Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nshingamateka yoba yahungiye mu gihugu ca Suisse
Umukuru w’inama nshingamateka yoba yahungiye mu gihugu ca Suisse
samedi 27 Ruheshi 2015
Bimaze iminsi bivugwa, ariko ikimaze kumenyekana co, ni uko, Piyo Ntavyohanyuma umukuru w’inama nshingamateka atari mu Burundi, mu gihe imyiyamamazo mu mugambwe iwe ikomeje.
Umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, nawe ashobora kuba yarahungiye mu gihugu ca Suisse. Piyo Ntavyohanyuma akaba yavuye mu Burundi mu minsi iheze, kandi bikab vyagumye binugwanugwa ko nawe yoba yahunze. Amakuru y’ihunga rya Piyo Ntavyohanyuma aremezwa na Aime Magera wo mu mugambwe FNL wigenga, yabibwiye ikinyamakuru dw.com.
Avuga ko uwo asanzwe ari umutegetsi adasanzwe mu Burundi, ndetse akaba n’igihangange mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD ari muri ico gihugu ca Suisse. Umukuru w’inama nshingamateka akaba aje akurikira icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yigeze n’ukuba umukuru w’inama nkenguzamateka Gerevazi Rufyikiri yahungiye mu gihugu c’Ububirigi, hamwe n’abandi bakomeye muri CNDD FDD, aha tukabibutsa nk’uwari umuvugizi w’umukuru w’igihugu, uwahoze ari umuvugizi w’umugambwe, umukuru w’abakenyerera rugamba, abashingamateka n’abandi banyacubahiro baturuka muri uyo mugambwe.
Abo bose hamwe n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, bakaba bahunze batinya ihungabana ry’umutekano wabo, inyuma yaho bagaragarije ko barwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
IGIHE
Messages
27 Ruheshi 2015, 15:06, par bmb
uwowewe nahunge nuko afi inziracamwo twebwe twarabuzahoduca
27 Ruheshi 2015, 15:20, par Scott
Ariko kajisho naba adolphe barindiriye iki,bobo ntanindege boronka ibatwara nabandi barinyuma
27 Ruheshi 2015, 15:26, par Sikonabisanze
Imana imuj mbere yanse guhonyang amasejerano ya arusha!! Na nkurumb buca ahung kuk yokwihend tukamufata twomumesa!! Mudushikirj ivyiyumviro imbere vyac abanyagihug!! Sitw tuzobona faraon aratuvuyeko!!
27 Ruheshi 2015, 15:29, par NGENDAKUMANA
ABOBOSE BAHUNGA BIRASHOBOKA KOBATINYA KUMUTEKANO WABO UHUNGABANA GUKO POLITIQUE IRIKIBA IRATEY UBWOBA !ARIKO KANDI NTITWIBAGIRE KOBABONA KIKIRINGO CABO KIGIYE KURANGIRA! IKINDI TWOKWIBAZA:MBEGA UMUTEKANO WABO UBANGAMIWE NA BANDE?UBWONTIBAJA HANZE GUTEGURA GUHUNGABANYA UMUTEKANO MUGIHUGU BABITEGURIYE MUMAHANGA? MANA! GUMA HAFI Y’UBURUNDI NTITWIPFUZA GUSUBIRA INYUMA!
27 Ruheshi 2015, 15:34, par WWW.IGIHE.BI
BAREKE BAGENDE NAKARE NTACO BODUFASHIJE MWITERAMBERE.
27 Ruheshi 2015, 15:46, par Nirema Achel
Mana Tabara Uburundi Nayo Ahandiho Twe Abantu Batobato Tudafise Uburyo Bwo Guhunga Turagowe!
27 Ruheshi 2015, 16:10, par cumacindubaruba
batashe iwabo, umugambwe warabahaye ubuzima ifranga bagiye bajanye ntaryo bopfuye baronkeye mumahanga ndakurahiye, barazoshimira umugambwe hama baze bame bibuka abarundi kuko iryofranga bayoye ryavuye muribo. nkakarorero amahera make mwabobategetsi yatwara murugendo rumwe yari 60000000 cufata ingendo zose yagize namahera yahembwa ugwize n’imyaka 10 hama famille yiwe yose ikaba yibera hanze abarundi bazindukira kwisuka nabo bahembwa, nibareke rero igihugu gisubire muminywe yabeneco hama abo badukengerango igihugu kiriko gitwagwa nuduhutu canke udututsi ataco tumaze tuzorabe, abonyene bagaya nibo babashikanye muburundi kwiyorera ifranga batopfuye bahashitse.
