Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukubeshuza kwa Reta y’Uburundi ku birwanisho vyahawe Imbonerakure ntikunyura (...)
Ukubeshuza kwa Reta y’Uburundi ku birwanisho vyahawe Imbonerakure ntikunyura bose
mercredi 16 Ndamukiza 2014
Mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike bavuga ko batangazwa n’ivyavuzwe na Firipo Nzobonariba umuvugizi wa Reta y’Uburundi, mu gihe bafata ivyavuzwe n’ishirahamwe ONU nk’insaku.

Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike FORSC asaba Reta y’Uburundi kudafata minenengwe ivyavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw’itangwa ry’ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD. Nshimirimana agasaba nyabuna ko hoba amatohoza y’abahinga kugira ukuri kuje ahabona. Ku bwiwe rero, akabona ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU atanyungu n’imwe yogira mu kwemeza ko ivyo birwanisho vyahawe Imbonerakure.

N’aho Reta y’Uburundi rero iriko iragerageza kubeshuza ivyanditswe mw’ibanga vyandikiwe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, ntibaranyurwa n’ukubeshuza gutangwa na Reta y’Uburundi, ahubwo bakemeza ko igihugu c’Uburundi ubu, kiri mu bihe bitameze neza. Ndetse abandi muri abo baserukira ibihugu vyabo, bakavuga ko bagiye gushikiriza n’abo ivyegeranyo ku biri mu Burundi.
Aristide Nizigire
Messages
16 Ndamukiza 2014, 15:10, par BUKURU ASMANI
Mbega nibande bavuga ko badaharanir’inyungu za Politique?abo ba HIMA ubu barafis’ico botwereka kitagenda neza?usomye neza kur’iki kinyamakuru IGIHE,abanditsi nka B.Augustin,Kaheze Uc ’ubona kw’batutsi nabo bafis’ivyo bagipfa n’ABAHIMA,kandi jewe ndabitekerezaho nkabitegera kuko vyose vyaba ndi mugihugu ninayo mpamvu atatintu gikomoka k’UMUHIMA nzopfa nshigikiye!ubu rero aboboooooose numva ngo baserukira za ONU nka Anyanga Onyanga wewe n’ingene nagiye kumusab’Ijob akanyomora ampoy’Amazuru,ukamengo ansumvya ryiza!ubu rero ndavye beeeenshi mubandika co kimwe n’Abo wumva baserukir’ibihugu vyabo bamwe bamwe, ntankeka biragaragara umugani wawa MUHIMA ko booooose bariko batur’AMANGATI ya démocratie nibaterez’akajisho mu RWANDA baheze bubahuke bajeyo,co kimwe n’uwo wese yumva kw ’at’amahor’afise mu BURUNDI
16 Ndamukiza 2014, 18:20, par keza
Bukuru weee mukumbuye mutabira?mu Rwanda ntaco mutari mwakoze ariko rab,ubu bapfuye biruka nkagahini abahutu ntimugirubwenge mukumbuy,ubuhungiro,arik,akakanya muribagiye kwashi mwahitiye murwariye mwishamba?erega abahutu kubaha ubutegetsi barabarenganya ubund,akazi kanyu karako MUGIKONI!
16 Ndamukiza 2014, 18:39, par YAKO
BUKURU ASMANI, aho urubahutse uravuga ko ibintu mu burundi bigenda neza ubwo uriko urarota canke urikanguye mwitiro ryagatangaza
Nagira ndakumenyesha ko ibintu mu burundi vyifashe nabi cane kubera Leta ya Cndd fdd , je ntabwoko ngwanya , je ngwanya intwaro mbi , yica abarundi , urazi abahutu ba FNL, UPD, aba MSD bahitiye bakerewe amazosi bagatabwa mu Rusizi no mu Ruvubu, no muri Tanganyika
Urazi ikigega ca Leta ubu aho kigeze kubera ubusuma bukabije bugigwa na leta ya Cndd fdd
Raba abana bu Burundi bo muri kaminuza aho bari ubu ? wari bwabone leta yugara kaminuza ariyo soko yiterambere namajambere
Raba ibiriko birakorwa n’Imbonerakure ubu zirica, zigakiza, zikabuza iyindi migambwe kwikora izuba ryaka
Raba ibirwanisho zifise kumwe kwinterahamwe mu Rwanda 1994
Raba ubukene abarundi barimwo , ubu uwutivye leta ngo ntakarye,n’impamyabushobozi, uwutari muri CNDD FDD ngo ntakaronke akazi kandi abifitiye ubushobozi, amacakubiri yimigambwe ni ntara? n’ubwoko nivyo Cndd fdd yatuzaniye
Akarenganyo kose gakorwa na Cndd fdd
Raba Agathon RWASA ivyo bamukoreye, raba BAMVUGINYUMVIRA ivyo bamukoreye, Raba inaga ishushe baremetse Radjabu, raba Sinduhije ivyo bamukoreye
Raba UPRONA ivyo bayikoreye
Raba abishe MANIRUMVA Ernest ubu baridegemvya
Raba colonel Vital BANGIRINAMA yafashwe ariko itemagura abahutu baba FNL, aterera mu ruvubu baca bamujana kumunyegeza TANZANIYA kugira ubutungane ntubumufate kandi abandanya ahembwa umushahara n’urwego rwiperereza
Raba ubutungane ayo bukora , ubu bucira inkonda aho gufata inkozi zikibi bafata abantu ataco bagirizwa
Jewe rero sindiko mvugira ubwoko nkawe je ndumurundi et d’ailleurs encore jeune ivyabaye mu Rwanda en 1994 ntavyo dushaka iwacu mu Burundi, ariko je suis totalement contre le régime en place du CNDD FDD pour toutes ces raisons que je viens d’évoquer ci haut, donc il faut un changement coute que coute Nkurunziza et sa junte des criminels et des corrompus doivent partir en Aout 2015
Nimba wanka ABAHIMA pfuma uvuga gutyo gusa , ariko ureke kuvugana amacakubiri ninzigo yakazikira kuko abahima , abatutsi , abahutu nabatwa ndetse nabanyamahanga muzokwama mubana ubabona kandi ntanahamwe uzobashira , uzonya intuntu gusa!!
Ngejeje aho ibindi nihanyuma,None aho!!! None aho urubahutse aravuga ngo mu burundi ibintu bimeze neza, aho ntanisoni wavyandikanye?
Parfait Onyanga nawe akora akazi kiwe , kandi umenye neza ko ata rapport atanga muri leta , afise amategeko agirako , rero ntunasubire kwibaza ko aremeka inaga ishushe leta ya Cndd fdd, kuko simusavyi wakazi , c’est un diplomate acrrédité et n’a pas de compte à rendre au gouvernement Cndd fdd en vertu du droit international public
16 Ndamukiza 2014, 19:25, par sisi
Aho rero vital karajaho kagashinya ubwo bwinyo ngo turaryohe!!ni kaze karafuka ubwo bwinyo kwanza karieke kuguma karehura iryo zosi mukugarukana amacakubiri
18 Ndamukiza 2014, 16:53, par mariya kabushemeye
ubwo ntasoni ga sisi vital n’umuntu aciye ubwenge, ahubwo ubwinyo bufise wewe...uraja ngaho mu kamenge ugatyoza abantu, erega ndakuzi. rindira abo mwibaza ngo nibo babakingira buca babata muri tanganyika. Komera vital ndagushigikiye abakwanka nabo bariyanka