Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi udasanzwe ujejwe kwumviriza abarenganijwe ugiye gushirwaho
Umurwi udasanzwe ujejwe kwumviriza abarenganijwe ugiye gushirwaho
jeudi 30 Ruheshi 2016, par
Mu gihe Uburundi buhimbaza kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya mbere Mukakaro 2016 imyaka 54 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko hari abantu bacigenza nk’abakoroni mu kurenganya hamwe n’ukutitwararika benewabo, kubafata nabi, kubarya umutima, kubadodobereza, kubakuza mu kazi canke kukabatesha. Petero NKURUNZIZA amenyesha ko iyo ngendo igiye gusezererwa.
Mu kurwanya ingendo y’ukurenganya abandi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko agiye gushiraho umurwi udasanzwe
mu biro vy’umukuru w’igihugu uzoba ujejwe kwumviriza abarenganijwe
ku kazi no kubarenganura.
Mw’ijambo yashikirije Abarundi, Petero NKURUNZIZA yagize ati : "Tuzoca tubashikiriza imisi bazoza barakirwa buri ndwi, ivyo bikorwa bikazobera no mu ntara zo mu gihugu hagati."
Muri iryo jambo yashikirije kuri uwu wa kane, Petero NKURUNZIZA yateye akamo Abarundi basabira ibihano Uburundi bwabibarutse ko bikubite agashi, abasaba kugarura agatima n’ubwenge, bagaruke mu ruhongore, aribwo Burundi muvyeyi wa twese.
Ijambo rya Petero NKURUNZIZA, ku musi mukuru wo guhimbaza imyaka 54 Uburundi bumaze bw’ikukiye.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
1. Imyaka mirongo itanu n’ine irarangiye (54) Uburundi buronse intahe
y’ukwikukira, hari kw’igenekerezo rya 01 Mukakaro umwaka w’1962.
Turashimiye Uhoraho ko yazigamye Uburundi n’Abarundi muri iyo myaka
yose. Nahabwe icubahiro.
2. Turashimiye bimwe bivuye ku mutima abitanze bose, duhereye ku Muganwa
Ludoviko Rwagasore yahasize ubuzima n’umuryango wiwe, ku gira dushike
kuri iyo ntsinzi.Turashimiye kandi abo bose bagize uruhara muri ico gihe,
baba abakiriho abitavye Imana, abazwi canke abatazwi. Imana
Mushoboravyose ize ibahembere ico gikorwa c’iteka bakoreye Uburundi
n’Abarundi.
3. Uno musi rero, Umurundi wese ari mu gihugu canke mu mahanga,
narangwe n’urukundo rw’igihugu ciwe, afatire akarorero ku babaye
incungu z’Uburundi: incungu y’intahe y’ukwikukira, Umuganwa Ludoviko
Rwagasore, be na Nyenicubahiro Merikiyoro Ndadaye, incungu ya
Demokarasi.
4. Iryo ragi ry’urukundo rw’igihugu no kugikorera badusigiye, ni ryo twashaka
gushimikirako ridufashe tugire urunani rw’intamenwa, turwanye uwo wese
yoza ashaka kuritwibagiza. Niturikwiragize mu Barundi bose, duhereye ku
rwaruka, rwo Burundi bw’uno musi n’ubw’ejo, kugira rumenye ko kugira
igihugu ari iteka rihambaye duhabwa n’Imana.
5. Turipfurije rero Abarundi n’ababa mu Burundi bose umusi mukuru mwiza,
tuwuhimbaze twiyemeza kubungabunga iyo ntahe yadusubije iteka
n’ijambo, ububasha n’ubwigenge twari twaranyazwe bwo gusubira
kwitunganiriza ivy’igihugu kandi bikaba ari twebwe nyene bibazwa.
6. Twashimye guhimbaza uwu musi mukuru twisunze iki civugo:
« Duhaguruke, dutsimbataze kandi duteramire intahe y’ukwikukira mu
kuyishigikiza urunani rw’intamenwa n’ibikorwa vyiza".
