Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe Hafsa Mossi yakomokamwo wasavye ko amatohoza yokorwa
Umugambwe Hafsa Mossi yakomokamwo wasavye ko amatohoza yokorwa
vendredi 15 Mukakaro 2016, par
Umugambwe CNDD-FDD usanzwe warimwo umushingamateka Hfsa Mossi aheruka kugandagurwa umenyesha ko uteye ivyatsi abakoze ubwo bwicanyi, ukaba wasavye ko inzego zibijejwe zokora amatohoza kugira abo bicanyi bafatwe, bashengezwe bongere bakubitwe intahe mu gahanga.
Uwo mugambwe wasavye Abarundi bose kudacika ivutu, bongere bagume bafatanye mu nda
ITANGAZO NO 012/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 14 MUKAKARO 2016
1. Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe aho wumviye inkuru y’umubabaro y’igandagurwa ry’ umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka y’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko EALA, umupfasoni Hafsa MOSSI yagandaguwe n’abicanyi kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016 mu gitondo, muri Karitiye Mutanga Nord, kw’ibarabara Nyankoni muri Zone Gihosha muri Komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura ;
2. Umugambwe CNDD-FDD urateye ivyatsi abakoze ubwo bwicanyi, ukaba usavye ko inzego zibijejwe zokora amatohoza kugira abo bicanyi bafatwe, bashengezwe bongere bakubitwe intahe mu gahanga. Umugambwe CNDD-FDD urasavye Abarundi bose kudacika ivutu, bongere bagume bafatanye mu nda kanatsinda ugutsinda umubabaro, ukwigumya no kutihorahorana nivyo bishikana ku ntsinzi, ivyo navyo bikaba bitanezera na gatoya abansi bipfuza intambara no gusesa amaraso y’abana b’Uburundi;
3. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje umuryango w’Umushingamateka Hafsa Mossi, abo bakoranye bose kw’iradiyo nkuru y’igihugu, muri radiyo BBC, mu bushikiranganji bwo kumenyesha amakuru, mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko, mu biro vy’umukuru w’igihugu no mu nama nshingamateka y’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, eka mbere n’abari mu muhari w’Abakenyererarugamba bo mu mugambwe CNDD-FDD ;
4. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gukenguruka ibikorwa vyiza vyose Umushingamateka Hafsa MOSSI yakoze mu guharanira y’uko inyungu z’Uburundi mu muryango w ‘ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko zubahirizwa na cane cane muri ibi bihe bidasanzwe Uburundi buhitiyemwo ;
5. Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwirengagiza no kumenyesha ko Umushingamateka Hafsa MOSSI yari umupfasoni w’ijunja n’ijambo, yakoze yitanga atiziganya kugira Uburundi bushobore kwinjira nyezina mu Muryango EAC nabo Abenegihugu baharonkere akoyokwe. Yari mupfasoni arajwe ishinga no kubona Uburundi butera imbere ku rugero rumwe n’ibindi bihugu vyo muri uwo muryango ;
6. Umugambwe CNDD-FDD urangije rino tangazo ushimira Nyakwigendera Umushingamateka Hafsa MOSSI ku bintu vyose yaranguye mu guharanira amahoro n’iterambere ku gihugu. Aho ari niyakirwe neza kubera ivyo yaranguriye bagenzi biwe igihe yari akiri mw’Isi nivyo Imana izoherako mu kumuha ikibanza c’iteka kimukwiye mu bwami bw’ijuru.
IGIHE
Messages
15 Mukakaro 2016, 09:24, par Nkurumbi Ikiziga
Amatohoza FBI iyakore kuri nkurumbi niwe yamwishe.
15 Mukakaro 2016, 09:30, par tari
Akabi gasekwa nkakeza none muzoheza mwifate
15 Mukakaro 2016, 13:11, par SIBOMANA
AHUBWO NAMWE MWABADEDE BABACUNGE KUKO NTAMUNTU NKA AFUSA MOSI TUZI ICO YAMAZE YOGANDAGURWA HAKABURA UWUMURWANIRIRA MBEGA NTANGABO ZAMUCUNGA? NTURASAVYE ABITWA KOMUFISE IJAMBO MURI RETA KOMWOFATA INGINGO KUBATEGETSI BACU MUKAHA BABACUNGIRA UBUZIMA NIBURI BURI BANE KUMUTEGETSI KANDI IVYIYUMVIRO VYANZE NAMA NATANZE SINZI KOMUTABIBONA CANKE NDASAVYE NIMBA URUMUDEDE USOMA WINDANI YOSIKANA IYINKURU NAYAHANDI ABASI BUBURUNDI BARABAMARA
15 Mukakaro 2016, 15:01, par Zoe
Aba DD nimwe mwamugandaguye no ngwiki, numuzibe mwabingwa maraso mwe.
