Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD FDD wasavye ivyo ONU isanzwe yaremeye gukora
Umugambwe CNDD FDD wasavye ivyo ONU isanzwe yaremeye gukora
mercredi 2 Ntwarante 2016, par
Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wagumye uvuga ko mu Burundi hari ibinogo vyinshi bihambwemwo abantu benshi kuva kera ariko amakungu akaba atigeze ahaguruka kugira afashe kurondera aho ivyo binogo biri. Uwo mugambwe wasavye ushimitse ko amakungu yofasha kugira ukuri kuje ahabona.
Uwo mugambwe wasavye kandi abantu bose boba bazi ahari ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuherekana. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uwu wa gatatu, wamenyesheje ko ahoronderwa ivyo binogo ari cane cane mu makaritiye muri uwo mugambwe bavuga ko yabereyemwo imigumuko ariyo Mutakura, Cibitoke, Ngagara, Musaga, Nyakabiga na Jabe.
« Aha ntitwokwibagira abagandaguwe bose mu gihugu igihe Prezida Melchior Ndadaye yicwa bunyamaswa. Eka n’abahoze batwara igihugu c’Uburundi nka Petero Buyoya na Yohani Batisita Bagaza basabwe kubwira Umugwi ujejwe Ukuri no kunywanisha Abarundi CVR ahari ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuko kuva Uburundi bwikukira barahazi. »
Muri iryo tangazo ryasomwe na Daniel Gelase NDABIRABE umuvugizi wa CNDD FDD, basavye Petero BUYOYA hamwe na Yohani Batisita BAGAZA bompi bahoze barongoye Uburundi, ko bokwerekana ahahambwe abana b’Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Umushikirangoma wa Mbere Petero Ngendandumwe, Umwami Ntare V Charles Ndizeye n’abandi bantu isinzi.
- Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD
Umunsi abahinga b’Ishirahamwe Mpuzamakungu bajejwe gutohoza ivy’agateka ka zina muntu bashika mu Burundi kuwa 29 Ruhuhuma 2016, ikinogo gihambwemwo abantu benshi carabonetse ku Mutakura, cerekanywe n’umwe mu biyemerera ko bahamvye abo bantu. Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wababajwe cane no kubona hari ikinogo c’imetero 12 cahambwemwo abantu barenga mirongo itatu. Kubwa CNDD FDD, nta kindi ubwo bwicanyi bwari bugamije atari ugusenyura uwo mugambwe n’Ubutegetsi buwukomokako
Umugambwe CNDD FDD wakariye bamwe mu bamenyeshamakuru
Iryo tangazo rya CNDD FDD rivuga ko abahinga ba ONU muvy’Agateka ka zina muntu bategerezwa kumenyesha Abarundi n’Amakungu abamenyeshamakuru mvamakungu bose baje gukorera mu makaritiye muri CNDD FDD bita «ay’abagumutsi kuva muri Rusama 2015», kuko kubwa CNDD FDD, birumvikana ko abicwa bicwa babona, bagahambwa babona, abamenyeshamakuru bafotora.
Uwo mugambwe uvuga ko wagumye ubibeshuza, uti : « None biragaragaye ko abo bamenyeshamakuru bambika iceyi inzego zijejwe umutekano mu makungu. Mbega abo bamenyeshamakuru mvamakungu ko birigwa muri ayo makaritiye ko bari barabihoze kandi womengo bari babizi? Ubu rero, ikinogo co ku Mutakura ni icagirizo ku bansi b’Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo. Amarementanya y’ububeshi yose agiye kuja ahabona kandi ababifisemwo uruhara bose mu minsi iheze bavuga ngo bariko baharanira ugukingira Ibwirizwa nshingiro n’Amasezerano ya Arusha bazomenyekana bongere bashengezwe mu butungane. »
Paul KAGAME yasubiriye kwagirizwa
Mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi bavuga ko ivyaraye bibaye vyerekana ko Paul Kagame umukuru w’igihugu c’Urwanda abifisemwo uruhara, bakamwagiriza ko yahaye imyimenyerezo ya gisirikare impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda.
Umugambwe CNDD-FDD wasavye ko amakungu yofasha kugira ukuri kuje ahabona, mu gihe Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamenyesheje ko ryipfuza kurungika mu Burundi abahinga bigenga, kugira bafashe ubutegetsi bw’i Bujumbura mu matohoza kuri ivyo binogo vyoba vyahambwemwo abantu barenga ijana mu kivunga, bikavugwa mbere ko hoba hari n’ibinogo kimwe coba kiri mw’ikambi ya gisirikare.
