Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umumenyeshamakuru yakubaguwe ariko akurikirana ikibazo c’abadandariza mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru yakubaguwe ariko akurikirana ikibazo c’abadandariza mu (...)

Umumenyeshamakuru yakubaguwe ariko akurikirana ikibazo c’abadandariza mu mabarabara

vendredi 3 Nzero 2014

Abapfasoni badandariza hagati mu gisagara ca Bujumbura bamaze akanya katari gato bahanganye n’abaporisi i ruhande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, mu gihe bimwe mu bidandazwa vyabo vyasanzazwa na bamwe mu baporisi bafashijwe n’iyindi misore yambaye impuzu zisanzwe.

Yaba abaporisi canke abo bapfasoni, agashavu kari kenshi mu gihe inguvu zo vyibonekeje ko zakoreshejwe muri ico gikorwa. Abaporisi biruka cane kuri abo bakenyezi, ibintu vyabo vyagenda bishwiragizwa, biterwa imigere nk’uko twavyiboneye, abo bapfasoni nabo bagenda baratemba hasi.

Igihe bamwe mu bamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IGIHE bariko barakurikirana ivy’ako kajagari, umwe mu bamenyeshamakuru akaba yaciye afatwa, arakwa igikoresho ciwe yariko arakoresha c’akazi, arakubagurwa mu gihe yafashwe mw’izosi ndetse arurizwa imodoka y’igiporisi. Aristide Nizigire umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE, akaba yagiye kurekurwa, ari ukwo umwe mu bakuru b’abaporisi bari ngaho aje, araheza asubizwa ibikoresho vyiwe.

JPEG - 3.7 Mo
Aristide Nizigire umumenyeshamakuru wa IGIHE

Abanyagihugu rero batari bake bo mu gisagara ca Bujumbura bavyiboneye, bakaba bababajwe n’iyo nyifato y’abaporisi, aho bakoresheje inguvu mu gikorwa co kwirukana abo banyagihugu basanzwe badandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura. Eka na bamwe mu baporisi bakaba batewe ivyamwa nk’amavoka n’abo bapfasoni, mu gihe bamwe bagenda baratembagirira hasi bariko basiganwa n’abaporisi.

Mu ruganda rwo kumenyesha amakuru mu kinyamakuru IGIHE baratera ivyatsi iyo ngendo igayitse y’abajejwe umutekano bakoresha inguvu n’igikenya ku banyagihugu bataba bariko barivuna. Baranegura ako kabi ko gukubagura abamenyeshamakuru bariko bakora umwuga wabo, kandi bakurikiza amategeko n’akarangamutima. Nk’uko vyashikirijwe na Egide Nduwimana arongoye uruganda rw’ukumenyesha amakuru mu kinyamakuru IGIHE, bagiye kwitwarira abo baporisi bakubise bakongera bagafata ibikoresho vy’umumenyeshamakuru Aristide Nizigire. Barangiza basaba abajejwe umutekano, cane cane abaporisi, ko bovavanura n’ako gatima k’akanyeshamba, bakoreshe inyifato runtu, kuko ingendo nk’iyo iteza urubwa igihugu mu makungu, igatuma igihugu c’Uburundi kigira isanamu mbi.


Floxella Karire

Messages

  • Abo bagore baragowe, ariko ntanakimwe Imana irababona, namwe abamenyesha makuru mwihangane Imana niyo izobahemba...ariko mumenyesha makuru Arstide witware

  • Iyi l’Etat yacu ivyayo vyayinaniye. Ubwo Mukuru w’Igisagara nta soni wumva, woba ufise umuvyeyi, yoloregwa ibi ukanezegwa? Namwe ba Polisi murakora ibintu nk’impumyi, mbe muri mwebwe iyi l’Etat ibahenda ntiharimwo abavyeyi banyu? Mwananiwe n’ukuntu mwovugana nabo ba mama ingene bokora munyuma bagasukura aho bakoreye. Namwe ba DD, mbe mwibagiye ko abo aribo majwi? Muteye isoni.

  • IVYO ERIC AVUGA NDABISHIGIKIY CANE BIRAKWIYE KO ABAMENYESHAMAKURU BOSHIGIKIRWA KANDI BAKIGA UBURYO BWOKURWIZA INKIRU ZIKOMEYE NKI ZAGATEKA KAMUNTU.EX:ZIKABA NKA PUBLICITE YAMAHO.BIRAKWIY KANDI KOHOKWIGWA UBURYO BWOKWONGEREZA UBUTUNZI ABAMENYESHA MAKURU NIBIKORESHO VYABO KUKO BARATWIGURA.

  • Pole sana Aristide!! mubandanye umwuga wanyu neza!

  • Mbenga igihugu agasigaye mukaja hanze ngo igihugu kirimwo democrasi mubesha amahanga ubwo mwubwire umuntu yoba afise democrasi atari gucuruza utwe ngo ejo buce ajana umwana we kwishure amutekereye ni benyi mbega porisi itubaha ese ntabanyina barimwo aho bazotembaza gasa ugasanga umuntu yatembangaje mama wewe we ndanyuzwe.

  • Muribaryabakenyezi uziko ubakundavyukuri nukubabwira uti: kobahababujije nimureke gusubirayo. Rkandababwire jewe nibwobwambere mbonabantu babwirwa kokibujijwe gukoreraha arikobakagubabaza! Burya umwasiwambere abobakenyezibafise nabobantu bafise ijwirishobora gushikira abobababujije kudandariza ahomugisagara, arikontibigere bakebura abobakenyezi bati nyabuna mwabakenyezimwe rekakuguma mwisuka kurabobajejwe umutekano.! Burya abobakenyezi jewenababonye nkumwana hagati yabavyeyibiwe babiri, iyabonye agize ikintukitemewe umuvyeyi umwe akamukubita uyundimuvyeyi akacavugango ndekerumwana wamwana vyabintubibi biraheza bikamugora kubireka kukoyishiramwo koharihumuvyeyi amushihikiye. Nabobakenyezirero barasekwumvira reta mazebahitamwo kwumvira abagumababwira reta ngo irikwirafatanabi baryabavyeyi.

