Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi cerekanye uwiyemereye ko azi ukuri kw’iyicwa ry’umuhungu wa (...)
Igiporisi cerekanye uwiyemereye ko azi ukuri kw’iyicwa ry’umuhungu wa MBONIMPA
mercredi 23 Ntwarante 2016, par
Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwundi munyagihugu avuga ko yishikanye ku nzego z’umutekano, uwo ari mu minwe y’igiporisi akaba avuga ko afise ukuri kw’igandagurwa rya Welly NZITONDA, umuhungu wa Petero KARAVERI MBONIMPA umukuru w’ishirahamwe APRODH.
Epitace INGABIRE niwe avuga ko yishikanye ku bajejwe umutekano, akemeza ko azi neza ibijanye n’urupfu rwa Welly NZITONDA, mbere akavuga ko yari umugenzi wiwe bari basangiye «urugamba.»
- Epitace INGABIRE niwe avuga ko yishikanye ku bajejwe umutekano
Kubwa INGABIRE Epitace, Welly Nzitonda umuhungu wa Petero Karaveri MBONIMPA yahuye n’abaporisi kw’igenekerezo rya 6 Munyonyo 2015 bari mu gikorwa c’ugusaka ibirwanisho, nawe akaba yari afise gerenade mu mufuko y’ipantaro yiwe, ageze kw’ibarabara rya 12 rya Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura.
Welly NZITONDA akaba yarashwe n’abaporisi mu gihe yagira abatere iyo gerenade ariko arahunga.
Epitace INGABIRE akavuga ko abaporisi batamurashe kubera ari umuhungu wa MBONIMPA, kuko batari bamuzi, ahubwo yishwe kubera ari inkozi y’ikibi yagira itere gerenade abajejwe umutekano, akavuga ko bagiye kumenya hanyuma uwariwe, baravye ku bimuranga.
- Imva ya Welly NZITONDA, umuhungu wa Petero KARAVERI MBONIMPA
Epitace INGABIRE arahindukira ariko akamenyesha ko imbere y’uko yishikana ku bajejwe umutekano, yigeze kubwira ishirahamwe Human Right Watch ibitandukanye n’ivyo ashikirije ubu kw’iyicwa rya Welly NZITONDA. Asigura ko ico gihe yari akirwana, kandi akaba atari bwafate ingingo y’ukwishikana.
Epitace INGABIRE avuga mbere ko ico gihe yari yahawe amafaranga.
IGIHE
Messages
23 Ntwarante 2016, 08:29, par Yva
Iyonimitwe nuhimba
23 Ntwarante 2016, 08:32, par tari
Uko nugukora munkovu abobahekuye mugabo harigihe kitariki ukuri kuzoteba kukamenyekana ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaramo
23 Ntwarante 2016, 08:34, par manirakiza jean
Barabesha nirementanya abamwishe ntibaseruka
23 Ntwarante 2016, 09:01, par Ndarivuge ndarizire
muvyukuri ukwo nugukora munkovu abarundi ubu niho bakibona koyarinkoziyikibi kobitegeze babivuga mbeho abo baporisi ko batavuzeko bamwishe nkiziyikibi ngo abarundi namakungu ngotumenye ukokuri kazima mwiyemerera ko abamurashe mubazi.
23 Ntwarante 2016, 09:05, par kuri kwamye
urateye ikigorwe basi ! ! urimaramaje ! wiyumvira ko bazoca bakureka ku kwica ngo nuko uriko urarementanya ?
23 Ntwarante 2016, 09:05, par NDARIVUGE NDARIZIRE
BITEBA BITEBUKA INTAHE IZOGIRA IJAMBO
23 Ntwarante 2016, 09:27, par karorero
Aho sha Epithace komera twaritubiziko ari se wiwe yari yamutumye kandi iyo umunyagihugu apfuy ataho bahuriy nabasindumuja ntaririmbwa nkuwo bita charlotte yaravuzwe hamwe basindumuja ninkonda zirekera rero kuba arinkozi yikibi yaronse impembo bakwiranye mpamagariy nabandi kubireka bicitwa vuba.
23 Ntwarante 2016, 09:37, par V
Ivyo vyose ni gushaka ngo ibihano bi hagarikwe bara besha ni bareke gukora mu nkovu umuryango wa buze birazwe ko Ari aba police ba murashe ni bagezeho ni rementanya ntaco rizo shikako
23 Ntwarante 2016, 11:07, par Bizimana
Ntabindi wibagiye?mbega urya musi kwigipolisi kitabivuze ubu niho mukimenya ko yarafise gerenade mwaherewe koma kwa jina la Yesu
23 Ntwarante 2016, 11:09, par PROTAIS
NONE MWIYIMISI KOHARI ABANTU BASIGAYE BIYEMERERA IVYHA BENSHI?NIBATARI IMITWE NDABONA IBURUNDI HAZOBA HARI ABIMANA BENSHI MUMISI IZA.MAIS ????
