Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu ahamagarira abo vyega guhagurukira ibihungabanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu ahamagarira abo vyega guhagurukira ibihungabanya (...)

Umukuru w’igihugu ahamagarira abo vyega guhagurukira ibihungabanya umutekano

dimanche 10 Munyonyo 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarabonanye ku munsi wa gatanu, muri komine Kiganda, intara ya Muramvya, n’aba buramatari bose b’intara zigize igihugu c’Uburundi, bari kumwe n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu no mu bushikiranganji bw’umutekano, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane. Iyo nama yari iyo kurabira hamwe uko umutekano wifashe mu gihugu.

Nk’uko umuvugizi w’umukuru w’igihugu yabimenyesheje inyuma y’uwo mubonano, umutekano mu gihugu wifashe neza muri rusangi, kiretse gusa ibiza biracamwo bikawuhungabanya nk’amasanganya n’ubusuma bw’abantu bitwaje ibirwanisho biboneka mu ntara zimwe zimwe z’igihugu c’Uburundi. Kubw’ivyo biza birahungabanya umutekano, umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko umukuru w’igihugu yasavye abari bitavye iyo nama gukoresha ubushobozi bwose bahabwa n’amategeko kugira babungabunge amahoro, ubumwe n’umubano mwiza hagati y’abanyagihugu. Yabasavye kutihanganira abo bahungabanya umutekano mu kubashengeza imbere y’umutungane kugira bahanwe hisunzwe amategeko.

Inyuma y’uwo mubonano, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye yerekeza i Renga, aho yifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Yaciye aboneraho akaryo ko gutanga ku banyagihugu bantahonikora imfashanyo igizwe n’amatoni atatu n’igice y’umuceri. Urugendo rw’umukuru w’igihugu yarusozereye muri komine Kiganda, aho yakoreye ibikorwa vy’iterambere rusangi, kw’ishure ryisumbuye ry’imyuga ryo muri iyo komine ya Kiganda.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ariko akora propagande ikiganda areke kutubesha yibaza ko turi impumyi !!!Turabona kandi turumva ..Frodebu zoose nizije hamwe murabe ko ibintu bitazohinduka ...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.