Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA uracarondeza
Umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA uracarondeza
jeudi 28 Mukakaro 2016, par
Umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA nturashobora kumenya namba uwabo yoba akiriho. Iminsi igiye kuba indwi ata gakuru kiwe kuva aho afatiwe akajanwa mu kibanza kitaramenyekana. Umupfasoni wiwe Godeberte HAKIZIMANA abandanya gusaba abobishobora bose ko bomufasha kurondeza aho umugabo wiwe yoba ari.
Mu gihe kuva kuri uwu wa gatanu atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IWACU, Jean BIGIRIMANA, bikavugwa ko yafashwe n’abakozi b’igendereza, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi asaba umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.
Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016. Uwatanze amakuru ku muryango wiwe yavuze ko yafashwe n’abakozi b’igendereza.
- Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA
Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe. Uwo muntu yatanze ayo makuru y’ifatwa rya Jean BIGIRIMANA yavuze ko yahagaritswe n’abakozi b’igendereza, bari kumwe n’abajejwe intwaro, i Bugarama, ariko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba abihakana.
Godeberte Hakizimana, umupafasoni w’uwo mumenyeshamakuru asaba inzego zijejwe umutekano ko zomufasha kurondera hamwe n’ugukingira umugabo wiwe ari mu kibanza kitaramenyekana.
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe (Reporters Sans Frontières) rimeneysha ko ifatwa ry’uwo mumenyeshamakuru ari ingendo y’ugushaka gutera ubwoba abakora umwuga w’ukumenyesha amakuru, iryo shirahamwe rigasaba ko Jean BIGIRIMANA yorekurwa.
IGIHE
Messages
28 Mukakaro 2016, 23:28, par uwiman
iman imuhezagir ahar iramubona ikind imurind agasuzugur(.....)
28 Mukakaro 2016, 23:29, par uwiman
iman imuhezagir ahar iramubona ikind imurind agasuzugur(.....)
29 Mukakaro 2016, 02:30, par Morodikayi Jon
Nugusengi Imana, kugaruka ni manimpa kwabo bagesera ngo nabiperereza, iperereza ryo ngaha iwacu turamenyereye kuba badutwara abacu bakagenda kufungirwa mumazu yabo, bukeye bagatorwa ibiziga.
30 Mukakaro 2016, 19:27, par Melchiade
None,kobatavugiyari,kandaribobahazi,,