuma icishe Jacques BIHOZAGARA

Ubutungane bw’Uburundi bwankiwe gusuzuma icishe Jacques BIHOZAGARA

jeudi 31 Ntwarante 2016, par egide

Ubutungane bw’Uburundi bwari bwamenyesheje ko butegekanya gupima icahitanye ubuzima bwa Jacques BIHOZAGARA yahoze ari umushikiranganji mu Rwanda ajejwe gutahukana impunzi, aba n’uwuserukira Urwanda mu Bubirigi hamwe no mu Bufaransa, akaba yapfiriye mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri uwu wa gatatu.

Amakuru atangwa n’abegereye ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Uburundi amenyesha ko umuryango wa Jacques BIHOZAGARA wanse ko ibipimo vy’icamwishe vyokorerwa mu Burundi biteguwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane bwari bwamenyesheje ko buvyipfuza.

JPEG - 23.7 ko
Jacques Bihozagara

Jacques Bihozagara yafashwe kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2015, yagirizwa ko ari mu Burundi nk’umusumyi w’urusaku, akorera igendereza ry’Urwanda. Yabanje gupfungirwa mw’igendereza ry’Uburundi, mu nyuma atwarwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yapfiriye mu buryo bwatangaje abo bari bapfunganwe kuri uwu wa gatatu.

IGIHE

Messages

  • ubutungane bwuburundi nibugipime hama bahamagare abanyororo bagihambe kuko yaguye kubutaka bwuburundi, ntaukwiye kuza gutegeka ubutungane bwomukindigihugu ukuntu bukora ako nikagazusuguro. na ntaryamira yarasiwe murwanda nubu urwanda ntiruratubwira uko vyagenze....bibazako twavyibagiye. Bihozagara ntasumba agacira abahutu bomurwanda numuburundi bagandaguwe naKagame....

  • Mbebobi Shobora ?Ugwa NdaNdaye Nago Niryari Uwoni Wakomeye Ok

  • None Hari Uwupfa Hataragera? Nibamushingure Yiruhukire Nta Bipimo Bikenewe.

  • oh!!karabaye noneho uburundi n’urwanda nakare ntivyacana uwaka ivyahuha birahutse!

  • Birababajecane Kunvinkurunkiyo

  • MBE giti ko uzana abahutu bo mugwanda ntiwopfa ukipfana wa kirimarimewe mbega aho urabona ko bosubira muvyo bakoze mumi 94? nimba ari ugupimwa azopimwa kuko yarintwari yijunja nijambo.sinks nkurumbi namabagarira.

  • Icishe Abisi Ntibunva Nagirango Mbarire Kamaro Kwiyonkuru Yandiste Nareke Reta Yuburundi Yunvikane Nuwomuryango Wabuz Nimba Yandika Inkuru Ahaz Nahimbe Ahishe Nareke Kwita Mumwanda Nkisaz

  • Imana gusa niyo izi ukuri nayo politiques zo mw’isi zozo, n’ubwicanyi n’ibinyoma gusa. Umuhinga akwiye kwirondera Imana gusa nayo ivy’isi birashira.
    Ababipfa n’ababisangiye kandi rutwaye abandi rutibagiye n’abasigaye canke n’aboba barabikoze. Akaje ntikazira umwe!

  • Nibamusingure Kumupima Navyo Ntandwara Bamutora Ikiriho Uwomuryango Niwigumye Vyamavyabay Bareke Kutwambika Ibara

  • MBE KAGAME KO YIGIRA UMUNYABWENGE MBE KOYISHE UMUPEREZIDA WUBURUNDI KUGERA NINOSAHA KABATARAGUFATA NUKO UBONA UBURUNDI TWITONDA CANKE NAGASO MBOROTSO UWO ANAPFUYE KUBERA YARWAYE NAMWE NGO YARIYE ISHANO NTANUWO MURIGERA MUBONA KUVA 2015 MUGANGO YARIYISHANO ICONOHANURA URWANDA NUKUMENYA KWITONDA KUKO NKAMAKUNGU AVUZE NGUBURUNDI BWIHORE URWANDA NDAZIYUKO MWOBAMUGOWE NONE NKIYO MWEBWE MUFISE ABASIRIKARE BAKAZE GUSUVYA UBURUNDI TUBATWARAHUNZE NONE MURACASHIGAJE INTAMBWE NDENDE UMUKUWIGIHUGUCUBURUNDI ARWAMASENGESHO AJAMWO NTAGE NDERAMWO UBUSA ? RWANDA NARETA YARWO KWITONDA BIRAFASHA NATWE ABANA TURIKO TURAKURA TURABONA IVYO MUKORERA UBURUNDI BANDANYA MUZICUZA YARIMPANURO MURAKOZE.

