IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyesha makuru wa RFI mu Burundi yoba yahohotewe mu biro (...)

Umumenyesha makuru wa RFI mu Burundi yoba yahohotewe mu biro vy’igendereza

dimanche 2 Myandagaro 2015

Umumenyeshamakuru akorera iradiyo y’abafaransa RFI ya nyuama ararekurwa inyuma y’amasaha yamaze mu biro bikuru vy’igendereza.

Esdras Ndikumana yahagaritswe inyuma y’igitero cakozwe ku modoka ya Lt Gen Adolphe Nshimirimana yitavye Imana mu gatondo ko kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro,muri komine ya Kamenge ,mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Agifatwa yaciye yakwa ibikoresho akoresha mu kwegeranya amakuru,aca yurizwa imodoka ajanwa mu biro bikuru vy’igendereza,aho yakubitiwe inkoni ijana yubitse inda hasi, aho yasanze abandi bahagaritswe.

Esdras Ndikumana aridegemvya ariko yababaye ku buryo bimugora gutambuka,kandi urutoki rumwe rwoba rwavunitse.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.