27 Ruheshi 2015, 16:17, par JEAN
NIWIGIRE MUTAMA IZONTAMBWE ZITAKURYA MBONA ZASAZE YAMARA HARIGIHE ZIZOHURA NABAGABOZI GUTEGA INTAMBWE EREGA BURYA BARIHO BAZI KUZITEGA NUKURI,BATARIHO
27 Ruheshi 2015, 16:55, par Umurundi Yiyemera
Nagende.Tubabajw Nabenewacu Babanyarwanda Babatutsi Bintagondwa Bazoza Kudutera Tugaca Bubaniga Hama Tukinjira Kigali Tugasiga Twimitse Umu Hutu Wumu FDLR Kugira Atware Urwanda.Kagame Nadukoroge Azotubona.Nyakubahwa Nkurunziza Nagume Kwivolant.
27 Ruheshi 2015, 17:04, par sijenohahera
!nibara,kubona abategesti,babarundi bata igihugu kubera ukutunvikana kwabarundi nene izongorane,zizohera gute?pita nabone ko,abiwe bamuhezek o abivemwo
27 Ruheshi 2015, 17:13, par Ubugaboburihabwa
KOMERA MUTAMA PIYO WAKOZE IBIKORA INKA MUKWANKA KUZOJA KUBORERA MUGASHU MPUZAMAKUNGU KANDI UGIKENEYE KWIBERA KWISI MUMWIDEGEMVYO NTANGERE HAMA PETER BUCA ASANGA ASIGARANYE LETA IGIZWE NAWE NA BUNYONI NA KAZUNGU NA ADOLPHE NAWAMUHUNGU WIWE AHERUKA KURUNGIKA MURI ISCAM UH EWESHA PETER URIMARAMAJE BASI MBE BURYA AHO WARUNGIKA UYO MUHUNGU WAWE NGO AZOHEZE AGUSUBIRIRE KUBUTEGETSI? MBE UWAGUHENZE YUKO UBURUNDI ARI UBWASO CANKE NYOKO NINDE? URAHUMBA TWAMAZE GUCUBWENGE SHA HARIKERA UBU UYE NTUGENDA USUBIRIYE KUDUTWARA WIYUMVIRA YUKWARI WEWE WENYENE MU BURUNDI UZI GUTWARA WANGUHA EKA MBERE RORERA GATOYI BUCUJA IMBERE Y’UBUTUNGANE KWISHURA KUMABI WAKOREYE ABARUNDI!
27 Ruheshi 2015, 17:16, par ERIC
NKURUNZIZA(PHARAO)MUTU MUBAYA ALIWATESA WANA WA BURUNDI(WANA WA ISLAELI)PHARAO WE NTA KWEZI USIGAJE KU BUTEGETSI BWAWE.
27 Ruheshi 2015, 17:16, par ERIC
NKURUNZIZA(PHARAO)MUTU MUBAYA ALIWATESA WANA WA BURUNDI(WANA WA ISLAELI)PHARAO WE NTA KWEZI USIGAJE KU BUTEGETSI BWAWE.
27 Ruheshi 2015, 17:16, par ERIC
NKURUNZIZA(PHARAO)MUTU MUBAYA ALIWATESA WANA WA BURUNDI(WANA WA ISLAELI)PHARAO WE NTA KWEZI USIGAJE KU BUTEGETSI BWAWE.
27 Ruheshi 2015, 17:16, par ERIC
NKURUNZIZA(PHARAO)MUTU MUBAYA ALIWATESA WANA WA BURUNDI(WANA WA ISLAELI)PHARAO WE NTA KWEZI USIGAJE KU BUTEGETSI BWAWE.
27 Ruheshi 2015, 17:16, par nyishu
Nukuri bitey agahinda ndabaza abafis ivyamoko cank abigisha amoko nibabon ko ari ikibazo capolitique gihanz igihugu inyishi ni twicaar hamw tugikemur aharabagabo ntihagwa ibara nimwadadaza amerika namakungu barabona ko mudahanurwa hama ifaranga ryanyu rikorok mz mukoresha umufuko wuzuy amahera mukugura umukat cank ibindi murakoz ava
27 Ruheshi 2015, 17:17, par Kirama
Nkuru Nareke Poritike Yamunaniye Kuko Abiwebamushiriyeko Nkibuji Ntamuperezida Yigisha Amacakubiri Nicogituma Bahunga Kandi Bahunga Hageze.Imperanimperuka Tuzobimubaza.
