IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aravuga ivyatosekaje ubumwe (...)

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aravuga ivyatosekaje ubumwe bw’abarundi

jeudi 4 Ruhuhuma 2016, par egide

Amasezerano y’ubumwe bw’abarundi yaratosekajwe n’uburongozi bubi, bwahengamira kuri aba canke bariya bivuye ku mohe y’abakoroni n’abandi banyamahanga. Mu vyokorwa kugira ubumwe bw’abarundi busubire gukomera, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha abanyagihugu n’indongozi ko bokwitaho intwaro ibereye no kurwanya igiturire, kugira umwe wese arye ivyo abiriye akuya.

Mw’ijambo yashikirije Abarundi kuri uwu wa kane, buca Abarundi bahimbaza imyaka 25 iheze bemeje amasezerano y’ubumwe bw’abarundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ashima cane ko uburongozi bwa kino gihe.
«Intwaro y’Abakoroni yaranzwe n’ukubiba umugera w’amacakubiri muri beneburundi, agakengerwe, ukutagira ijambo mu gihugu cawe, ihonyangwa ry’agateka ka zinamuntu izuba riva atacamira, ugucura bufuni na buhoro beneburundi, abavyeyi bagakubitirwa ibimoko imbere y’abana babo baryamye hasi bambaye ubusa, barira atawe bayaha, isahurwa ry’ubutunzi bw’igihugu, kwerekana ko hariho ubwoko buruta ubundi, n’ibindi bikorwa bibabaje, vyatumye Abarundi isinzi bigira inama yo kugira urunani rw’intamenwa batangura urugamba rwo guharanira intahe y’ukwikukira.»

JPEG - 26.1 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha Abarundi ko bategerezwa kuzirikana ko imbere y’umuzo w’Ababirigi mu Burundi, ata na rimwe higeze haba indyane zishingiye ku moko mu Burundi, akavuga ko inyuma y’igandagurwa rya Rudoviko Rwagasore yari ashikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira, ingaruka mbi ku gihugu zaciye zibonekeza, aho amacakubiri ashingiye ku moko no ku ntara, indyane mu banyeporitike n’ubwicanyi butagira izina vyaciye biza biraba vyisubiriza mu myaka y’1965, 1969, 1972, 1988, 1991,1993.

Ivyatosekaje ubumwe bw’abarundi

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ashikiriza ko vyashitse Ubumwe bw’abarundi buratosekara, akavuga ko ahanini vyakomotse ku burongozi bubi bwahengamira kuri aba canke bariya bivuye ku mohe y’abakoroni n’abandi banyamahanga, ukutavugana ukuri, agatima ko kwikunda, ugukorera ku mabwire y’abahoze batwara Uburundi ku ntwaro za gikoroni, ukwinubana kubera uwo mugera w’amacakubiri, ukudahana ivyaha kwagiye kuribonekeza, ugukangarizako, n’ibindi.
«Turashima cane ko uburongozi bwa kino gihe bwishiriweho n’abenegihugu kandi bukaba bushingiye ku bumwe bw’abarundi.»

Aravuga inkingi zoshimikirwako mu gukomeza ubumwe bw’Abarundi

Zimwe mu nkingi Uburundi bwokwubakirako Ubumwe, zikamera nk’impanuro, umukuru w’igihugu avuga nk’ukurushiriza kwitaho no guteramira umutekano, abanyagihugu n’indongozi bokwitaho intwaro ibereye no kurwanya igiturire, kugendera umutima w’urukundo guhera mu kibano, gukomeza umutima wo gukunda igihugu mu gusonera amateka n’amategeko akigenga, kwubaha abandi n’ivyabo hamwe no kwubahiriza agateka ka zina muntu, gukomeza ibikorwa, kugira umutima wo gusabikanya ivy’igihugu, guteramira amahoro n’umutekano, kwirinda kugwa mu mitego y’amacakubiri, n’ibindi.