23 Ntwarante 2016, 11:09, par Bizimana
Ntabindi wibagiye?mbega urya musi kwigipolisi kitabivuze ubu niho mukimenya ko yarafise gerenade mwaherewe koma kwa jina la Yesu
23 Ntwarante 2016, 11:11, par PROTAIS
NONE MWIYIMISI KOHARI ABANTU BASIGAYE BIYEMERERA IVYHA BENSHI?NIBATARI IMITWE NDABONA IBURUNDI HAZOBA HARI ABIMANA BENSHI MUMISI IZA.MAIS ????
23 Ntwarante 2016, 11:20, par Bizimana
Ntabindi wibagiye?mbega urya musi kwigipolisi kitabivuze ubu niho mukimenya ko yarafise gerenade mwaherewe koma kwa jina la Yesu
23 Ntwarante 2016, 11:33, par kimana armand
Birateye isoni. Birerekana ko igihugu kitagira indongozi aho gutwara ari ugucacisha.
Ntibazi ivyo bakora. Ubu aba heros kuri Cndd babay benshi ha kubona abategetsi bafata Micro bahumuriza abanyagihugu Micro ihabwa injavyi zahaw amahera na SNR ngo zij kuvuga ivyahora vyagira abategetsi b,igipolisi n,aba Cndd.
Teshwa mute nta n,umw atazi ko ari ibinyoma.
Wa mu hero w,umunyarwanda yiba ibiharage n,impene mwari mwamwise umusumyi w,urusaku naho shwi.
Ejo naho muzotwereka uwuzoza kuvuga ko azi neza ivya mandat ya 3 ingene vyagenze ko Pierre Nkurunziza ata ruhara abifisemwo ari Alexis Sinduhije cank uwundi batavuga rumw na Cndd yashaka i mandat ya 3.
Ariko ivyo vyos nta na kimw gitangaj kuko nta batware dufis.
Igihugu gisa n,icitwara Nico gituma hari akajagari gusa.
Umugani wa wa wundi ngo "ahatagira ubutware nyabwo ......."
23 Ntwarante 2016, 11:35, par PROTAIS
NONE KO MWIYIMISI HARI ABANTU BENSHI BASIGAYE BIYEMERERA IVYAHA BAKOZE?NIYABA ATARI IMITWE NDABONA MUMISI IZA HAZOBA HARI ABIMANA BENSHI IBURUNDI.MAIS???
23 Ntwarante 2016, 11:41, par Herck Mathiar Niy
Iyo Mihimbiri Yishikana Iriko Ihabwa Udufaranga Kugira Yeze Igipolisi Cakoze Ubwicanyi Bwagahomerabunwa .Ukurinoneho Kurazwi Ivyomurementanya Vyose Nimpfagusa , Mwisho Izobasekerako .Amaraso Arahuma ,mwaburiwe Muragowe .Nayabishikana Bobo Ivyabo Vyaramenyekanye .Satani Yabagumije .
23 Ntwarante 2016, 12:03, par PROTAIS
NONE MWIYIMISI KOHARI ABANTU BENSHI BIYEMERERA IVYAHA BAKOZE?NIYABA ATARI IMITWE NDABONA HAGIYE KUBA ABIMANA BENSHI IBURUNDI MUMISI IZA.MAIS?????
23 Ntwarante 2016, 12:05, par jenifa
Mbega abantu nimupfume muze mwihane nivyo Imana ishaka nayo kuvuga ibi ejo ibindi muri kuzohava mwemera nibibaca imitwe.Ahubwo murahumiwe.nikataba arakaroge.
23 Ntwarante 2016, 13:21, par twarabahinyuye
PC Mbonimpa si ikijuju, abashatse kumwica we ubwiwe arabazi,kandi nabamuhekuye nabo arabazi, nisi yose irabazi, nimureke izo mise en scène murindire amatohoza yigenga ivyo muvuga nimba ari vyo muzoba abere,umusi PC Mbonimpa yabitubwiye we ubwiwe tuzovyemera,kuko twarabahinyuye
23 Ntwarante 2016, 13:31, par twarabahinyuye
Mwabonye ko ata misi musigaje ku butegetsi none mutanguye gutanga duke mu dufaranga musigaranye ngo babafashe kwikorera umutwaro w’ubwicanyi mwakoze, yatange bayarye yose tuzoraba ico bizobafasha umusi mwageze imbere y’intahe, inama nobagira ni uko mwoyabika mukazoyarira muri prison
23 Ntwarante 2016, 13:41, par Mara
Ubwo bubeshi bwanyu burakabahumira
23 Ntwarante 2016, 14:02, par Kabisa
Iyo buba ubw’umwe bwari ikindi! Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka, kandi hari Imana itabesha kandi idakeneye ivyabona! Ayo marementanya ateye isoni! Muzogeza ryari kubesha? HAsigaye kuvuga ko ari mwebwe mw’iremye!
