IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwundi mutegetsi mu murwi CENI yoba yahunze igihugu

Uwundi mutegetsi mu murwi CENI yoba yahunze igihugu

dimanche 31 Rusama 2015

Mu gihe imigambwe nka CNDD FDD, UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, FNL Ishami rya Yakobo Bigirimana n’Urunani COPA baguma biyamamariza yaba amatora y’amakomine n’ayandi, abo mu murwi CENI baguma bahunga igihugu.

Inyuma y’icegera c’umukuru w’umurwi ujejwe amatora CENI Spes Caritas Ndironkeye, binugwanugwa ko n’uwundi mukenyezi wo muri uyo murwi azwi kw’izina rya Illuminata Ndabahagamye yoba yahunze igihugu.

Ayo makuru canke inyandiko z’abo bakenyezi z’itanga imihoho mu mabanga bari bashinzwe yo gutunganya amatora, bikaba bitaremezwa muri uyo murwi CENI. Umurwi CENI warusanzwe ugizwe n’abakomiseri batanu ubu hoba hasigaye batatu ni Uwurongoye uwo murwi Petero Claver Ndayicariye, umuvugizi w’uwo murwi Prosper Ntahorwamiye na Anastase Hicuburundi ajejwe ivy’amategeko muruwo murwi.


IGIHE

Messages

  • Pierre claver Ndayicariye ngo yoba yagarukiye mukayira yiyunguruje!

    iyo CENI ni nku Runyondwe ku Nka yapfuye: rununuza urushato rwibaza ngo ninka rununuza kumbe yapfuye kera narwo rugateba rugapfa! uwo n"umugani w’Inararibonye!

    INKA ni CNDD FDD.
    URUSHATO ni LETA
    URUNYONDWE ni CENI.
    Yatware ntayo bazibishuza nayo bivye abanyagihugu .
    mugende nejo Igihugu kizobakenera! muzoba mwiteye iteka kuko naho bariko baraswa niryo barondera.
    mukagumako bazobamesa de Deux cotes ! ndavuga simvira!

  • AHUBWO NIBIGIRE HASIGARE NDAYICARIYE WE RWEMERA MIVUMO

  • Nivyo Nibigire Kuko Barabona Ko Ivyo Cndd-fdd Aramanyanga

  • cane nyene igihugu kiracafise abadashaka kokirwa mumanga abo nibo bagabo bashakir’ineza abarundi

  • reka tubirabe iyo bija. ngo Ndayicariye yoba yakubiswe na police arashaya ariko agerageza nawe guhunga. Mana dutabare.iryavuzwe riratashe

  • Ndayicariye ngo yakubiswe na police arashaya,aho yariko agerageza nawe guhunga?dutohoreze iyo nkuru.

  • emma

    ngo haruwundi mukozi wa ceni yagiye nawenyene nagende ariko bazoje iyo bashaka hose mugabo ntibazogenda batwaye uburundi mumahanga. kandi siwe yatunganya amatora wenyene ivyo nibisanzwe ntibidukanga twebwe abarundi iyo ni poritike iriko irakogwa

  • Reka Nubu Ndababwir Nyamba Mufis Amatwi::NTAMATORA AHARI Le 05 Ahubwo Nimwitegurire Urupfu Rwa PETERO Hanyuma Yivyo Muce Mwitegurira Gutwagwa Na Mutama NYANGOMA!

  • Reka Nubu Ndababwir Nyamba Mufis Amatwi::NTAMATORA AHARI Le 05 Ahubwo Nimwitegurire Urupfu Rwa PETERO Hanyuma Yivyo Muce Mwitegurira Gutwagwa Na Mutama NYANGOMA!

  • naba general harimwo numushikira nganji bahunze aba ceni baribarindiriye iki?ahubwo bose bakwiye kwigira tukaraba mbaye uwuraho izintumva ukozibigenza.mwibazako barya banyaburayi hamwe nabasenyeri bakuyemwo akarenge kare aribijuju? ndayicariye nawe ngo amatora nintibukuka? haaaa!ubutumwa bwagakwaya bwose busamubuheze!mana hangaza uburundi nabarundi bawe.

  • abahore vyarabananiye gutwara nibagende ariko turabashimirako batuvyarira ibibondo

  • emwe haza haboneka abadamu bijunja nijambo knd barushije ubugabo petero claver nibahezagirwe kuko banse kwiba bobatahuye kwaricaha gikomeye

  • @Hatungwa, uvuzenabi yose mbere wifirije abarundi ikintukibi cane. Mbega urazi kovyobabibayebibi gusumba ukobiri uyumusi? Iryojambo uzuze nubwoba atarigihugucanje mbere nkabantanagikunda ntaryonovuga kubwineza yabenegihugu. Gusandemeye kohariho abantu bafise amadayimono muribo abategeka kuvuga!

