IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE iriteguye guterera uburyo bwo gufasha gutunganya ibiganiro mu (...)

UE iriteguye guterera uburyo bwo gufasha gutunganya ibiganiro mu Burundi

mardi 15 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ryiteguye guterera uburyo bwofasha kugira ibiganiro bihuza abarundi vyobera i Kampala ku murwa mukuru w’Ubuganda bisubire kuba bihagarikiwe n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni.

Igihugu c’Ubuganda gisaba amafaranga yababa imiriyoni 2,5 z’amadorare y’abanyamerika kugira gitunganye ibiganiro vyobera ku murwa mukuru w’igihugu i Kampala.

Kuva habaye ibitero ku makambi atatu ya gisirikare kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko ryiteguye gutanga amafaranga yofasha mu gutunganya ibiganiro,ariko risaba ko ivyo biganiro vyohuza abarundi bose vy’ukuri.

Muri iyo ntumbero nyene,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika risaba ko ibiganiro vyojamwo n’abatavuga rumwe na Reta bahungiye hanze y’igihugu bahurikiye mu runani CNARED,naho nyene Reta y’Uburundi idashaka kwumva urwo runani ruvugwa.

Ibibazo vya politike biri mu Burundi vyatanguye kwibonekeza mu mpera z’ukwezi kwa kane,kuva bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azosubira kwitoza kurongora igihugu. Ivyegeranyo vy’amashirahamwe atandukanye bimenyesha ko abantu bababa 240 bamaze kwitaba Imana kuva hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.