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z ‘Uburundi,
7. Kuva mu 1962, itariki ya mbere Mukakaro, twama duhimbaza intahe yacu
y’ukwikukira, tukibukanya kahise k’Uburundi mu gihe c’intwaro ya cami,
ku ntwaro ya bakavamahanga, n’inyuma yayo tumaze kwikukira.
8. Ku ntwaro ya cami, abanyamahanga batarashika, Uburundi bwari igihugu citunganije. Umurundi yari afise ijambo, avuze akumvirizwa, abajije
akishurwa, afise ibimugoye agatunganirizwa. Abarundi bari bafatanye mu
nda, babumbatiye ubumwe, amahoro n’umutekano, kandi bagasonera
ubuzima bwa kiremwa muntu kuko ari katihabwa, mbere tukabisanga no
mu miziro.
9. Mu vyaranze intwaro y’abanyamahanga harimwo vyiza na bibi. Bimwe mu
vyibonekeza, baba abadagi, baba ababirigi, ivyo bari bahuriyeko kwari
ukwaka ububasha n’ijambo indongozi z’Uburundi; gufata ingingo no
gushinga amategeko bikandamiza Abarundi kandi birtyoza agateka kabo,
bagakubitwa ibimoko, bagategekwa gushikana amagi n’amasoro; gusahura
ubutunzi bw’igihugu kandi ivyo vyose bakabikora bashigikiwe n’Abarundi
bamwe bamwe bashira imbere inyungu zabo.
10. Kugira Abarundi tuve muri ubwo buja, ntivyari vyoroshe, kuko bose
batabibona kumwe, hari abavuga ko hataragera bafatinije n’abakoroni
kubera inyungu zabo, mu gihe umuganwa Ludoviko Rwagasore n’Abarundi
b’umutima bakunda igihugu kandi barinda, bahagurutse barwanira agateka
kabo, bikurako agacinyizo n’akagaye.
11. Ariko n’ubu hari abakibandanya imigambi yabo igayitse yo gurtyoza
igihugu cabibarutse, badashaka ko abenegihugu bitunganiriza intwaro
yabo bo nyene. Tuzirikane ko basokuru bayamaze bati : "Uwutema urwiwe
bamutiza umuhoro". Ni ko biri n’ubu.
12. Ukwikukira rero ni ako gateka kadasanzwe Abarundi twaronse, aho igihugu
cava mu buja bw’abari bagipfukamye mu nda, gurtyo tugira ijambo mu
makungu, maze Imana Mushoboravyose iratugarukira idukura mu vyara
vy’abo banyamahanga.
13. Urugamba rw’intahe y’ukwikukira rwarerekanye ubugabo Uburundi bufise,
nkuko tubisanga mu ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu: « Burundi bwacu
ragi ry’abasokuru, ramutswa intahe n’ibihugu, ufatanije ishaka n’ubuhizi.
Vuza impundu wiganzuye uwakuganza ».
14. Ukwikukira kandi ni intsinzi twaronse turongowe n’abagabo nyabagabo,
maze "Uburundi buhagurukana Ubugabo burikukira", ibendera y’Uburundi
rirahungabana, indirimbo ihayagiza igihugu cacu irasamirana na bugingo
n’ubu. Ico ni ikintu gikomeye cane tudakwiye gufata minenerwe no
kwanjanjwako na gato.
15. Zina Murundi wese, yaba ari mu Burundi canke mu bindi bihugu, hariho
ikintu ategerezwa kwitwararika: Ni ukubumbatira, ukwitwararika ndetse
n’ugutsimbataza intahe yo kwikukira twaronse.
16. Muti none twokora iki kugira tubumbatire kandi dutsimbataze ubwigenge
bw’igihugu? Iyo igihugu cikukiye ni uko abenegihugu baba baronse
uburenganzira bwo gutunganya ibijanye n’intwaro mu kwitorera
ababarongora, n’imigambi ibashimishije bakayigira iyabo no mu kuyishira
mu ngiro.
Iryo banga rero ntidukwiye kuridohokako kugira Abarundi batwarwe n’abo
bitoreye, kuko igihugu cacu carikukiye. Nituve hasi rero dukorere igihugu
cacu. Nta munyamahanga azoza kudutunganiriza ivyacu.