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu, Ivan Simonovic, yamenyesheje ko naho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yashizeho umurwi w’amatohoza, ko bikenewe ko abahinga ba ONU boshika ahavuzwe ko hari ivyo binogo, bikugururwa, ONU igasaba ko abahinga bayo boba ariho bari, ONU igatanga n’abahinga muvy’ubuvuzi bemewe n’amategeko (Experts médicales légales).
IGIHE
Messages
2 Ntwarante 2016, 12:06, par Signorina
Hallelua Mana yacu, ni vyiza gose CNDD-FDD ivyomuriko murakora kugira ngo ukuri kuje ahabona hanyuma abagirizwa ubwo bwicanyi butagifise icicaro mu Burundi bahanwe maze. Hanyuma ni vyiza ko mwashize ahabona ko Paul Kagame abifisemwo uruhara kanatsinda nivyo yamyemwo kuva na kera yirirwa atera ibihugu vyibibanyi hanyuma bamutorere igihano Mpuzamakungu ki mukwiriye.
Mu kirundi bavuga bati: ugutwi kw’ impene kunva aruko kokejwe.
2 Ntwarante 2016, 12:32, par che
En tout cas on aura tout entendu et surtout ça m’aurait etonné si vous aviez fini sans mentionner Son Excellence le President Rwandais! Un gouvernement qui n’assume pas ses actions et qui tournent sa langue comme bon lui semble sans se soucier de tourner en ridicule aux yeux du monde. Hier vous disiez qu’il n’ y avait pas de fosses communes mais voilà qu’aujourd’hui vous criez haut et fort qu’il y en a, evidemment avec un explication digne de vous!! Franchement, ces jours au Burundi on excelle beaucoup dans les conneries et la stupidité qu’on ne s’en rend meme pas compte ou peut etre qu’on est completement dépassé par nos proppres actes qu’on ne sait plus quoi dire ou faire. Que le Bon Dieu nous aide et protege notre pays.
2 Ntwarante 2016, 12:39, par umugabo
Yaaaa Gelase ntasoni ufite ubeshwe n’abana ubyaye kweli ushobora kuba uzi gusoma gusa kko ubaye ubitekerezako wakabaye ubakosora.Naho Kagame mu mureke,Darius acungera he (abibazwe)?Mbonimpa yigeze akora DNA verification before making a confirmation.Ahubwo Fatu Bensuda ategure gufatwa kwanyu.
2 Ntwarante 2016, 12:43, par umugabo
Yaaaa Gelase ntasoni ufite ubeshwe n’abana ubyaye kweli ushobora kuba uzi gusoma gusa kko ubaye ubitekerezako wakabaye ubakosora.Naho Kagame mu mureke,Darius acungera he (abibazwe)?Mbonimpa yigeze akora DNA verification before making a confirmation.Ahubwo Fatu Bensuda ategure gufatwa kwanyu.
2 Ntwarante 2016, 13:15, par jmv
ubuse niho mwibutse gukora ibyo byose mwe bayoboye uburundi uno munsi muziko mumaze imyaka icumi ntimwigeze mugira icyo muvuga muriyo myaka icumi icyo nikibereka ko muriho mushakisha ibirego kubayoboye uburundi cyera kugirango mujijishe amahanga isi yunomunsi itandukanye niyicyo gihe nimuhame hamwe akanyu kashobotse.
2 Ntwarante 2016, 13:27, par nizeyimana jm
manatabara uburundibugeze,ahoshetani,ashaka.aho,umuntu ahunga,igihugucamavukokubera,indambidufite.
2 Ntwarante 2016, 13:33, par NYABA
MWARATEVYE IYO MWEMERA KARE AYOMATOHOZA YIGENGENGA AMAKUNGU YAGOMBA KUYAKORA MUGACA MUSABA BAKABANZA AYABACU BISHE KURI MICOMBERO NA BUYOYA ABACU BAPFUYE NIBOBESHI ARIKO BASHOBORA KUBABWIRA KO MWACEREWE KUVA MUTANGIYE GUTWARA BURYA SIVUBA MWAKUNZE INDA MWIBAGIRA AMAGOGWA TWABONYI NICAYADUTEYE
2 Ntwarante 2016, 13:49, par Marmaris
Izi ngorane ziri mu karere k’ibiyaga bigari zizohera aruko Paul Kagame n’abarwanyi biwe bazoba batakiri muri ako karere kandi womengo hari Abahanuzi babanyarwanda babivuze.
