Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza Yoweri Museveni amenyesha ko agiye kurungika umurwi w’amatohoza mu (...)
Umuhuza Yoweri Museveni amenyesha ko agiye kurungika umurwi w’amatohoza mu Burundi
mardi 29 Kigarama 2015
Umukuru w’igihugu c’Ubuganda akaba n’umuhuza mu matati y’abarundi Yoweri Museveni amenyesha ko agiye kurungika umurwi wigenga ukora amatohoza ku bibera mu Burundi.
Mw’ijambo yashikirije ariko yugurura ibiganiro bihuza abarundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015 i Entebbe mu Buganda,Yoweri Museveni yasavye impande zose guhagarika ubwicanyi.
Yoweri Museveni yavuze ko abanyafrika bategerezwa guhagarika gukina kandi ko ubwicanyi butegerezwa guhagarara,kandi ko nk’umuhuza azorungika umurwi wigenga ukora amatohoza ku bafise uruhara mu bwicanyi bubera mu Burundi.
Yoweri Museveni yagenywe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ngo abe umuhuza mu bibazo vya politike biri mu Burundi,kuva inyuma y’aho umugambwe CNDD FDD utoreye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ngo awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.
Van Naris Mugisha
Messages
29 Kigarama 2015, 10:07, par Mpozamarira Erias
Komera kwijambo nyakubahwa urumugabo wa bagabo.
29 Kigarama 2015, 10:09, par Mpozamarira Erias
Komera kwijambo nyakubahwa urumugabo wa bagabo.
29 Kigarama 2015, 14:43, par Kazarakandi Idi
natorere umuti ibibazo vyabaganda twe atureke;aziboma
29 Kigarama 2015, 15:29, par Wadinga
Mutama Ntuzohegame Kuko Aba DD bazi amayeri meshi nabanyamanyanga.
29 Kigarama 2015, 15:31, par Wadinga
Mutama Ntuzohegame Kuko Aba DD bazi amayeri meshi nabanyamanyanga.
30 Kigarama 2015, 06:06, par Léon
Ivyo kurungika uwomugwi ntacizere bitanga kovyoheza bigatanga umutekano namwe ntimuduhume amaso icateye umutekano murakizi ahubwo nufate ingingo yumvikana.
30 Kigarama 2015, 06:31, par j baptiste
museveni imana izomuhemba
30 Kigarama 2015, 09:50, par Pegaze.Ngozi Marangara
Twebwenkabarundi Dusaba Umutekano Ukwiye Kandingirakombaza Mbegako Hapfabenshi Ntibotanga Ubutegetsi?
30 Kigarama 2015, 09:58, par Pegaze
Hakwiyegushigwa Leta Fatakibanzakugira Amatora Asubirwemo Hanyandi Tuzopfa Duhere