IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD-FDD wanse kwitaba ibiganiro imbere y’amatora

Umugambwe CNDD-FDD wanse kwitaba ibiganiro imbere y’amatora

mercredi 24 Ruheshi 2015

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ata biganiro uzokwitaba,imbere y’uko amatora ategekanijwe mu Burundi arangira.

Mw’itangazo ry’uwo mugambwe ryasomwe n’umukuru w’umugambwe ku rwego rw’igihugu, umushingamateka Pascal Nyabenda,amenyesha ko ivyo biganiro bije kubasamaza no gutesha intumbero y’amatora.

Pascal Nyabenda avuga ko uwo wese yaba umurundi canke umunyamahanga,agomba guhagarika umugambi w’amatora,mu mugambwe CNDD-FDD bamufata co kimwe n’abagomvye gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama,2015.

Mwomenya ko ibiganiro vyari bitegekanijwe gutangura kuwa kabiri igenekerezo rya 23 Ruheshi,mu nyubakwa z’ubuserukizi bwa ONU mu Burundi, ariko Reta y’Uburundi n’umugambwe CNDD-FDD bakaba batavyitavye. Eka mbere, ivyo umugambwe CNDD FDD ukaba ubishikirije, mu gihe n’umugambwe UPRONA ishami ryemewe n’ubutegetsi ryari ryavuze nk’uko.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Hahahaha!!!! kuberiki nn kandi?

  • WIBAZA KO URIMANA AMARASO URIKO URANYA YABANDI BAZONYWA AYABANA BAWE NASO NANYOKO NABENEWANYU AHO UKUNDA INDA UZOYIZIRA VUBA MBWANGO CHENI TSINDWA KWIZINA RYA YESU

  • komera namw nimwerekane komuri abagabo baheb kubafata nkabana bazana ibiganiro amatora ashaka kuba bashaka kudusamaza kugira amatora ntabe ahubwo haras kuger le29 amatora ab tuyarindirany igishika cisha ramba

  • mugiye mwahinyuka.makamba abapolice barara baratwiba kirundo ngutansomeje ndatera grenade. ngontibakirya kubera amakungu yabafatiye ibihano.none nawe urimusavye umuhuza none ngontimuja mubiganiro?mwanka ko ubusuma mwahejeje kwiba amatora vyoja ahabona?yooo! murapfuye nabi.twarabimenye ntahobizobageza.naho muguma mwiteza amagrenade ngomwampike iceyi abomutavuga rumwe. ntaho bishika.

  • EWE NYABENDA NABO MURIKUMWE AHO MURIBESHE NONEGA UBWO MURAZI UN ICARICO? ENDA BASHA NIMUKUNDE MUHANUGWE KUJA MUMATORA SICO CIHUTA ICIHUTIGWA NUMUTEKANO KURI BOSE MUKUNZE MUKAYAGA AMATORA YOSHAKA AKABERUMUSUMWE MWEBWE RERO BIRABANANIYE KO MWANE KWUMVIRA ABAZUNGU KUKO NIBA MUTABIZ NIBO BICA BAGAKIZA EWE NKURUNZIZA NA NYABENDA NA NABARINYUMA YANYU KUNDA MWEMERIMPANURO ATARAHO KARABAHERANA

  • mugiye mwahinyuka.makamba abapolice barara baratwiba kirundo ngutansomeje ndatera grenade. ngontibakirya kubera amakungu yabafatiye ibihano.none nawe urimusavye umuhuza none ngontimuja mubiganiro?mwanka ko ubusuma mwahejeje kwiba amatora vyoja ahabona?yooo! murapfuye nabi.twarabimenye ntahobizobageza.naho muguma mwiteza amagrenade ngomwampike iceyi abomutavuga rumwe. ntaho bishika.

  • NYABENDA WE UKUTAGENDA MUBIGANIRO KURIMWEBWE NIVYO GUSA YABA HOBONEKA UWOTERA UBURUNDI ABARUNDI 86% BOVYISHIMIRA ABAGORE 69%NTIBE MERA NKURUNZIZA NABA DD NTIBAMWEMERA GUSA NUKO INDA ARIMBI GUSA UGIRA ABA DD BAHUNZE NTIBARIBO NIMWUMVIKANE NAHUBUNDI UKURI KUZA GARAPARA HEBA KWITOZA SHIRAMO ADORF CANKE NDAKUGARIKA

  • Ariko gayemwe abapoliticiers muragoy kk mutumvikana mwibazako mutazogisiga turindire musaze muga muzodusigira iragi ribipee!

  • Ahubwo abiyita abogutunganiriza abandi nibobasigaye barabaye ibitazi, nigute bukwubahuka kuvaga ibikorwa vyamatora nibiganiro kandamatora yamaze gutagura? Injavyi zirateye isoni. Please ibiganuro nyumayamatora namatora yomuri 2010 ntiyemewe nabose, ayamatora arakorwa hanyumaheze welcome to ibiganiro.

  • TURAGUSHIGIKIYE MUTAMA ABO NABADUSAMAZA KANDI ABO BANTU BASHIKIRIZA IVYIYUMVIRO VYABO MU MAJAMBO YO GUTUKANA NTURAMWIYAMIRIJE.

    AMATORA NABE HANYUMA HABONEKE INZEGO TWITOREYE.MERCI NYABENDA KOMERA KUMUHETO

  • NAMWE NIMUBEREKE KO MUTOROSHE,KUKI BANZE UMUHUZA WA MBERE? BO KUKI BANGAGA KUJA MUBIGANIRO BAKAJYA MURI MANIFESTATION NO MURI COUP D’ETAT? MWE NIMUJE MUMYIYAMAMAZO KURONDERA AMAJWI. MWARATAYE IGIHE KITARIGITO.

  • NIBISHINGE KUJURAJURA BAZOBA BARAMOKA

  • Gutunganiriza Bose Niyongendo Nziza Yoshikana Abarundikwiterambere Rirama Gusa Biciye Mukuganira Hatabaye Ukwikunda Kuribose Amatora Yabose Yizewe Nabose Abarundibose Bakayitaba Amaradio Akururwa Ntigire Ubusuma Kuko Ntakicaro Ubusuma Bufise .Ataruguta Urwaruka Mumanga Ukwizerwanabose Nivyovyiza .

  • NTAKAMARO.KARIMUBIGANIRO BIJE KUDNDIZA AMATORA BAR

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.