Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugabo akekwa kuba ari Umunyarwanda yatorokanye yambaye amapingu ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugabo akekwa kuba ari Umunyarwanda yatorokanye yambaye amapingu ku (...)

Umugabo akekwa kuba ari Umunyarwanda yatorokanye yambaye amapingu ku maboko

samedi 20 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugabo bikekwa ko ari Umunyarwanda yari yafashwe, yaciye mu ryahumye abaporisi b’Uburundi kuri uwu wa kane, ahungira mu Rwanda yambaye amapingu.

Ababonye ivy’uwo mugabo yahunze bavuga ko yari yatawe muri yompi n’inzego zijejwe umutekano mu ntara ya Cibitoke ku wa gatatu igenekerezo rya 17 Myandagaro, nk’igihe c’inyuma y’isaha zitandatu z’umurango, akaba yafatiwe ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda. Uwo mugabo agifatwa yaciye yambikwa amapingu, atangura kubazwa ibibazo, bamwiketse ko ariko akora igendereza yatumwe n’Urwanda.

Mu gihe yari mu muduga bamujanye mu gasho, yaciye asimba, atungwa n’ayo yameze, abari bamufashe bamujako, ariko arabasiga.

Inyuma yo kubasiga akinjira mu Rwanda, abari bamufashe basigaye baramutera amabuye gushika n’aho bari batakimubona, nk’uko bivugwa n’abari hafi y’aho vyabereye.

JPEG - 81.7 ko
Abari bamufashe basigaye baramutera amabuye gushika n’aho bari batakimubona

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.