Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukwishuza imishahara y’abasirikare bakukurutse n’abahoze ari abajandarume
Ukwishuza imishahara y’abasirikare bakukurutse n’abahoze ari abajandarume
jeudi 24 Nzero 2013
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Nzero 2013,uwuserukiira ihuriro ry’abasirikare «AMINA» mu mpfunyapfunyo y’igifaransa yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru.
Charles Katihabwa akaba yasavye ko hotunganywa ivyerekeye abasirikare bakukurutse no guha abahoze ari abajandarume imishahara baheraniwe.
Katihabwa aserukira iryo huriro yarerekanye ko igihe abo bakukuruke bari bakiri abasirikare, intererano batanga muri INSS yaharuwe hisunzwe itegeko nshikiranganji ryo ku wa 16 kigarama 1966, ryerekana ibiri mu bikoresho vyerekana imishahara, n’itegeko nshikiranganji ryo kuwa 1 ruheshi 2013 ryerekana ingene abasirikare bafatwa.
Ingaruka mbi z’ayo mategeko yakoreshejwe ngo akaba ari uko habaye igabanuka ry’agashahara k’abakukurutse mu gisirikare,akaba asaba reta ko ivyo vyokosorwa.
Sylvere Bavumiragira