IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UNHCR: Abarundi barenga 50 000 baramaze guhunga

UNHCR: Abarundi barenga 50 000 baramaze guhunga

samedi 9 Rusama 2015

UNHCR imenyesha ko abarundi barenga 50000 bamaze guhunga Uburundi
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR rimenyesha ko abarundi barenga 50000 bamaze guhunga igihugu bahungira mu bihugu vya Tanzaniya,Urwanda na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

JPEG - 82.2 ko
Adrian Edwards

Mu kiganiro Adrian Edwards yahaye abamenyeshamukuru mu gisagara ca Geneve,amabi ariko arakorwa mu kiringo c’imbere y’amatora niyo atuma ibihumbi vy’abarundi bahunga igihugu.Yavuze ko abashika 25004 aribo bamze guhungira mu Rwanda,17696 muri Tanzaniya,abababa 8000 nabo muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.Yavuze ko benshi muri abo,ari abana n’abakenyezi,harimwo n’abana batandukanye n’abavyeyi.

Adrian Edwards yavuze ko kuva kw’igenekerezo rya 26 ndamukiza imyiyerekano yatanguye mu gisagara ca Bujumbura,kandi ko ku munsi ku munsi bamenya amabi yakozwe.Mu gihugu c’Urwanda kubera iterabwoba bagirwako n’urwaruka rw’imbonerakure.

Umuvugizi w’ishirahamwe UNHCR yabwiye abamenyeshamakuru ko impunzi nshasha zihunga zivuye mu ntara ya Ngozi na Muyinga,ariko UNHCR ikamenyesha ko hari n’impunzi zibonekeje ziva mu gisagara ca Bujumbura,harimwo abanyeshuri bo muri kaminuza.
Mu bahunze,umuvugizi wa UNHCR yabwiye abamenyeshamakuru ko hari bamwe bahohotewe n’abagabo bafise ibirwanisho,kandi bafashe ingendo baca mu mashamba bari kumwe n’abana babo.

Adrian Edwards yavuze ko bamaze gutangura kujabukana impunzi bakoresheje ubwato bushobora gutwara abantu 600,babakura mu bice bitandukanye babajana mw’ikambi y’impunzi y’I Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya aho bashobora kuronswa ikibanza bubakamwo naho batera uduterwa dukeya.

Umuvugizi wa UNHCR yavuze ko bamaze gusaba abategetsi b’Uburundi ko borekera umwidegemvyo abahunga,akaba ashima kandi uburyo ibihugu bibanyi biriko birafasha impunzi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.