  • None ko bose baheze bahunga atatora azotegurwa n’abande.Nukiri jewe nihweje neza amatora ntazoba kuko nabari kuyategura bariko barayahunga

  • Nta ngorane, Willy Nyamitwe, Edouard Ntakarutimana bafadikanije na Nkurunziza Pierre, baca basubirira abo bavute muri CENI amatora azoba meza cane kurusha ayandi yose.

  • NTIBOREKA GUHUNGA BURYA BAKUBITA KUVYO BABWIWE N’ABARONGOY’IGIHUGU AHA GUHEMUKA BAHITAMWO GUHUNGA

  • Ahubwo abasenga musenge cane.Ubu muribagiye ivyanditse muri bibiriya?Ntimuzi ko mu vyahishuwe handitse ngo mubihe vyanyuma muze mwiyubare cane kuko hazoza benshi biyitirira izina ry’Imana yuko bayikorera naho atarivyo.Mbega mu banyeporitike ntihoba harimwo aboba bakorana nawamurwanizi banywa amaraso ya bantu bakarya inyama zabo.Iyumvire mbega abantu bariko barapfa ntaco bavuze.Mugusenga dusabe Imana iduhe kubona no gutahura ibiriko biraba niho tuzokura inyishu yavyo.

  • Jewe mpaye ndaba ivyikigihugu cacu birananira, haragahengwe ikibazo c’ubwoko ntaco wumva, havugwa ngo twaritumaze kurengera ivyamoko, ariko hiyo nigute nabinaho biyonjorora bifatikije ubwoko barimwo.ahotuharabe neza, arabuye abivanye murine sent are yubihiza ibwirwa shingiro be nabo boba bikuye murisen mubarabe ubwoko barimwo bazoba aribabandi!! Kandiuravye niyomyiyerekano ibice irimwo usanga bisa nivyoaribabandi nyene ahorerro tuhagabire aki 72 kararuka imana nyitakinga. Wihweje nivyashikirijwe namusenyeri ntavuze yavuze NGO" Ntitwemere gutwagwa nkabaja" yavuze ivyo ubu ariko nkutwaro zahitiye zatwaye kija ntiyigeze asokorora iryojambo uceumenyako nabo basenyeri barimurivyo vyamoko kuko uwutwara ubu atarubwoko bipfuza bareke kubesha ntawatwa abarundi nkabajaazasumba Buyoya yatsizwe amatora agacayicisha Ndadaye agac’a asubira kubutegetsi, ariko iyonama yabasenyeri ntiyagangabutse ivyo banganhatse ubu. Dusabe imana ituneshereze.

  • CENI yose nitange imihoho kuko naho yoraramwo ntamatora ishoboye gutegura kuko ntamahera ifise CENI nibanze ihembe abakozi yakoresheje niho tuzemera ko ishoboy nayahandi irihaye ibara

  • nibahunge bose na ndayicariye acire ubwo burozi bwamafaranga yariye ngo ate igihugu mumanga naho woba uringumba utavyaye ukunde abantu

  • jewe kubwanje nibahagarike imitima yabantu ibanze isubire hamwe none abo basigaye ntabwoba bumva

  • Iyinkuru ivugwa kwo bunugwa nugwa ubivuga nkuwutabizi? Ahontiwumva ko muriko muramukebura atinawe genda !! Ivyobintu vyihishije ngaho birakomeye ariko kimwe co two menya co "aguhutu" na " gatutsi" ntikazohera gushika Yezu agarutse. Kutumarimpaka dufise.

  • Bahunga Badahunga Imana Irakunda Uburundi Turazi Ko Umubira Ufis Integenke

  • Ivyiki gihugu nihata none ubwo boba bahunga amahoro reka tuvyigeko

  • ariko naho biteye akoba igihugu kigumamwo abagabo,abo bobo nibatangimihoho nuko bakwije bamaze kwegeranya uburyo

  • ahubwo nukubandika mugitabu camateka .barabonye ko igih citeka cageze.

  • Umwami Herodi yatumye abamajusi ngo gende mundabire uko bimeze muce muza mumbwire iconikorera. Baca batungwa n’ayo bameze. bamwe Baja my Rwanda abandi ntawuramenya iyo bageze.

  • Bareke Bigire Ahubwo Nabo Batatu Nibigire Kuko Amatora Nayamanyanga

  • Haragez’aho,bahuanga,izingorane,aribo baziteye?Iyo barahira Dossier,ya Petero Nk,haricobarikuba?Bakunz’amafaranga,none bahunzigihugu,kubw’indandende!! Inyungu nyinshi,imenamaso.

  • ako bariko barakora ubusa ubu kuva aho bakaboneye uburundi ntibabona ko arintamenwa?bahunga bareka ntantambara izoba igihugu gifise abagabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.