17. Ikindi c’inkoramutima dutegerezwa gukora ni ukubumbatira amahoro
n’umutekano no kurwaniriza hamwe ico cose coba kigomba gutosekaza
amahoro n’umutekano dufise.
18. Murazi ko bimwe mu vyo abagomba gukandamiza abandi no kubashira mu
buja bakora ari ugusenyura intwaro zashizweho n’abenegihugu,
bagahungabanya amahoro n’umutekano, maze ubutunzi bukononekara,
igihugu kikaja mu ndyane no mu marira, bakaba baronse aho bamenera.
19. Turavye ibihe bitoroshe igihugu cacu cagiye kiracamwo, Abarundi benshi
barerekanye ko bakunda igihugu cabo, baguma bafatanye mu nda, inzego
z’umutekano uko nyene, zamirira kure abashaka ko zicanamwo ngo inzego
zitorewe n’abenegihugu zisenyuke, demokarasi turimwo inigirwe mu
menshi, akajagari n’ubwicanyi bibe ndanse, bibaza ko baca bashika ku vyo
barondera no ku nyungu zabo nkuko twabibonye mu 1961, 1965, 1972,
1988, 1993, 2005, 2010, n’ejo bundi hahise mu 2015.
20. Rero Barundi, Barundikazi, turakwiye guca ubwenge kugira intahe
twaronse yo kwikukira tuyibumbatire ntiduce mu myanya y’intoke.
21. Si ivyimbeshere, ijambo ry’ukuri ryama ryiganza hose. Rwagasore
n’Abarundi baratsinze, batsindira intahe y’ukwikukira biciye mu matora,
amakungu aravyemera, Uburundi burikukira, Abarundi twese tuba
turikukiye.
22. Tubimenye twese kandi tubimenyere, hari ico gutinya no kwubahiriza, ni
ijambo riba ryapfunditswe n’abenegihugu. Vyongeye, nta Murundi
w’umutima, umugabo nya mugabo akinisha canke ngo yanjanjwe ku ntahe
y’ukwikukira kw’Abarundi twari twarahabiye. Twibuke neza kandi ko iyo
ntahe y’ukwikukira yaciye mu matora y’Abarundi bose.
23. Nkako, icivugo c’igihugu cacu kigizwe n’ibintu bitatu: Ubumwe, Ibikorwa
n’Amajambere. Hariho rero ibintu dutegerezwa gukora kuko ni twebwe
Abarundi twabisezeranye igihe twikukira.
Ubwa mbere: Kuba umwe.
➢ Abarundi tube umwe koko muri vyose, tugire ubumwe bw’intacika,
ikigoye umwe kibabaze uwundi, kanatsinda twese turi beneburundi, bene
mugabo umwe.
Ubwa kabiri: Ibikorwa
➢ Dutegerezwa gukura amaboko mu mpuzu tugakora, kandi turangwe
n’ibikorwa vyiza. Abakozi ba leta, abo mu mashirahamwe, abikorera
utwabo, eka n’ahandi, ni dukorane ishaka akazi tujejwe. Aho tuzoba
turiko turerekana ko tubumbatiye intahe y’ukwikukira.
➢ Ibikorwa vy’iterambere rusangi tubibandanye n’umwete, tugwize
inyubako rusangi, dutere ibiti ku mbibe z’igihugu naho hose hahanamye, kugira ngo dukingire ibidukikije n’isi ndimwa.
➢ Akaba ari naco gituma twashizeho ikiringo co kwinjira uko umwaka
utashe mu gihe nk’iki ivyo twaranguye, twongera twibukanya
amasezerano twasezeranye mu gihe igihugu cikukira. Ivyo tuzobikora mu
kiringo c’amezi atatu ku rwego rw’intara n’ama komine, kuva muri uku
kwezi kwa Mukakaro gushika mu ntango ya Gitugutu. Ivyo bikorwa
bizoba bijanye no kwigina imyaka 54 Uburundi bumaze bwikukiye; ivyo
navyo birashika 260, bikaba bigizwe n’amashule, amarerero, ibiro
vy’indongozi, amashengero, amazi ya rusengo, amazu y’ingenzi, amazu
y’amanama, amavuriro, ibitaro, ibitara, ibigwati, amasoko, amahinguriro,
ibibuga vy’inkino, n’ibindi.
