Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhuza w’abarundi yishikiye ahariko habera imyiyerekano y’abakenyezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yishikiye ahariko habera imyiyerekano y’abakenyezi

Umuhuza w’abarundi yishikiye ahariko habera imyiyerekano y’abakenyezi

mercredi 13 Rusama 2015

Umuhuza w’abarundi Dr Mouhamed Rukara yashitse ahabereye imyiyerekano y’abakenyezi hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Mu gihe hari haheze nk’ikiringo c’iminota 45 abakenyezi bari mu myiyerekano biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bari mu kibanza cirtiriwe ukwikukira,umuhuza w’abarundi,yahashitse ashikira hafi y’inyubakwa nkuru z’ishirahamwe ryo gutumatumanako Leo.

Umuhuza w’abarundi yamenyesheje ko yari aje kuraba uko ibintu vyifashe,hanyuma aca asaba abari mu myiyerekano ko bobigira mu mutekano,aca asaba abapolisi nabo gukoresha ubuhinga bize mukubakingira.

Haheze umwanya muto ikimodoka gitera amazi caciye kiza gishwiragiza abari bahejeje kwumviriza ijambo ryashikirijwe n’umuhuza w’abarundi.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.