27 Ruheshi 2015, 17:38, par Abdur
Weyavuyeyo,atakinuma Tweho,twahunze tuvunwe Imbavu.
27 Ruheshi 2015, 17:45, par Martin
Ikimbabaza Sabo Bahunga Hubwo Twe Batobato Tutaronka Icoduhungana.
27 Ruheshi 2015, 17:49, par thanatos
Ha!erega mugihugu nta mutegetsi ari mubaharaniye démocratie ahasigaye!!hasigaye za Aimé NYAMITWE bejo ata nico bashoboye!
27 Ruheshi 2015, 18:09, par PETIT
EWE NKURUMBI REKA BAGUHEREREKO .NABADO RINDIRA KAZIMA NAWE IYO WOHUNGIY WAHATEYE AMAHWA TUZORABA
27 Ruheshi 2015, 18:43, par kelly
Abatutsi niko bapfuy rer yahunz kugir yitwaz politik iyo ni politik yamoko turamuz ariyorobeka
27 Ruheshi 2015, 18:44, par KANUMBA
MUTAMA KOMERA WAKOZ IVY’ABARUNDI BASHAKA NIWIRAMBIRE MUTAMA.NONE NKURUNZIZA ANGOMBA MWESE MUTE IGIHUGU.NUKURI NDAMUSAVYE YIMVIRE AHEBE IYO MANDA YA 3 KUKO YOBA AKIJIJE ABARUNDI BESHI.EXCELENT HANURWA WUMVE VYOGUHA ITEKA MUMAKUNGU.NUKURI ABARUNDI TURARUSHE,NUKURI ABARUNDI TURIKUMAVI DUSENGERA NKURUNZIZA AHEBE 3€ MANDA KANDI IMANA IZOTWISHURA AMEN.TURANGIJE TUREMESHA ABAHUNZE BOSE MWIHANGANE MUGIYE GUTAHUKA VUBA.3 MANDA N’EXISTE PAS DANS MON PAYS EN DEMOCRATIE.
27 Ruheshi 2015, 19:03, par NIZIGIYIMANMA CHARLES
None Kohatanguye Guhunga Abategetsi Nkabo Twebwe Abanyahihugu Batoyi Duhunge?????
27 Ruheshi 2015, 19:16, par Sid,mrundi
Uhoraho,niwenyishu,yavyose
27 Ruheshi 2015, 19:55, par Kenedy
Nabandi bagiye guhunga ninde abaha ubuhungiro bagiye banyuruje amhra yigihugu
27 Ruheshi 2015, 20:12, par Elisa
Mweh Muraronk Iyo Muhungir.Tweh Tugiy Gupfa Nkabana Binyon.
27 Ruheshi 2015, 20:20, par Hakizimana seth
mubisanzwe,nimba barikobahunga vyo nibigre.naje nuko mbuze uburyo nahonca.
27 Ruheshi 2015, 20:44, par BIHENDAMASO
MANA DUFASHETWEHOTUGEZE AHATEMBA. KABATEGETSI BA
KURU BAHUNGA BAFISEI YOBAJA
TWEHOTUZOJAHE NKURUNZIZA
ATAYE ABARUNDI MUMANGA.
27 Ruheshi 2015, 20:50, par Edmond
ahaaaaa!!nyarucari nagogwe
27 Ruheshi 2015, 21:47, par bonavanture.ngomo
nagende.abafis.iyo.bajabaragenda.ariko.nuguhemukira.abarundi.nuburundi
27 Ruheshi 2015, 21:54, par Iribuka
Ewe wiyita Cumacindaruha nawe wiyita Murundiyiyemera eka nawe Kelly ,icobanshikiriza nokwinginga abarundi b’umutima bakabamfatira nkabaramiza umuti wurukundo uvura amacakubiri heba iyonzigo niyo nzikira ntanyungu numutahe muzobikuramwo,wewe wavuze nguzoja murwanda kwimikayo abajonosidere reka reka kurota kumurango ntukoze agati muntozi n
27 Ruheshi 2015, 22:03, par Ciza
None Bahunga iki?koAmahoro,ari,mirongo icenda,nibice icenda,kwijana,kumbe,niBijuju?Baribesha kumbe nabo BaratinyaØŒntavyabo,niBatembe,mugaboIrahe,barababona.
27 Ruheshi 2015, 22:12, par ERASTE
NONE IGIHUGU GISI GAYEMWO BANDE? EWE MANA TABARA UBURUNDI.