➢ Ariko hari intara zitarashikiriza ivyazo nka: Bururi, Cibitoke, Karusi na
Kirundo. Mu gihugu cose rero, ibikorwa mirongo itanu na bine (54) bikuru
bikuru bizoshikirizwa n’inzego nkuru zigize igihugu cacu, uhereye ku
rwego rw’umukuru w’igihugu. Tukaba dukeje Abarundi bose bitanze.
➢ Mu ntumbero yo kugarukana no gutsimbataza imico myiza yamye iranga
Abarundi na cane cane iyadushikanye ku ntahe y’ukwikukira, Leta
yarashizeho umugambi w’igihugu w’inyigisho zo gukunda no gukundisha
abenegihgugu igihugu cabibarutse. Ni co gituma twasavye intara yose,
ikomine yose kugira igikorwa yerekana ngo kibe ico twitirira umusi
mukuru w’ukwikukira.
➢ Leta yarashizeho kandi umusi mukuru w’amakomine, uhuza
abavukantara mu makomine baturukamwo kugira basangire, biginane,
hanyuma birimbure ku vyo baranguye, bamenye ivyabagoye, baheze
buzuzanye bashinge imigambi y’iterambere.
➢ Mu Burundi hari abantu bacigenza nk’abakoroni mu kurenganya,
kutitwararika benewabo, kubafata nabi, kubarya umutima,
kubadodobereza, kubakuza mu kazi canke kukabatesha.
➢ Mu ngendo yo guhasha iyo nyifato, tugiye gushiraho umurwi udasanzwe
mu biro vy’Umukuru w’igihugu uzoba ujejwe kwumviriza abarenganijwe
ku kazi no kubarenganura. Tuzoca tubashikiriza imisi bazoza barakirwa
buri ndwi, ivyo bikorwa bikazobera no mu ntara zo mu gihugu hagati.
➢ Ubundi bubisha bumaze imisi bwibonekeza ni aho abaganga n’abavuzi
bamwe bamwe bataye ibanga barahiriye, banka kwakira no kuvura
n’ibigirankana abarwayi babitura, hakaba mbere hamaze kuboneka
abahasiga ubuzima. Abo bantu baronderwe kandi bafatirwe ingingo
ruhasha vuba na bwango, ubwo bwicanyi buhashwe ubutakigaruka.
Ubwa gatatu : Amajambere
➢ Iterambere rikomeye rikwiye guhera mu miryango kandi Abarundi bose
bakama bitwararika iterambere ry’ingo, imiryango n’amashirahamwe.
➢ Turasaba kandi ko hobaho indinganizo yo kubungabunga ibikoresho
vy’igihugu: inyubakwa za leta, imiduga, amapikipiki canke ibikoresho vyo
mu biro, eka n’ibindi, kuko tugumye twisamburirako iterambere
twiyemeje ntitworishikako.
➢ Ni vyo twarikukiye kandi turi mu ntwaro ya Demokarasi, ariko turacafise
ibibazo bitari bike:
Umwimbu muke naho uwu mwaka habaye akarusho, igwirirana
ry’abantu, ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu, indero mu
mashure iguma itituka, ubushomeri, ubunebwe , kutubahiriza amasaha
yakazi, urudandazwa rutubahirije amategeko, ukugabanuka
kw’imfashanyo ziva hanze, n’ibindi. Vyongeye igihugu gitezwa imbere na
bene co, nayo agacumu k’ubumwe karunganira gusa.
➢ Ariko natwe ntitureze amaboko, turabandanya gushira mu ngiro wa
mugambi wo kurwanya ubukene, guhimiriza urwaruka ngo rwijukire
ibikorwa rúri mu mashirahamwe, gukomeza ibikorwa kugira turwanye
ubukene n’inzara kandi dushike kw’ihangiro ry’ingene igihugu cacu coba
cifashe mu mwaka w’i 2025, (Burundi, Vision 2025), bize bitubere
intango yo gutegura irindi hangiro ryiza gusumba inyuma y’iryo.