Iryo jambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba yashikirije mu gihe kuri uwu wa gatanu Uburundi buzohimbaza imyaka 25 izoba iheze Abarundi bateye umukono ku masezerano y’Ubumwe bwabo, uwo munsi mukuru ukaba uzohimbazwa ku civugo kigira giti : « UBUMWE NI ISOKO RY’IVYIZA VYOSE ».


IGIHE

Messages

  • Komera mutama wamye uvuga ukuri nkukurima irambire

  • Nyakubahwa.Nimwirambire Muvganeza

  • Akabikora kabizi karya imboga..... None ibi vyose ko yarabizi ko vyabayeho kwatavuze ico yashitseko mumyaka cumi?none kwatavuze imigambi yihaye agiye gukora mukiringo asigaranye . muncamake avuga ati abariko barapfa bariko bishura amakosa yababyeyi babo.
    None ko hariho abazopfa bishura amakosa yiwe bobo abahanuye ngwiki?
    Igihe cose umurundi azoba agifukamira shebuja kugirango atore akoyoko ingorane mubardi zizokwamaho. ICO dukeneye numwidegemvyo gusa tumaze kuwuronka iterambere rizoba ari gwacu..
    Tugifise ubudumbi dumbi bwimigambwe .ubukene buracasasiwe indava.
    Hakiriho abarundi bemerwa muribi nabankirwa muribi .intambara iracaZA .MBE NTAWOFUTA KAHISE TUGATANGURA BISHASHA TUKARAKO BITAGENDA NEZA?

  • Njye numva icyakorwa ari ukurega Belgique mubucamanza ko yishe Micombero na Ntaryamira.vuba cyane. Kandi abene gihugu mukabashora mwibarabara mwamagana amajambo y’abakoloni nka Reynders

  • Shankuru urabiziko wewenye ariwewewatanguyekwica abarundi nkubu urikourabeshaiki?

  • Abarundi muzopfa mwihorana,erega na we nkurunziza hazogera igihe abagushigikiye bicwa izuba riva uku uriko urica abandi,bamwe bariko bazira ivyaha vya basogokuruza abandi ninzirakarengane,nawe nturamabuye gomba wigire herode ikintu gifise intango niherezo,mbe hoho ivyo udondagura iyi myaka 10 umaze ko butegetsi kutari bwabivuge?ko mandat zawe zaheze ubu niho hageze ko ubikurikirana?reka nkurunziza kubandanya ubiba umugera wamoko kubera inyaga yawe amakosa yabaye yarabaye.

  • Nyakubawa , Uri Umurongozi Abushitse . Imana Iguhe Kuramba , Ingoma Igihumbi ! Muribuka Abarundi Bene Burundi . Tugire Ubumwe .

  • Ururimi ntaho rusa rusana numuntu, ivyo vyose ya dondaguye bisa nivyakora.Arabantu arazi kubisasira wumvise akarimi kiwe wogira ruti uyumuntu ni ntungane,nawe mubicanyi ari mubambere,

  • urakoze nyakubahwa kuturemesha, natwe abarundi tuzogushigikira....BUYOYA igihe yabonako abarundi bahinyuye ukuntu acura abarundi bamwe bmwe bufuni nabuhoro niho yabahenda ngo agize amasezerano yubumwe bworuhendo, ivyakwirikiye ntautabizi!!! 1993........

  • Muvyemere mureke Peter er fort. Kandi Imana asenga niyo nimumuhebere.

  • Emwe niyikure ivata ikivi yarakirembeje ntabesha!Arabonye ko abagenze basi!Ntaco yomenya,akarinyuma karahinda ntagire ngo ariko asiga inkore ku maso ngo biraheze!Kurya itibagiye ivyamushikiye n,abandi nuko!Mbe ko yakijijwe umugani wiwe ntabe ariwe yatangura kubabarira abandi,basokuru babo ariko arica?Reka tozoraba haraho Imana Rugira Vyose yo ifise ijambo rya nyuma yogira ico ishaka ku Burundi,igashitsa ISEZERANO!

