IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukobwa wa Petero Karaveri Mbonimpa amenyesha ko umutekano wiwe (...)

Umukobwa wa Petero Karaveri Mbonimpa amenyesha ko umutekano wiwe ubangamiwe

samedi 15 Myandagaro 2015

Umukobwa wa Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH Amandine Nasasagare amenyesha ko umutekano wiwe ubangamiwe.

Inyuma y’indwi hafi zibiri umuvyeyi wiwe ageragejwe kwicwa,Amandine Nasasagare avuga ko umtekano wiwe utifashe neza inyuma yaho,abantu bataramenyekana bamukurikiriye bashaka kumugandagura.

Amandine Nasasagare yavuze ko hari ku munsi wa kane ku mugoroba igihe bamuhamagara ahasanzwe hakorera ishirahamwe APRODH bamubwira ko hari amakuru bashaka kumuha.Ariko araja kuri APRODH niho yabona abantu bamukurikira bari ku mapikipiki.

Uwo mukobwa wa Petero Karaveri Mbonimpa aria ho yinyegeje,avuga ko abo bantu ata yindi ntumbero bari bafise atari iyo kumwaka ubuzima kuko ata kintu na kimwe cari gutuma bamukurikira.

Ku bijanye n’umuvyeyi wiwe,avuga ko aho ari mu bitaro mu gihugu c’Ububirigi ameze neza ariko batarashobora kuvugana.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.