Ivya Paul Kagame bizohava bihera nkivya SADAM HUSSEIN.
Koyihaye gutera Uburundi kumugaragaro umwisho wiwe uregereje, Uburundi bwa
Ntare Rugamba ntibuvogerwa, kirazira.
Kayumba Nyamwasa naba aritegura umuzo wiwe.
2 Ntwarante 2016, 13:51, par Iribuka
Jewe ndumiwe numusazi ntiyokwubahuka kuvuga ivyo murazi kurementanya ariko kubika isiri vyabataye kuwamazi,muti turabe abashonji b’imburakimazi tubahendeshe udufranga bigire ngo barishikanye duce dutegura amatangazo mbega wambwa we ndabirabe uriyumvira ko mwe na nyabenda na nkurumbi arimwe mufise ubwenge ,barundi nguko ukuri kuragiye ahabona kuri zambonerakunya ziyita ngo zirishikanye ico vyari bigamije kiramenyekanye
2 Ntwarante 2016, 14:10, par nina
Hahaaaa ukurikugiye kwajahabana nibasake ivyobinogo mwayo ma karitiy Hama kagome aze yegeranye imitwe yabishw atware murwanda yongereze igitigiri aze arereka amakungu KO abatutsi bahony bakagesera .kuko nibirwanisho bakoresha bizanana murwanda.
2 Ntwarante 2016, 14:10, par Nkenguburundi
Eweweweeeeeeeee! N’ubundi abarundi twaramba. Amatohoza natangure vyihuta tubereke ibinogo vyinshinshi bihambwemwo abantu benshi. Guhera 1972 Birazwi ntakinyegezwa. 1988 ibinogo Buyoya yarunzemwo abantu turabizi, 1993-2003 Ahagiye hahambwa abantu benshi turahazi. Turakemneye ubuhinga bwo gushira ahabona ivyobinogo vyose.
2 Ntwarante 2016, 14:26, par lILIi
ibya CNDD BYAGARAGAYE NONE UBWOBA BULIMO GUTUMA BAVUGA UBUGORYI. iminsi YIGISAMBO NI 40.
2 Ntwarante 2016, 14:37, par cuma
nibagumehamwe.imfyisi,igutwararumusembe,ikagutangakuraka.ntibitwaze,ivyirindwinakabiri. kiryacibutsocokurikominempanda.ntihicubwoko,ubutegetsibubmbebajekwihoracanjebajegukurakarenganyo.
2 Ntwarante 2016, 14:59, par KIZITO JIMMY
Voilà votre pasteur,le président nkurunziza cequ’il a commandé faire.attention à vous les protestants!tuerie extra-judiciaire!!!!!!!!!!!!!
2 Ntwarante 2016, 19:31, par umunyarwanda.com
Uburundi bworoshye gutwara, ibigugu nibyo bishyikiriza ibyuyumviro bishigikira uburofa nkubwo, ese muri CNDD habuze umuntu uzi ubwenge? Hahahah, kombona abo bahinga abahaye akazi kenshi bazagaheza kandi bari bafite akandi kabazanye boherejwemo? ikindi kandi abazungu ntubitiranye bazi ubwenge bwiiiiinshi, ntaco mvuze muzobiraba. Gusa le probleme nuko harimo umu southern kandi ninsoma mbike na Nkuru.
2 Ntwarante 2016, 21:50, par Mugisha Lucky
ok!nous avons besoin la réelite,je vous remercie les autorites du burundi pour cette enquête.
3 Ntwarante 2016, 00:28, par Belly
none ubu baba dd ntibahinyutse!!aho ka NDABIRABE Wosigura gute abantu nkabo bopfa bishwe nabandi atari aba DD hari igisirikare nigiporise ntibimenyekane ngobatabare.mugiye guhinyuka sha!
3 Ntwarante 2016, 03:13, par Me
Abobagabo kobatanguye kudegedwa? nibarindire ntiharagera, burya Peter arabahenda mukaja kunigagura abantu, akataraza karinyuma.
