Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwaka w’ishure 2015 - 2016 muri ISCAM watangujwe : Amafoto
Umwaka w’ishure 2015 - 2016 muri ISCAM watangujwe : Amafoto
mardi 29 Ntwarante 2016, par
Mu bigo vya Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi ISCAM (Institut Supérieur des Cadres Militaires) hatunganijwe kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri ibirori bitandukanye vy’ugutanguza umwaka w’ishure w’2015-2016. Ivyo birori vyose vyari bihagarariwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Muri iyo kaminuza, habaye ibikorwa vy’ugusozera indwi ya Kaminuza yahariwe ubuhinga, imico kama hamwe n’inkino.
Habaye kandi ukubisikanya hagati y’umurwi wa 42 w’intwazangabo hamwe n’uwa 43, hatangwa kandi n’impapuro z’umutsindo ku ntwazangabo zo mu murwi wa 41.
Muri ivyo birori, hakiriwe kandi umurwi wa 46 w’intwazangabo w’abanyeshure bashasha.
Muri uwo murwi w’abanyeshure bashasha, ibitigiri vy’uguserukirwa kw’amoko vyubahirijwe. Abanyeshure bose hamwe bagize umurwi wa 46 ni 87, bakaba bagizwe n’abahutu 43 hamwe n’abatutsi 43, n’umutwa umwe. Muri abo banyeshure, abakobwa ni indwi.
Amwe mu mafoto yaranze ivyo birori
IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2016, 15:49
Komera mwatwaza ,ngabomwe.
29 Ntwarante 2016, 16:08, par Démocrate SINDUMUJA
Vyose vyagenz neza kirets ko ba babaja ba nkurunziza aribo baburabuj ingabo zari zisanzw muri ISCAM
29 Ntwarante 2016, 16:33, par eric
May God protect our army unity.
If they could know that hutu-tutsi are the same in their heart.
We are living in other countries where one country has 20 different language but you ,you are the same so why do you accept that white men who need our resources.
PLEASE STOP AND BE TOGETHER.THE PRESIDENT NEED YOUR SUPPORT AS HUTU-TUTSI TO BRING US TO PROSPERITY.
29 Ntwarante 2016, 19:49, par BIGIRIMANA
TUBAYE NKUWUBASABA MWOSHOBORA KUNSHIRAMWO?
29 Ntwarante 2016, 20:24, par Nkurikiye Mohamed
Nivyiza Cane Ndabishimye Ntacobibaye.
29 Ntwarante 2016, 22:05, par morodikayi.
Nivyiza ariko nuko batomera nkabo twirirwa turabona, birirwa baragandagura abanyagihugu, kera twari tuzi kumusoda aruwo gucungera imipaka yi gihugu kugira ntihagirumwansi wikindi gihugu yo za guhungabanya umutekano wigihugu,ubu vyarahindutse hano muburundi kuko uhuye numusoda nturwe kure akubika mwintambi, canke urusorooo, Uburundi bwahombeyaho.