Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwe mubayoboka Karori NDITIJE yitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka
Umwe mubayoboka Karori NDITIJE yitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka
jeudi 18 Ruhuhuma 2016, par
Umushingamateka Fabiyano Bancirwanino yatowe i Bubanza muri UPRONA ishami rirongowe na Karori NDITIJE yitavye ubwa imbere ibikorwa vy’inama nshingamateka y’Uburundi, ahamvya Rwasa Agathon hamwe na bagenzi we batowe mu runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.
Umushingamateka Fabiyano Banciryanino yitavye kuri uwu wa gatatu mu Kigobe mu ngoro y’amakoraniro ubwa mbere mu bikorwa vy’inama nshingamateka, inyuma y’aho umunsi inama shingamateka y’Uburundi yatangura ibikorwa vyayo vy’ukwezi kwa kabiri 2016 kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2016, hakiri abashingamateka bo mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI batari bwitaba na rimwe ibikorwa vy’inama nshingamateka, Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, yagabisha ko abo bashingamateka bagiye gusubirizwa.
- Umushingamateka Fabiyano Bancirwanino yatowe i Bubanza muri UPRONA ishami rirongowe na Karori NDITIJE
Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yamenyesheje ko ibiro vy’inama nshingamateka y’Uburundi bigiye kwitura inzego zibijejwe (Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro) kugira abo bashingamateka basubirizwe.
Abashingamateka bataritaba na rimwe ibikorwa vy’inama nshingamateka akaba ari abo mu mugambwe UPRONA, ishami riyoboka umushingamateka Karori NDITIJE, basanzwe bari bagiye hamwe mu matora na Agathon RWASA mu runani ABIGENGA AMIZERO Y’ABARUNDI.
IGIHE
Messages
18 Ruhuhuma 2016, 13:37, par maso
imbwa ntiyanja ivyokurya, aba arindiriye ko bihora
18 Ruhuhuma 2016, 14:13, par ernest
Uwo nuwo mwaguze canke mwakuye muri yamakontineri yatinyeko mumukurako izosi ivyo ntaco bizobamarira nubwo Bose mwobatera ubwoba bakaza mwebwe ahomugeze ivyomukora ntaho bitaniye noguta impamba
18 Ruhuhuma 2016, 16:16, par Kojja
ntawomenya igituma atari uwubibwiw nuw mugabo nyene!none asigura ko icari camubujije cavuy mu nzira?sha akanoti ko yaramaze kugahomba pe!
18 Ruhuhuma 2016, 16:31, par Musinga
Biracyaza. Na Nditije ari hafi kuyoboka.
18 Ruhuhuma 2016, 17:10, par Anaclet Ruberintwari
Ico imbwa yanse ushira aho ibona
19 Ruhuhuma 2016, 10:30, par DD
Mpemuke Ndamuke Erega Abantu Bubu Ntaho Bataniye N,inzoka Basigaye Bagira Kunda Ukijije Inda Yawe Uzobizira Urakarushwa