15 Mukakaro 2016, 15:28, par Karorero
Nubwo ndumu dd,nkurunziza araduteje isoni,ntabwicanyi bwokorwa kumurango izuba riva abicanyi ntibafatwe ntivyumvikana canke ni nkurunziza na bunyoni babigira.
15 Mukakaro 2016, 16:18, par Bunyoni
Abakurambere barayamaze ngo’INGWIGUTWARINTUNGWA, IKAGUTANGA KURAKA".Murumviryobara ngonitangazo CNDD-FDD yasohoye kandi aribobamuriye nkakumwe bagira umuhisi Adolf?Ntanumwe atazi amayeri bakoresha mukumara abobaba babonako batakibashigikiye.
15 Mukakaro 2016, 17:21, par kinju
ko mudashirako message natanze ehhhh shirako mwayibonye
15 Mukakaro 2016, 18:57, par MUYAHUDI
NIMUTOHOZE NZOZAMBONA IVYABARUNDI TURABIZI
15 Mukakaro 2016, 19:15, par kurutu
bazohera nk’ifu y’iminjira (???????) mubaze uwavuze uko
15 Mukakaro 2016, 22:59, par jean baptiste nduwayo.munyenkarange.bubanza
mbegayemwe,nkuwonawe bamuhoyik?ntiborekaguses amarasoyabeneburund?
16 Mukakaro 2016, 06:06, par Buhungiro
Nukuri birateye isoni kubwicanyi bubera mu gihugu c’Uburundi.Ubu ntibukigira izina kuko waba uri umu CNDD-FDD,uba utariwe urapfa.Rere abasesa amaraso bose bikubite agashi kand Leta igize amatohoza ishikiriza ivyavuyemwo kuko vyinshi biherera mu matohoza.Nyakwigendera Imana imwakire kubikorwa vy’iterambere yakoze kugihugu c’UBURUNDI.
16 Mukakaro 2016, 06:19, par morodikayi.
Imana imwakire uwo nyakwigendera, nayuwo mugabwe wa bicanyi ivyabo birazwi .Rwamatohoza !. none kwababikoze kwarabo muwo mugabwe bazo kwitohoza bonyene ? ukwo nuguhuma amaso amakungu,koyari yiyumviriye kuja kugarukira kumpunzi ziringaho mu rwanda ntiyo maze kabiri, uwutabazi arababarirwa nibo bicanyi bambere kwise dufese.
17 Mukakaro 2016, 09:53, par BERNARD BEDETSE
Ndababazwa Ni Mvugo Za Bamwe Bamwe Bagomba Gukurikiza Umuhisi Amajambo Mabi Mugutuka Aba Na Bariya.Si Ugutukana No Kwagirizanya Bizotanga Amaho Kwisi.Ahubwo Uguhezagirana Kuko Yezu Kristu Yabigize Kumusaraba Ati: Dawe Barekurire Ntibazi Ico Bakora.Imana Niyakire Uwacu Imuhe Ikibanza Kimubereye Yongere Iduhe Guhinduka Ahari Inabi Tuhashire Ineza, Ahari Urwanko Tuhashire Urukundo.
18 Mukakaro 2016, 02:39, par Iragiryagahuturemy
Nubwo atoba uwomunwanyi wa CNDD FDd nuyundimuntu uwariwewese yishwe aba CNDD FDD ntavyishimo bogira bumvise yishwe mwa Mujeri mwe muriko muriko murakora kwitama canke kumuvyimba aboba CNDD FDD.
18 Mukakaro 2016, 14:34, par Aferky
Ewe peter incabwenge urazimaze, none nihasigara abafise ubwenge nkubwiwawe uburundi buzosubira kuba igihugu. Ehe raba ivyo abandi bariko barashikako muri africa no muri east africa umego siho uri.
19 Mukakaro 2016, 12:12, par turaje
aba DD muratwenza kweri ba Darius mwishe amatohoza mwakoze yunguye iki? mureke gutera abantu iseseme mudedemba gusa. FDD CNDD niyo yishe afsa Mossi amakungu yose arabizi