IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE rihamagarira impande zose kwumvika uko ibiganiro vyobandanya

UE rihamagarira impande zose kwumvika uko ibiganiro vyobandanya

mercredi 30 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko kuba ibiganiro vyaratangujwe mu gihugu c’Ubuganda ari intambwe ikomeye mu guhuza imice itandukanye iba mu Burundi hamwe n’abanyepolitike.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe rya Buraya ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2015,iryo shirahamwe rimenyesha ko ukwitanga kwa Yoweri Museveni umukuru w’igihugu c’Ubuganda akaba n’umuhuza mu matati y’abarundi kwatumye ibikorwa vyo guhuza yatumwe n’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bija mu ngiro.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko kuba Reta y’Uburundi,imigambwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike vyaritavye ibiganiro,vyerekana ugushaka kwavyo kwo gutangura ibiganiro nyakuri.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ryisunze ibihe bibi Uburundi buriko buracamwo,rihamagiriye impande zose kwumvikana ingene ibiganiro vyobandanya,no gushika ku zindi ntambwe z’ibiganiro i Arusha muri Tanzaniya.

Mu kurangiza iryo tangazo,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko inyishu ya politike ariyo ishobora guheza amabi,kandi ko rizobandanya gushigikira utwigoro tw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko n’Ubumwe bwa Afrika dufise intumbero yo gukingira abanyagihugu no gukinga ko amabi abandanya kwiyongera.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.