Accueil > Amakuru > u Burundi > Gervais ABAYEHO ari muri bane bagiye guserukira Uburundi mu (...)
Gervais ABAYEHO ari muri bane bagiye guserukira Uburundi mu makungu
mercredi 3 Myandagaro 2016, par
Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa gatatu amazina y’abantu bane bagiye guserukira Uburundi mu makangu. Umwe muribo ni intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, ibihugu abo bemejwe bazorungikwamwo bikaba bitavuzwe.
Amazina y’abo bemejwe n’inama nkenguzamateka yarungitswe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, abo nabo akaba ari Gervais ABAYEHO avuka mu ntara ya Bujumbura, akaba ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uwugira kabiri ni Emmanuel MPFAYOKURERA akora mu biro vy’umukuru w’igihugu, akaba avuka mu ntara ya Kayanza. Uwa gatatu ni TABU Rénovat akora mu nama nshingamateka y’Uburundi, akaba avuka mu ntara ya Cibitoke. Uwa kane ni Colonel Jean Baptiste BIHERENGENDE avuka mu ntara ya Muyinga, akaba akora mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi.
Mu gihe abo bose uko ari bane ari abahutu, Alain Aimé NYAMITWE umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari nawe yari yagiye gutanga imyidondoro y’abo bantu mu nama nkenguzamateka, yasiguye ko mu gutora abaserukira Uburundi mu makungu bisunga ivy’iserukirwa ry’amoko yose, ariko ko cane cane baraba ico umuntu wese ashoboye.
Alain Aimé NYAMITWE ntiyavuze ibihugu abo bane bemejwe bazojamwo kubera ko ivyo bihugu bishobora kwanka kubakira.
Abakenguzamateka 36 kuri 37 bari bitavye ivyo bikorwa bemeje ayo mazina, umwe nawe akaba ariwe ataco yabivuzeko.
IGIHE
Messages
3 Myandagaro 2016, 13:52, par Saïdi Anicet
Iyo Ni Nkina Mico.Canke Ni Bo Bagiye Kwiserukira?Kuki Batavuze Ibihugu?Ivyo Twarabihaze.
3 Myandagaro 2016, 13:53, par Saïdi Anicet
Iyo Ni Nkina Mico.Canke Ni Bo Bagiye Kwiserukira?Kuki Batavuze Ibihugu?Ivyo Twarabihaze.
3 Myandagaro 2016, 13:56, par Saïdi Anicet
Ntavyo Kudukina Baduhenda,twarabihimvye!
3 Myandagaro 2016, 14:07, par INTAGOHEKA
NIBABANKA TURUNGIK ABANDI INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA KANATSINDA NTITUROTA DUHEMUKA
3 Myandagaro 2016, 16:26, par turaje
ariko aba batype bari muri gouvernement yuburundi barize kweri ?
3 Myandagaro 2016, 17:00, par Tripoli
I would like to thank H .E peter nkurunziza to choice those 4 guys but he should think before quota system.I am not tusti neither Hutu but; think about so. my self I wanna to return in my native country.
3 Myandagaro 2016, 17:15, par Murerwa solange
Imana ibashoboze bazokorere igihugu cabo neza
3 Myandagaro 2016, 18:11, par Athanase Manirakiza
Uko Nuguhuma Amaso Abarundi Twarabamenye
3 Myandagaro 2016, 19:49, par Herman ntanyungu
Inutile de nommer les tutsis dans les postes car, selon nkurunziza, le premier ennem
3 Myandagaro 2016, 20:15, par Turabategerejye 444
Twagomba Dukebure Uwise Anicet Hamwe Nabacyiyumvira Nkawe ! Dukunde Tugamburuke Ivyabatware
3 Myandagaro 2016, 20:42, par Nivyo
Ubirundi tugezekire mugutera intambwe ishimishije.
Jewe nivyonama mbwira abantu bavuga ngo ahanturunaka higanziwe nabarundi bomubwoko bwabatutsi maze nkababwirati mugihe bakoze inintu bitaribigumura abeneburundi abobakwiye guhezagirwa mugihetukirindiriye gushiramungiro ngushiramwo ayandimoko.
3 Myandagaro 2016, 23:30, par turaje
None mwe abanyamakuru ko abautsi murwanda muvuga ngo ntamoko ariho mwamenye gute ko ari abahutu? Njye nsaba leta ya Nkurunziza gushyiraho politique ya Ndi Umurundi.
4 Myandagaro 2016, 05:30, par Leonce Ciza
Je Ikintey Amakenga Non Bagiy Guserukira Uburundi Mu Bihugu Ivyahe?
4 Myandagaro 2016, 06:58, par ngendakumana
ambasadeur inconu hahahaha! ABAYEHO Gervais avuka nyamurenza muntara ya NGOZI.turamuzi.yooo!murambabaje.
4 Myandagaro 2016, 08:01, par ERIC
C Est Bn.
4 Myandagaro 2016, 12:34, par BIRAGoYE
Ivyo mu BURUNDI bwacu bisigaye bigoye ni kumirwa ry’ubwoko rirengeje
4 Myandagaro 2016, 20:36, par MISAGO MISHE
NBEWEWE UBONABITORENGA WOKORA IKI UBWO NUBUJUJU USUNBA ABABAGENYE NIHOMUBURUNDI HAZAMA UBUSINBIRAHAMWE KANDIRETA MUZOYANDURAKO KWITWARIRABOSE MUHIGIKI HAMAMUZIBURA
4 Myandagaro 2016, 20:37, par MISAGO MISHE
NBEWEWE UBONABITORENGA WOKORA IKI UBWO NUBUJUJU USUNBA ABABAGENYE NIHOMUBURUNDI HAZAMA UBUSINBIRAHAMWE KANDIRETA MUZOYANDURAKO KWITWARIRABOSE MUHIGIKI HAMAMUZIBURA
5 Myandagaro 2016, 11:06, par Wakera
Uwo yiyita Tripoli yarakwiye kwandika mururimi atahura kuko icongereza co mbona atariheza!!! Ibihugu navyo usanga ari Kiliba Ondès bazoja!!!!
9 Myandagaro 2016, 15:59, par Aferky
Barindire mu minsi mikeya bazobamesa.