  • Asha ivy’abarundi biracagoye none ngo karaciye ingani umuntu mutoyi ntabeho? ubwo butunzi uburundi bufise bungana gute??ko nunva ngo abategetsi barasohoka igihugu bakaja hanze bararaba no mubihugu vyabazungu abadandariza mu mabarabara ntiba babura nanje mbahanze y’igihugu ariko iyo ngendo Y’abapolisi umengo nabantu bakorera ku gitsure kuko ntivyunvikna ko boja gukora akajagari nkako,,nkaba ndangije ngira nti ababigirirwa bihangane ni ivy’isi bimeze ariko Imana irababona

  • Igihugu cacu kigeze ahatemba.None se tubaye abande?jewe ico nosaba leta, nitegure rirya soko ryo kuri cotebu ryabuze iyo rija hanyuma itange ibibanza kubantu bose bahoze bakorera mw’isoko yahiye gutyo uwobazobona asubiye kuja mw’ibarabara baheze bamufate.ubundi bwo kirazira gufata umuntu umuhora ubusa kandi uziko ivyo yagusavye utabimuhaye.

  • ndababwiye ukuri;akajagari muburundi karacariho;kuko uhereye kubategetsi nico gipolici nyene;bose ako gatima ko mwishamba niko kabagize.ibintu vyose rero kugira babishikeko vyaba ibishoboka nibidashoboka.vyose bagomba gukoresha inguvu.rero nagomba kubamenyesha ko uburundi kubona ubutegetsi bufata ingingo kuneza y’igihugu;niyabanyagihugu nimpaka ugo runganwe rwose ruzobanza rugahera.nizere muruvyaro ruzovuka kwariho uburundi buzoshobora gukora kunyungu zabanyagihugu.muti niryari mumyaka ijana namirongo itanu!!!

  • Baramenyereye kwama bakubita abandi bagataha ukwo, ubuho bashitse kwisimbo y’inuma ko basubiye gukubita abamenyesha makuru kandi aribo basabira imfashanyo igihugu, ubu rero hinge abazungu bace bareka gutanga yamafaranga kuko agateka k’abamenyeshamakuru nakabari mu mashirahamwe yigenga ko katubahirijwe. porise saba ikigongwe kare bataritwara

  • Ndifuza ko hari umu polisi yonyishura iki kibazo: "iyo muriko mutera imigere ivyo biribwa, muribaza ko musonza?". Ces femmes muhohotera bariko barahangayika barondera icotunga imiryango, bashobora kuba ari vos mamans, vos sÅ“urs, etc. Mube mwibuka ko mutari des extra terrestres; muri abantu nkuko n’abo bakenyezi ari abantu. Mube mureka kubakubagura ngo n’amategeko adafashe muhabwa. les pauvres femmes sibo baturiye isoko. Si nabo bishe igihugu! Laissez - les en paix; s’il vous plait!!!

  • jane ndagushigikiye nukuri ubu barashitse bamenyereye gukubita twebwe tugataha uko, hinge abo bo baduze ijwi hejuru urabe, abo baporisi ntibosubira guhembwa, amafaranga yovahe ko akarwi kayivye ubu kazinduka karayanikira mu mpangu zabo kuko babuze ibanki yoyakira. uyo munyamakuru yihangane cane, ariko ikinyamakuru igihe ntimucik inkokora kora, turakunda amakuru yanyu cane, kuko ntimuhengama muvugisha bose muri poritike

  • Ariko aba police bazokoreshwa kuzogezwa ryari? kuber’iki badashobora gukora nkabakorera abanyagihugu bose badacaguye? mwabapfasoni mwe! nimukomeze kwihangana gushika habonetse igipolice gikorera bose!

  • None aho ndamubona yiyicariye mw’igorofa nikwo gukubagurwa? Emere yuko barya bagore bamwe bamwe batumva, kiretse nimwaba mutaba i Bujumbura; Je nahatswe kugonga abari banze hagati neza mwibarabara kuri Onatel uja kiri postes. None mugomba aba polisi bakoreshe amavuta y’inka pour ramener de l’ordre? Journaliste nawe nimba yarakubaguwe, sorry, ariko yotwemeza ko yari afise ibimuranga? Yoba yari hehe par rapport des deux camps? Nimba yagiye muri abo bagore, c’est normal ko bamugira nkabo kuko umuravye nti woca umwibwira ic’ari udasanzwe umuzi. Ni mureke rero kwidagadurira kuri site iwanyu au risque de donner raison àla police

  • eka uri muto nyene. wewe kubwawe ntihakagire amakuru amenyekana?nuko numva ufise n’umuduga.burya yaba mama wawe ataco afise, wokwemera ko mwicwa n’inzara?canke mwotarataza?aho ho numva uri umuvugizi wa porisi ariko bamenye ko barya bagore bakubita bangana na banyina, niho barinda babahenera.ahubwo urababwira barondere ubundi buryo kuko inguvu haha ntizizoshika

  • Eric Niyonkuru we, Ntumpore iciyumviro canje, hanyuma ni waba udafise imodoka ndakwipfurije kuronka izikwegana. Ariko rero nimba nyoko wawe ashobora guhenera inzira nawe ugafata amasanamu, siwe, nta cakuvyaye; si wewe, ntaco yavyaye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.