27 Ruheshi 2015, 22:17, par Ejo Bite
Jewe nkeneye kumenya umuntu yigishije Abarundi ibijanye na politiki. Mbega nivyo bihugu bahungiramwo? Nimba arivyo uko iwabo niko bakemura ibibazo vy’ibihugu vyabo? Mbega ivyo biganiro bisabwa bazoganira kubiki ko tuzi ko himirije amatora, nukuganira ingene bizogenda? Mbira; erega mbwira?
28 Ruheshi 2015, 00:55, par fidelité
Yaba piyo,rufyikiri ,onesime n’abandi,ntaco bambwiye nibahunge ariko bareke kuduhenda twebwe abanyagihugu ata ma ambitions dufise,babonye ata avenir politique bagifise no kuba bashingamateka batavyemerewe ati reka dutembe dutembanye système yose,baca babanza bararya imyaka 10 yose inda baruzuza,hasigaye iminsi ibiri ngo amatora abe ngo turahunze ,ngo umutekeno wacu wifashe nabi,mon oeil,ahubwo sinarinzi ko mu mugambwe cnddfdd harimwo ibijuju nkivyo bishaka kudufata twese nk’ibijuju,attends,on va voter rien que pour les punir ces ventriotes bashaka kudusubiza mw’ihumbi kubera vya bi euro birigwa batemberamwo bigiye guhagarara nabo bati tubivuyemwo ntawuzobijamwo,murahumba da uburundi ntibufufise mwebwe gusa turabiyamirije,none aho mwamariye iki abanyagihugu bo badafise za nationalités ngo batahe i bulaya bandes de cons,mubasize he?Nimureke Dolofu ,Bunyoni,Ndakugarika na kazungu batwareahubwo muze mureka kubamiza mu kanwa,kubera encore une fois bariko badusubiza igihugu abahutu bamwe bamwe bashaka kutwaka bitwaje ngo babaye i bulaya et par consequent bibazako bazi ubwenge canke bazi ivyo abanyagihugu dukeneye,nimutembe ntimuzogaruke nizere ko mwese mwasize amahoteri ubonako ariyo agezweho,tuzoyahindura amavuriro y’abanyagihugu .
28 Ruheshi 2015, 02:22, par Saidi Hamad
Iyi video ndayituye ibihutu vyose biri muri opposition biriko birwanya Nkurunziza!!Ivyo birofa ngirango babigaburiye amagi y’ibihuna
Tore iyi video ngira ho mwoca akenge
http://www.youtube.com/watch?v=CLqrI9KIgDk
28 Ruheshi 2015, 06:23, par Dukuze
Bitey ubwoba iyo inyungu z umuntu umwe z ishizwe imbere kuruta inyungu zigihugu cose.none tuzohunga amavukiro yacu gushika ryari!kwibiganiro yavyanse,agahonyanga amabwirizwa y igihugu n amasezerano,bikwiyeko abanyagihugu tuja hamwe tukunga ubumwe tukiyamiriza muburyo bwose iyo ntwaro mbere tugataka n amakungu akadufasha.
28 Ruheshi 2015, 06:56, par Pierre Sim Sy
Nagomba Nsabe Amakungu Aturabire Neza Ruvyikiri Ntavyohanyuma Bagiye Basahuye Itunga Ry,igihugu,bamenyeko Abeneg,ihugu Bari Babashinze Amabanga Y,igihugu Bitebe Bitebuke Bazobitwarira,mbega Biyumviriye Kuba Aba President Ntibikunde Baca Bava Mugihugu?Non Bataheshe Iwabo Nakare Bari Bamukera Rugendo (gupagasa) Ikibabaje N,uko Bagi Badusahuye!
28 Ruheshi 2015, 08:26, par bacahose
nagende nuko bona kw’atoco yokuye muraya matora.
28 Ruheshi 2015, 09:27, par amedee
birateye ubwoba PE nne KO abategetsi bakuru bakuru batanguye guhunga nne twebwe tuzojahe mana tabara igihugu cawef
28 Ruheshi 2015, 09:39, par VITAL
SUMURENGA
28 Ruheshi 2015, 12:57, par ngendabanka anglebert.
Kubera iki iyo umuntu ahimvye aca yidahisha urugogo! Uwozura intwari ziguze Uburundi n’abanyagihugu muguhabuza démocratie bakambonera ingene abahaze bariko barahemukira abanyagihugu kandi bahora babitwa mugusuka mumifuko none barakwije amahera namazuzu baradutaye bigiriye iburaya kuba abacangero babazungu !? Birababaje cane. Système ya Cndd-Fdd ize yige abagiye guhabwa amabanga ntiyongere kuzana abacangero babazungu! Turahatswe. Mpunge urwaha yakimajije amaguru.aho guhunga bari gusaba ikigongwe abanyagihugu bari babatoye. Uwusavye imbabazi arazihabwa.
