Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurundi umwe niwe amaze kumenyekana ko yaguye mu misunikano i (...)
Umurundi umwe niwe amaze kumenyekana ko yaguye mu misunikano i Maka
samedi 26 Nyakanga 2015
Umurundi umwe niwe amaze kumenyekana ko yitavye Imana mu misunikano yabereye mu gihugu ca Arabie Saoudite mu gisagara ca Maka,ahabereye urugendo rweranda rwabaislam kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015.
Uwo murundi yitavye Imana yari azwi kw’izina rya Araraki canke Rarakiya,ariko izina ryiwe ry’ukuri ni Omar Hassan Sheikh. Yari azwi cane mu gisagara ca Gitega aho yakorera ibikorwa vyo kudandaza.
Rarakiya ava mu gihugu c’Ubuhindi yari amaze imyaka irenga mirongo irindwi aba mu gihugu c’Uburundi.Ari mu baislam bashika 717 bitavye Imana muri urwo rugendo hamwe n’abarenga amajana umunani bakomeretse.
Umuryango w’abaislamu mu Burundi umenyesha ko wakiranye umubabaro urupfu rwa Omar Hassan Sheikh.
Van Naris Mugisha
Messages
26 Nyakanga 2015, 12:28, par Hitimana François
Imana imwakire namba yarayikore! Atayikoreye naho ntakundi,niyigir kwa Shetani. Mais sinzi ko yo mwakira kandi yaragiy kumutera amabuy!!
26 Nyakanga 2015, 12:34, par barandagiye emery
nuk aziz ubus
26 Nyakanga 2015, 16:41, par Napoleon
Kwatabireka !Apfuye Hageze Nakare Yaragiye Kwa Shetani!
26 Nyakanga 2015, 17:06, par Nawenuwacu
Jewe ntakintunakimwe muribimwanditse ngaha kinyeretse kwuyumuhisi yarumurundi? Umva amazinayiweyose ntanarimwe ryerekana kwarumurundi, ahubwomwatweretseko yajemu Burundi avamukihugu cu Buhidi ariko ntimwatubwiyeko yariyarasavye ubwenegihugu bwu Burundi arabuhabwa,arikomwatweretseko yarimaze imyaka mirongi indwi Burundi ivyonavyo ntibisigurako acayitwa umurundi, ariko twovugako nubwobwo atarumurundi twamwibonamwo nkumurundi kubera yaribaye Burundi igihe kinini. Imana nyirumubasha sewumwamiwacu Yezu Christo imushire mukibanza yamuteguriye gikwiranye nivyoyakoze kuko irakizi.
26 Nyakanga 2015, 17:27, par CLAUDE NDAYIRAGIJE
TURAHOMVYE UMUGWZA TUNGA UWOYAKOREYE NAMWAKIRE IVYOBNTU BIRATEYAMAKENGA
26 Nyakanga 2015, 19:46, par sinkibukira harid masanganzira
inarirahi wa ina irayihi raje wuna Imana imwakire mubwami abwayo ishara Imana ibafashe nimidyangoyabo tubandanye tubasabira abasiramutwese ishara
26 Nyakanga 2015, 20:45, par Fulgence
Imana imwakire mu bwami bwayo.
26 Nyakanga 2015, 20:59, par ahmad
imana imuhezagire uyomutama
26 Nyakanga 2015, 21:07, par ARONI
NAKAMARAMAZA
27 Nyakanga 2015, 09:01, par issa
Alah amufashe mu nzira arimwo.afash umuryango 8we ishara.
27 Nyakanga 2015, 10:37, par bigirimana houssen
imana imuhe iruhuko ridashira imworohereze mubikorwa vyiza yarimwo yongere yorohereze umuryango wiwe
27 Nyakanga 2015, 13:56, par ahamad bizimungu
allah amuhembere ico gikogwa ca allah inshaallah
27 Nyakanga 2015, 14:01, par barumwete
Ariko abantu bafise ubwenge bagahendwa ngo bagiye gutera amabuye Satani? Ntibamenya ko bagomba kuba ibimazi vya Satani. Abarokotse ndabasavye ntimusubire guhendwa abaislam ntibasenga Imana yo mw’ijuru
27 Nyakanga 2015, 16:28, par Niyuhire Amédé
Imana imwakire
27 Nyakanga 2015, 19:08, par HAKIZIMANA J.Baptitei
Ntakundi ! Imana imwakire mu bwami bwayo.
27 Nyakanga 2015, 21:38, par TOYI EMMANUEL
ARIIIKO ! URWORUGENDO RWERANDA. RWABA ISILAM RWAMA R WAHITANYE ABANTU BURIMWAKA RUT EYAMAKENGA .IYOMANA YABO IZOHA VA IBAMARA NUMWICANYI.
28 Nyakanga 2015, 10:39, par sebu mathias
ese iyi myemerere yaba islam ko bisa nukwiyahura bazabiretse!
28 Nyakanga 2015, 11:58, par john philipo
nukuri ntawutokwifatanya nabo imana ibane nabo allah arikumwe nabo
28 Nyakanga 2015, 16:50
ndihokubwayo.issa
28 Nyakanga 2015, 20:14, par HAVYARIMANA MESHACK
Naruhuke mubwami bwo mwijuru
29 Nyakanga 2015, 05:06, par jeremiah sindayigaya
Birababaje, turahojeje umurayango wabuze,
Kand’urupfu ntitwari dukwiye kurutinya kuko niyo nzira yo gutaha, cane cane vyotunezera iyo twagize ingeso nziza.
29 Nyakanga 2015, 05:06, par jeremiah sindayigaya
Birababaje, turahojeje umurayango wabuze,
Kand’urupfu ntitwari dukwiye kurutinya kuko niyo nzira yo gutaha, cane cane vyotunezera iyo twagize ingeso nziza.
29 Nyakanga 2015, 10:53, par abdul
Turahojeje umuryango wabuze kandi turifatanije mumubabaro
1er Gitugutu 2015, 20:56, par Mbisamatore Nestory
reka kubabaz’Imama ntabwoyica.mbega meshaki,saduraka na abedenego kobemangiye imana bakanka gusenga igishushanyo barapfuye?ni chanse zanyuma.uwurinugutwi nuyumve ico Mpwemu abwiramashengero....