24. Twagomba tubibutse ko habaye muri kahise Abarundi gito bifatanije
n’abanyamahanga bashaka gusubiza igihugu mu buja, eka mbere
biherutse kuba mu mwaka uheze kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,
aho bagomba gusenyura inzego zitorewe n’abenegihugu. Abarundi bamwe
bamwe bagiye biyobagiza akamaro ko kwikukira no kugira iteka n’ijambo
mu makungu.
25. Twagomba rero dushimire inzego z’umutekano hamwe n’abandi barundi
bahagurutse bakiyamiriza ako kabi kabishe k’abagomba gusubiza igihugu
mu buja no mu ntwaro za « ryogoraduhure » twasezereye, twongera
tunakebura Abarundi biyobagiza ko Uburundi bwikukiye, ngo bave ibuzimu
baje ibuntu, bifatanye na benewabo mu kwubaka igihugu cabibarutse.
26. Imbere yo gusozera, twashaka tubashikirize impanuro:
➢ Turasubiye guhanura urwaruka kugira ngo ruve inyuma y’abarujuragiza,
bakaruta mu rudubi bishakira inyungu zabo. Nirumenye ko arirwo Burundi
bw’ubu n’ubw’ejo.
➢ Duhamagariye abarundi bose kwijukira ibikorwa vyiza vyo kwiteza imbere,
kuja mu mashirahamwe, kugira isuku, n’ibindi.
➢ Turasavye abanyepolitike kugendera akarangamutima k’igihugu,
ababikwiye abe aribo bashirwa imbere mu bijanye na politike zabo.
➢ Turasavye amashirahamwe, yaba ayo mu Burundi canke ayo mu mahanga
gukorera ku civugo c’Uburundi: “Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere”.
➢ Turateye akamo benewacu birirwa barakwira imihingo yose y’isi basabira
ibihano Uburundi bwabibarutse ngo bikubite agashi, bagarure agatima
n’ubwenge, bagaruke mu ruhongore, ari bwo Burundi muvyeyi wa twese.
➢ Turasavye abajejwe umutekano n’abarundi bose ko boshishikara kurwanya
iterabwoba ryose hamwe n’ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi aho bubonetse
hose.
➢ Amakungu n’amaleta y’ibindi bihugu, tuyasavye kwubaha no gushishikara
gushigikira ukwigenga kw’Uburundi.
27. Mu gusozera, twashaka gusubira kwibutsa ko Leta ataco itazokora kugira
ngo intahe yo kwikukira twaronse bigoranye, ndetse n’amaraso agaseseka,
ntiyongere kuduca mu myanya y’intoke. Duhamagariye kandi Abarundi
bose kwubahiriza intwaro ya demokarasi n’intahe y’ukwikukira kwacu.
28. Kukaba nkako, Abarundi twahisemwo kwama dushira imbere na ntaryo
inama n’ingingo, mbere n’ubu tukaba turi mu biganiro bidakumira mu
gihugu cose no hanze y’igihugu, kandi bikaba bimaze gushika ku ntambwe
ishimishije.
29. Duhaguruke duteze imbere ubutunzi, twiyamirize ba kaboko n’izindi ngeso
mbi zonona ubutunzi bw’igihugu, eka n’abo bose bagifise imigambi mibi
n’ivyiyumviro vyo kudusubiza mu bukoroni.
30. Twashaka dushimire cane abashitsi bavuye mu bihugu bitandukanye,
bakaza kwifatanya na twe muri ibi birori, kikaba ari ikimenyetso ko
bashigikiye ukwikukira kw’Uburundi kandi ko ari incuti ziduhozako
umutima. Turashimiye kandi abenegihugu bitavye uru rubanza mu
makomine yose agize igihugu cacu.
31. Turashima ko Uburundi bubanye neza n’ibihugu bibanyi ndetse n’ibindi
bihugu. Igikenewe kandi c’ukwitwararika, ni uko twokwubahana nk’ibihugu
vyikukiye, tukabana neza kandi tukuzuzanya.