3 Ntwarante 2016, 09:22, par ernest
MBE aho ndabirabe avugakuryo agovye kutubwira ko umuntu wese yabaye umukuru wigihugu c’uburundi aca angana numwicanyi nibaruko urumvako yihenze yari guhera kurishebuja kuko niwe tubona yasumbije ubwicanyi abamubanjirije kuko ubwicanyi akora ntaho bwaribwigere buba kuva uburundi bwakwitwa uburundi
3 Ntwarante 2016, 10:12, par fdn
umuntu yiyitwa ernest nakomeye yobaza abantu bafuye 1993 mukamnege nomukinama 72 ntenga marangara biraboneka ko arumwana ubu naho muzza murica abantu
3 Ntwarante 2016, 11:10, par Niki
Ego kabisa Peter Nkurunziza nawe ace yerekana abomwishe guhera muri 1993!!! N
3 Ntwarante 2016, 11:46, par nzovu
@ Igihe.com
Kuki mudatambutsa message zanjye, mukareka izirimo ibitutsi byinshi, amagambo yuzuyemo ivangura amoko, niba nta moral line mugira muri ethics za site yanyu ntacyo muri gufasha abarundi. Muzakore % za message zabo zituka u Rwanda kandi mukazireka zigatambuka. You either do professional journalism or you get out of the business. Ntacyo gusoma site yanyu bimariye abantu.
3 Ntwarante 2016, 11:49, par ndabirabe
eka nibihendwa abana nyene.gelase wobaza gute aba president ivyabaye bataribwatware?canke niterabwoba muriko mubagirako?imyaka batwaye ntibagikangwa.gusa ndazinabonyene abo bakuru bibihugu ntibera ariko ntibobazwa ivyo mubagiriza bataribwatware.
muncamake mbona kwarigutumutwe
3 Ntwarante 2016, 13:12, par ngowenubusa
Muri 95 barishe datawacu. Nubu ntaco twatoye; hamwe mwotora ibisigarira vyiwe mwobitumenyesha. Yishwe n’umuntu yamuhaye lift ku kinga aca amukatishiriza mugashamba ngo amwicisha ibuye rinini yamukubise mu mutwe.
3 Ntwarante 2016, 18:32, par None?
@ Nzovu, urazobanza ukosire baryabamenyeshamakuru biwanyu boku gihe.com bitora bakiyandikira bakokeza kubijanye nuburundi , ndakubaze, urigera ubona ababamenyeshamakuru bandika ibintu vyogukokeza nurwanda?
3 Ntwarante 2016, 20:50, par Simeon
Ha ! Akataraza Karinyuma Uhoraho Imana Igiye Gushira Ahabona Ivyihishije.
4 Ntwarante 2016, 06:26, par heé
igihe mwahereye mwagiriza urwanda izo mpunzi zabarundi bazimenyereza he?oh ubwo murashaka ngo precident w’urwanda agire ishavu abirukane mubone abo mwica urwanda ntirukangwa muzehe korera imana gusa niyo izaguhemba
4 Ntwarante 2016, 06:39, par turaje
muzopfa muvuga paka u Rwanda ruzasigara aru Rwanda na HE p. kagame arashitsa kubanyagihugu ibikwiye nawe wiyita none ntawe ushobora guhenda kuko twamenye ko uri interahamwe yawe indaro na peter, imyaka 21 iraheze muyerera mu mashamba , uzaza nabi tuzaganira kd nuzaza neza tuzaganira , peter nawe arasabwe kwerekana abantu yishe akiri mwishamba ryikibira kuko byose birazwi.
4 Ntwarante 2016, 11:23, par mibambwe
Ariko abarundi mwamenye neza ibibazo byanyu maze mukanamenya uko mubikemura ndetse mukanifashisha u Rwanda rukabafasha kuko rubarusha uburambe mu gukemura ibibazo, mwigira u Rwanda nyirabayazana w’ibinazo byanyu pe! njyewe ndi umurundi nakuriye mu Rwanda ,abavyeyi bange ni abarundi pur ntabwo nishimira kumva amakimbirane mu bihugu vyange ( u Rwanda n’u Burundi) mureke dufatanye turi umwe.
4 Ntwarante 2016, 11:56, par nzovu
@ None
Ntabwo uzigusoma ibyo nanditse? cyangwa ntushaka kubyumva? Nabwiye Igihe.bi ko batari abanyamakuru b’umwuga kandi navuze impamvu. Niba bareka wowe NONE ibintu wandika birimo gutukana n;amagambo yuzuye urwango bakabireka bigatambuka ku nkuru 5 buri munsi kurubuga, urumva bazi icyo bakora? Cyereka niba igihe.bi aricyo bayishiriyeho( gutambutsa ibitutsi, ivangura moko wowe n’abandi mwirirwa mwandika)
Ubwo baretse iriya message nanditse igatambuka, ubanza batangiye gusobanukirwa.