  • Reka kwitwaza Aba coloni!! Harumukoloni ariko arat’abarundi mu binogo rusangi abacumita ibiti akabata muRuvubu? Ngo s’aba DD? Ivyo vyose mukora actuellement hazogirigihe muvyishure mutavyishuye bizokwirwa n’abana banyu!!!!

  • avuga kurwanya igiturire niwe musuma wa mbere.Avuga kutahengamira kuraba cange bariya.Ariko yaraye acanishimwo igisoda cy,uburundi Kubera umugera wamacakubiri amurimwo! Le ridicule ne tue pas. Par Meursault

  • non nkumunt yirigwa yirusha ngwarindiriy amasezrano ngo azoshitwa kughugu ngo farawo nabiw ngo bayabone jew kuva aho twaherew amasezerano namwe twarushe noneho farao mutubwira nind?jew nzi kwiryozina rivga kumupagani adasenga non weho burya nturajw ishinga nukuvga nguyu aveho nanje njeho gusa ububi umubonako bukabubwo burya weho urayisenga koko? jenzi kowoba uyivga kumunwa naw nta mana uzi urumufarawo muband ntuduhend winyegza ugaya abanyakibi nawe urimubabikora yesu at urabiriki ikibango kiri mujisho ryamugenzaw naw urinaco? akarorero igihe kimwe twabwiwe ngwisezerano rirashits kuko hakubiswe kudta umusimukur wagigwa nugusukana kwibiborza, non ayo niyo mashimw abiswe abagorortsi boha Uhoraho? uwomwankana ntabwo Imana icimwanka ngonuko naw umwanka,kandi uwiteze isezerano ry’ Uhoraho niyimugwanira siw yigwanira murakoze.

  • Hapfuye ndadaye ntihavuye bandadaye,babuyoya bibazako urupfu gwa NDADAYE rujijana ,ubusinkambere nibavyonginzuki bazibonerako

  • abarundi nimukundane ,nimubabariranire, nimurengere ibibatanya mwiteho ibibahuza navyo nivyishi. ntawabaye umututsi abishaka ntanuwahisemwo kubumuhutu ndetse numutwa sivyo yihaye.
    turi murugendo ahaturi harabandi ntanyagupfa ntanyagukira umukuru wigihugu harivyishi vyiza yakoze IMANA ininahazwe nimba haribibi yakoze twese turabacumuzi , reka kuvuga amajambo mabi mutera agahinda izo mpfuvyi nabapfakazi bariko barahekurwa reka kuvyivyimitima yabavyeyi baburira hejuru batabishaka kandi batagishijwe inama kw’isi ntanyagupfa ntanyagukira twese iherezo nirimwe kimwe gusa twibaze ijambotuzobazwa (MWENEWANYU ARIHE?) uzishuriki nzishuriki? UKURI , ukunesha nurugamba nivyimana ntiheranwa kandi ntisinziriye itegure kujabuka ahaturi harabandi si twebwe kandejo si twebwe tuzoba duhari.
    HAHIRIWE UWURINDA UBUZIMA BWIWE akibuka gusenga abandi.
    iherezo rya twese ni rimwe ese twozogira iherezo ryiza ndipfuriza kurangiza neza umukuru w’igihugu akazobona abantu bapfuye arikubutegetsi akaba aribo bamwakira kuko mw’ijuru ntanzigo ntashari ntagahinda ntanukwihora.

  • KUWUNDI KARARYOH MBEGAMWAGR KOTUTAZIGRA TUBHINYU NGWIKBZO NIMANDAT TWARABAHNYUY ICOMWASHK TESHWA MUTE

  • Nikuraba Ntimube Muri Mubatosekaje Ubumwe Bw’abarundi?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.