  • Ubutungane bw’uburundi nibureke guhuma amasa abarundi namakungu Ngo bwankiwe gupima ikiziga birazwi ko aribobari inyuma ya nkurunziza nakarwi barikumwe mugutikiza inganda kuko umunyarwanda yiciwe muburundi suwo gusa nibeshe mbere nkurunziza nakarwi kiwe birirwa baririmba ko bazomesa ka kagame urumvako bihozagara atariwe bogera umutwe iyoyaba ubutungane bw’uburundi butacira inkonda buba bwabanje kurengutsa nkurunziza nakarwi kiwe kuko bamaze imisi basasika inganda kandi ubwobutungane buba buri ngaho burorera nimbere Yuko uwonyakwigendera bihozagara bamugandagura ahubwo nyakubahwa kagame yariyararahiye kwatazemera kwicara ngwarebere aho umwasi arinda kumwinjira aje kumara nakasigaye araraba uburyo yobigenza nahubundiho ndabona umengo ntibigiye koroha naho ivyobariko baritwaza ntaryamira nibihorere kuko turaziko mutamukunda mubivuga kubwinyungu zanyu nogushaka guhisha amarorerwa muriko murakorera abanyagihugu mugabo murayo maraso muriko muramena niho hagiye kuva itsinzi

  • ntakundi umuryango wihangane

  • Uwakwishe yogupima kabuki?resultat yotanga zirazwi

  • Bantu mwumva kandi mugaca ubwenge. Ibiriko bibera mu Burundi, nishano nagahomera bunwa. Reta Ya Nkurumbi nakarwi kiwe, nibaza ko boba barwaye mu mitwe. Kuko umuntu ufise ubwenge kandi akunda igihugu ciwe ntiyokora akazi ko kumara abanyagihugu. Abo Bafaransa babari inyuma, intego yabo kuva kera yamwe ariyo guteranya abavukanyi, kugira mumarane arivyo biriko biraba. Mumateka y;uBurundi n,u Rwanda; vyamye ari igihugu kimwe bagasangira akabisi nagahiye. Kuva aho abo bakoroni babazungu batugiyemwo baraduteranij; twirirwa turicana kurusha ibikoko. Mbe muravye ivyabereye mubu Faransa abantu baterenze 32 bishwe nabihevyi; amakungu yasemerey akabafata no mumugongo angana gute??? Aba nyaAfrica bicwa barenze 100000 buri ukwezi:bapfa n;indwano canke ibiza vy,ingwara bangana gute??? abazungu cank amakungu yirirwa abafasha murayo magume nibande??? Ubu indoto yabafaransa; bashaka gucishamo u Rwanda, Uburundi kuko Kagame yabiyamye nkinkozi zikibi zari inyuma ya Genocide. None ubu bariko bafata ibijuju vy,abayobozi nka Nkurunziza , n,akarwi kiwe; ngo u Rwanda rwabay umwansi???ubereka ko U Rwanda ari rubii ku Abarundi. Mbe mwaretse kuba ibijuju bigez,aho mugakoresha ubwenge Imana yabahay mumenye umwansi uwariwe???? Uyo mushiirangaji yatwawe ubuzima bwiwe; ico gipimo batapimye hakiri kare ntarinde gutakaza ubuzima bwiwe ubu niho cokorwa.
    Abazungu ntabwo badukunda mwa bijuju mwe; twe tubabamwo nitwe tubazi kubarusha!!!!! Reka reka iryo bara; kuko iyo muriko muricana; baba bibereye kumeza biryohererewe, agaseko ari kose ngo : Abany;Africa turi ibijuju; kuko ngo twicana ataco dupfa. Uwufis,ubwenge n;ajijuke. Uyo wica uno munsi azogutangurira, ariko nawe amaherezo uzopha!!!! Wabimenye ibi bikagurira akamaro????

  • aba d d iradusekeyeko twararanguy ayinkuba ! aratuberankayasake yandadaye pe.

  • Ko umuryango wiw wavyase ko bamenya icamwise ubwo nivyiwabo vyamwishe!ntakundi,agapfuy kabazwa ivu?

  • twese dusenyere umugozi umwe nkabavandimwe kandi nkabanyafrica,nikindi kandi twese twaremwe mwishusho rya yezu christu

  • Nibemere abahinga buburundi nabo mu rwanda baje hamwe mukutahura ivyahitanye uwo mushingantahe niho amadidane yose yohera

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.