4 Ntwarante 2016, 23:06, par m
Ubwo bibaza kwabantu aribijuju icokinogo kivurwa cimetero cumi nazibiri cahabwemwo abantu beshi kumutakura, kirimpande yi pozisiyo ya basirikare none abo bantu bavurwa na ba DD bacivye abasoda bagiyehe? abobagihabwemwo bishwe nuwo mugabwe uri kubutegetsi bafatanije ni kisirikare niki porisi. ntivyumvikana koharumuntu yoza kwimba ikinogo nkico impande yi pozisiyo, uwo muvugizi nawe turamenyereye ivugo yiwe ntakuri kuri muriwe hamwe numugabwe wiwe. twarabahinyuye.
4 Ntwarante 2016, 23:33, par ngabo
Imfashanyo musabisha urwanda ntazo muzabona ahubwo reka muri USA hajyeho umurepiblican naduke mwari mukibona muzatubura bo batanga investment not charity ibihugu nkuburundi rep central bizahita byibagirana muri media nabwo nimugira amahirwe ntimushyirwe muri embargo kuko na EAC ntacyo izaba ikibamariye muzacuruza amandazi numusururu ndabarahiye
5 Ntwarante 2016, 00:50, par None?
@ Nzovu, ivyo nyene nivyonakubwiye nti rekatotosora abandi kandinawe utitosoye canke mumasoyawe harimwo ingiga yigiti. Umva yuba uruyundi ubawahereye ku Igihe.com kikagabanya kuguma kizimera reta yuburundi muburundi murirusangi (gukokeza) ariko twebwe turashimira Igihe.bi kokitazomera ngogikokeze kubwomurwanda bahisemwo kuvyihoza nihaba hariho icowocagiriza cavuze kubijanye nurwanda kivyavyandika conyene ubwaco urazokivuga , ariko Igihe.com mengo cotanguza intambara mu Burundi.
5 Ntwarante 2016, 06:38, par didas
@None: ntabwo wowe uri umurundi uri umunyarwanda wandika ikirundi ushaka kujijisha gusa reka nkwibutse ibintu 3 tuziranyeho:
1. Genocide iyo irangiye abayikoze bahita batangira kuzerera nka bene gahini bashakishwa uruhindu
2. niyo bagize ahandi bahurira ngo biyegeranye baratsindwa (eg: inkambi yamugunga)
3. abayiyoboye imitungo baharaniye kubona basaza bayirebesha amaso kandi ntayo baryaho
NB: komeza ubeshye abo murikumwe batazi iyo bigana ariko wowe urahazi neza kugirango ubone aho uba urahengetse umusaya nkuko satani abeshya abamuri inyuma azineza ko azarimbuka
7 Ntwarante 2016, 15:43, par None?
Wewe Didas, ivyuvuze bihuriyehe nivyonavuze!? Ivyokuba ndumurundi canke umunyarwanda nijendabizi wewe ntibikwiye kukuraza bishinga, gusa ya ideology yabamwe murimwebwe abatutsi yokubona umuhutu mukacamubona aruwokugirirwa nkivyomwagiriye abahutu baribahungiye nurwanda iguma ibakurikira iyoningwarambicane uwabenyereye gutungwa nokunwa amaraso ntashaka kwumva uwumubwira atigezaho. Ikindi wabimenyegute kojewe ndumuhutu? Yewe mutitondeye ivyiburundi bizobasiga kure uwoshaka yokwirinda umututsi, umuhutu, umutwa wi Burundi , abobose mubona ngahomuseka nothing to say now about .......
27 Ntwarante 2016, 07:06, par NDI BUKURU VIAN
IRYO NIREMENTANYA RYUMUGABWE CNDD MURIBIMWEBIMWE
27 Ntwarante 2016, 07:07, par NDI BUKURU VIAN
IRYO NIREMENTANYA RYUMUGABWE CNDD MURIBIMWEBIMWE
27 Ntwarante 2016, 07:09, par NDI BUKURU VIAN
IRYO NIREMENTANYA RYUMUGABWE CNDD MURIBIMWEBIMWE