23 Ntwarante 2016, 14:02, par Kabisa
Iyo buba ubw’umwe bwari ikindi! Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka, kandi hari Imana itabesha kandi idakeneye ivyabona! Ayo marementanya ateye isoni! Muzogeza ryari kubesha? HAsigaye kuvuga ko ari mwebwe mw’iremye!
23 Ntwarante 2016, 17:57, par kk
ivyo niremenkatantanya
23 Ntwarante 2016, 18:28, par Gakima solange
Jewe hari ikintu kintangaza. Mbega ni kuki abantu batanguye kwishikana nyuma yaho igihugu gifatiwe ibihano. Mama ngo abishe ababikira, mama ngo abaturiye T2000 mama ngo abishe Welly..., ngaho nibatubwire abaturiye isoko nkuru ya Bujumbura ndetse n,abishe Adolphe turakeneye kubamenye. Vuba ukuri kugiye kumenyekana kuko ndabona ibanga ribagora kugumya
23 Ntwarante 2016, 22:02, par koffi
Uyo ko batarikumwe yabimenye gute, Polisi kontaco yigezibivugaho, yirire sha naya reta, nabo bayarya badashoboye nogucungera umutekano. Nibisuma gusa
23 Ntwarante 2016, 22:58, par samusule
ntanumwabiyobewe muzojugumira intahe niyafatijambo bitebebitebuke icogihe kizogera imana yo ntihendwa
24 Ntwarante 2016, 03:06, par BIRABUZE
je narinzi ko abicanyi cajanwa mu gasho none nibo basigaye bahabwa micro! mbega umwicanyi ni we yoheza akavuga ukuri!
24 Ntwarante 2016, 04:53, par Morodikayi Jon
Iryo nirementarya rya teguwe nabo bicanyi, kuva mumwaka uheze unomusi niho babonye kuvuga ko yariyi twaje igerenade, nububeshi bwabo bamenja ni barindire ukuri kuzoja ahabona, nintahe ibone gufatijambo.
24 Ntwarante 2016, 07:51, par poor politike
Iyo politike mu kina ntibaha umenka ntimwize kubera mufyinira ku buzima bw’abantu n’umusazi ntiyopfa yemeye ivyo muvuga kiretse umusazi yasariye kunywa amaraso y’abantu nzira karengane
24 Ntwarante 2016, 10:40, par Aferky
Leta itazi ico ikora niko ikora. Abo bategetsi barasubije uburundi inyuma nkimyaka mirongo itanu iheze. Umutegetsi yica abaturage batobato ntivyumvikana. Uravye ivyo bakora jewe ntwara uburundi sinotanga imihoho gusa ahubwo noca niyahura.
25 Ntwarante 2016, 06:08, par BIZIMANA
Mushigaje kuvuga ko MBOBIMPA Nawe bamurashe afise grenade!! None wombwirako abamuhushije barikubona umuhungu wiwe bakamwihanganira?Uwobitahura anyishure
25 Ntwarante 2016, 08:22, par ruvuto
Ariko umenya muba mubwira injiji zitazi ubu go me bwanyu!cg mubaze mwabuze icyo mwandika?nkurumbi rindira imana izakwereka ko itanganya ubushobozi nawe!nawe ubwawe uzirangiza!
27 Ntwarante 2016, 07:57, par Irakoze
Mbega Basha Neza Iki Gihugu Kirabaye Ico Abebeshi Gusa .Ahoho Nuwaturiy Isoko Mumisi Bazovuga Ko Yishikany
27 Ntwarante 2016, 13:38, par MOÃ SE
HEMWE ABARUNDI TUZOKWICANA KUGERA RYARI? MANA GARUKIRA UBURUNDI TUGEZE HABI.
27 Ntwarante 2016, 14:06, par Dodo
Mbe ko muvuga ngo namarementanya ibinogo birirwa barerekana navyo namarementanya.Kandi aho nyene muri ba sindumuja.