Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhuza Muhamed RUKARA yoba agiye kugaruka mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza Muhamed RUKARA yoba agiye kugaruka mu Burundi

Umuhuza Muhamed RUKARA yoba agiye kugaruka mu Burundi

samedi 26 Ntwarante 2016, par egide

Umuhuza mu matati y’Abarundi Muhamed RUKARA amaze amezi menshi ari mu mahanga yoba ashobora kugaruka mu gihugu mu mpera z’ukwezi kwa gatanu, nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi wiwe.

Mu kiganiro c’abavugizi bose b’ubushikiranganji n’ibindi bisata bitandukanye vy’bushikiranganji bwa Reta y’Uburundi cabaye kuri uwu wa gatanu mu ntara ya Muramvya, hagarutse ikibazo c’uruhara umuhuza w’Abarundi yari kugira mu matati Uburundi burimwo, ariko akaba amaze igihe kitari gito ari mu mahanga, muri Reta bakavuga ko akitswe n’amagara, akaba ari kwivuza mu gihugu c’Ububirigi.
Umuvugizi w’umuhuza w’Abarundi akaba yamenyesheje ko Muhamed RUKARA ashobora gutahuka mu mpera z’ukwezi kwa gatanu.

JPEG - 58.7 ko
Umuhuza mu matati y’Abarundi Muhamed RUKARA

Umunsi inama nshingamateka y’Uburundi yatangura ibikorwa vyayo vy’ukwezi kwa kabiri 2016 kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2016, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yamenyesheje ko inama nshingamateka igiye gusubiriza umuhuza w’abarundi Muhamed Rukara amaze amezi menshi atari mu gihugu. Reta y’Uburundi ivuga ko Muhamed Rukara ari kwivuza mu mahanga, mu gihe hari ayandi makuru avuga ko yahunze igihugu, mbere bikavugwa ko yoba ari mu Bagumyabanga biyonkoye ku mugambwe CNDD FDD, badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.