28 Ruheshi 2015, 14:02, par soso
Uyu mugambwe cndd fdd usigaye aruwakajagari muravye ivyo bigira ubonako bajejwe guhungabanya umutekano mbe bibazako uburundi arirwabo? Canke? Kuberiki bigira ivyobishakiye mukwica no gutoteza abantu bamenye ko turikwisezerano ry Imana ntaco bazoshikako
28 Ruheshi 2015, 14:11, par berwasylva@yahoo.fr
Baca umugani "on estime la valeur d’une montagne lorsqu’on s’en ecarte de loin"
28 Ruheshi 2015, 14:22, par berwasylva@yahoo.fr
Les responsables de ce site sont des opposants de l’Etat ça se voit!!!
28 Ruheshi 2015, 15:25, par Ezny
Non Ibibavyose Ntcovyokwigisha Abategetsibikigihe Hahunze Abomuyindimyaka Hazohunga Abomurundi Ruhande Ibisigayentimumbaze
28 Ruheshi 2015, 15:26, par Ezny
Non Ibibavyose Ntcovyokwigisha Abategetsibikigihe Hahunze Abomuyindimyaka Hazohunga Abomurundi Ruhande Ibisigayentimumbaze
28 Ruheshi 2015, 16:12, par KARAHARI
uwomugambwe w’amabingira utowuvamwo afise ubwenge yoba arinde?reke buce tubamaramaze.
28 Ruheshi 2015, 20:59, par Ntiharirizwa Ezéchiel
Emwe Reka Turindire Ico Aya Matora Azovamwo.
28 Ruheshi 2015, 21:26, par fidelité
Nyishu
Caba ari ikibazo ca politique abatutsi mugaturira umwana w’umuhutu mwi pine n’abandi bahutu mukabica ngo ni imbonerakure,mukaba mutanguye kwagiriza abo kwa rwasa ko aribo bazanye violence mu myiyerekano iheruka?ibijuju nivyo vyibazako ari politique,inararibonye mu ngorane zaranze uburundi twe turabonako ari ingorane z’amoko zinyegeje comme d’habitude.
Mbega basha abantu muvuga ngo abantu baheze kuri peter mwibaza iki,uzi abantu bari prete et capable gukora ako kazi bakorera abarundi atari abo bakora ngo bazoshimirwe n’ababiligi batugumije mu gacinyizo k’abatutsi,nibagende bose i buruseli igihugu cuzuyemwo abagumyabanga babona kure bakoreye umugambwe kurusha abo bari mu ma filiti na za jupiler i bulaya,bon debarras .
28 Ruheshi 2015, 21:36, par Samuel fils
Ahaaa....!! bobo barya isake iyidi iziritse. umunyagihugu nawe abaye uwande? Dusabimana ifashe abarundi!.
28 Ruheshi 2015, 23:06, par anderiza
okay reka turindire ntakundi. www.afrototality24.com
29 Ruheshi 2015, 05:35, par Fediasnduwamungu
Muvyukuri mtama RWASA aratumaramaje cane,kuko ntako twoguma tumwuma inyuma mugabo ngo kumunota wanyuma akaca atubwirako avuye mumatora.none twebwe tuzoba bande?mutama ukwiye kwikebuka guko ntawuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi.kandi mutama akwiye kumenyako umwanya w’umuntu ko atariwe awiha ahubwo tuzohava dusanga abanywanyi batuvuyeko kubera kurambirwa kwacane gose.nkubu twebwe kubijanye namatora tukigenze gute?tutegerezwa kuja gutora guko ntakundi twogira.
29 Ruheshi 2015, 06:33, par DAVID
JE MBONA KO MU BURUNDI AKAGWI KA CNDD FDD KAGIYE GUTOBA UBURUNDI AMAHANGA ATAVYIHUTIYE BUGIYE KUGWA KURE ARIKO IVYO BAGIRA VYOSE BATINYA KO AMABI BAKOZE AJA AHABONA ARIKO IBISAKA VY’IMBWA BIGIYE GUSHA.
6 Gitugutu 2016, 11:25, par DIYEDONE
NONEKOYAHUNZE INAMAIBAGUTE