32. Turasubiriye gutera akamo impunzi zataye izabo n’ivyabo kubera ibihuha
n’amarementanya ngo zitahuke zose, kanatsinda na benewabo batari bake
bari barahunze baramaze guhunguka, ubu bakaba bari kumwe na twe mu
guhimbaza uwu musi mukuru w’ukwikukira.
33. Turashimiye abo bose batubaye hafi mu kugarukana no mu gutsimbataza
amahoro n’umutekano, abaterereye mw’irangurwa ry’imigambi
y’iterambere, abasengeye igihugu mu kuri no mu mpwemu, ndetse
n’abenegihugu bakuye amaboko mu mpuzu bagakora cane cane mu
bikorwa rusangi. Bakoze ibikorwa vy’iteka, kanatsinda intahe y’ukwikukira
itsimbatazwa n’ibikorwa vyiza.
34. Tukaba turangije dusubira kwipfuriza abarundi n’ababa mu Burundi bose
umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze muzirikana ko ukwikukira ari
ukwumva ko uba mu gihugu cawe, ukagikunda kandi ukagikorera, kigatera
imbere n’abakibamwo bagatera imbere. Mugume muzirikana kandi
mushira mu ngiro icivugo c’uno musi, maze, « duhaguruke, dutsimbataze
kandi duteramire intahe y’ukwikukira mu kuyishigikiza urunani
rw’intamenwa n’ibikorwa vyiza."
IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI
MURAKOZE.
IGIHE
Messages
30 Ruheshi 2016, 22:59, par Bocco
E,go Me Nimviz
30 Ruheshi 2016, 23:18, par tari (mujeri, turaje, falcon)
Komera nyirecubahiro Nkurunzoza
Njye nitwa Tari (Falcon, mujeri, turaje).Mbasabye ikigongwe kuko nkunze kubatuka hano kuri iyi site. Cyane cyane ntukana ntaranywa imiti yacu y’ibikwangari hano kwa le gentil. Mbasanye ikigongwe.
1er Mukakaro 2016, 03:51, par Kamoso
Uwo Murwi Nunyaruke Kuko Ino Mu Ruyigi Biracitse. Kubera Ibiturire Na Kamwana Wamama, Hari Abigisha Bangazwa Bakuwe Mukazi Barenganijwe.
1er Mukakaro 2016, 08:28, par Falcon50
Ewe nkurumbi ntasoni ugira,aho bogutuma ibihugu vyikukiye wozana uburundi,eka abakurambere ntibabeshe amenyo aragutwenga arayawe.
1er Mukakaro 2016, 14:19, par tari
Wewe ivyawe twarabihaze ntavyo ufise utubwira icodukeneye nkutubwira kukinjuye hanyuma tukaguta mugasho ntabindi
1er Mukakaro 2016, 20:21, par intare
@tari (falcon50).None ntamiti y’abasazi uranywa.uri igikwangari koko. Nawe urabyivugira
3 Mukakaro 2016, 03:18, par UWISHWE NA CHARLES-TYLER
URI UMUGABO PE! UYO MURWI UZE UHERE MU NTARA ZA KIRUNDO KUKO ARIHO HASINZIKAYE CANE.AHA TWOVUGA NKA D C E BWAMBARANGWE N’AHANDI .AHUBWO NYENICUBAHIRO MWOBINYARUTSA KUKO TWARAGOWE !!
3 Mukakaro 2016, 07:40, par M T T
Nivyiza Cane!Ahubwo Uwo Mugwi Wari Waratevye.Nkino Mu Kinyinya Uhirahiye Ukava Muri Cndd Fdd Uba Usezerewe Mukazi Ndetse Bakakwirukako.Ugize Imana Ukaronka Akazi Mwishirahamwe Bakagusangayo Bagutoteza..Niwirambire Sha Mutama Nkurunziza Tuzokurwa Inyuma!!Maze Urabe Neza Abatoteza Abandi Nabo Mwahaye Amabanga Akomeye Mumugambwe.
4 Mukakaro 2016, 22:27, par Ruturamashyamba
Yooo!! Uyu muntu witwa Tari (falcon50)
Ni umusazi wujuje ibyangombwa nkuko nawe abyivugira