IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urunani COPA ruratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Lt Gen Adolphe (...)

Urunani COPA ruratera ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Lt Gen Adolphe Nshimirimana

lundi 3 Myandagaro 2015

Urunani rw’imigambwe COPA rumenyesha ko rwakiranye umubabaro mwinshi,urupfu rwa Lt Gen Adolphe Nshimirimana,rwabaye kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro,muri komine ya Kamenge hafi y’ibitaro Roi Khaled.

Mw’itangazo ry’urwo runani ryateweko umukono n’umukuru warwo Jean de Dieu Mutabazi,kuwa mbere igenekerezo rya 3 Myandagaro,urunani COPA ruratera ivyatsi ubwo bwicanyi,rugasaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza ababikoze bamenyekane,bajanwe imbere y’ubutungane.

Muri iryo tangazo Urunani COPA rurahoza umuryango wa Lt Gen Adolphe Nshimirimana,umukuru w’igihugu,urwego rw’igisirikare hamwe n’abakorana nawe mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Urunani COPA rurangiza iryo tangazo rushimira abarundi bose,hamwe n’abanyagihugu bo mu Kamenge vy’umwihariko,igisirikare n’igipolisi,akabasaba kuguma babungabunga ubumwe bw’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mutabazi, Mbe Mugenzawe Zedi Feruzi Ntaco Yari Amaze Kubwawe? Abamwise, Bgjandajandire? Abazokwica Tuzosaba Ubutungane Bukore. Ngira Mibaza Ngo Ntivyoshoboka. Uyo Agiye Ntawavyibaza

  • Murakoze gose kuduhoza nokuturemesha. Rekatirebe abakoze umucango wokimwicisha kobazohava bikurayo bakavuga ijambo ryokwihanganisha abarundi nkuko abandi bakomeje kuturemesha!?.

  • Ntaco Ndabivuzeko. Gusa twari dukwiye kumenya ko ingero y’icaha ari urupfu.

  • Hahahaha ! Ewe Mutabazi naho woreka kwirigwa uratanga amatangazo ntibazokwibagira kuko barazi ko ukunda inda mugenzi ! Gomba rero ureke kwiha amenyo yabatwenzi kandi barazi ko uri na macakubiri adasanzwe urumva ivyo vyose urakwije ama condition bafatirako mu kuja muri systeme !
    Bonne chance !

  • MUVYUKURI NA COPA I NGOZI TURATEYE IVYATSI UBWO BWICANYI TUGASABA ABARUNDI KUREKA KWIHANIRA KUKO TUBA TURIKO TURIYIMBIRA IKIDUKWIYE.AYO MAGRENADE ACISHWA MW’IDIRISHA,KURASA CANKE GUCUMITA INKOTA UMUNTU BUGOROVYE VYOSE BIHAGARARE.

  • Abakunda inda zabo ubwo bwicanyi mubuteye IVYATSI ariko abakunda igihugu n’abenegihugu ubwo bwicanyi tubuteye AMASHURWE.

  • mbega mwabantu muguma muhoz umuryango wa rupfu ngo ni adolphe ko ntigez kubumva muhoza imiryango ya:Zedhe Feuruzi ek abo bose bishw nurwo rupfu ngo ni nshimireshetani!!!nuko batari bafis amaraso nabo cnk ngira nuko atac bar bamariy igihugu?? humura noneho ko mwanse gufata adolphe ngo abazw ivyo yakoz har iyitarenganya yamurengukij.ntimugir ubwob rero agiy kugaruk vuba muzomubona!!!!

  • adolphe ntiyapfuye ari mur mission yo kuzana imbunda na masasu azoshik ejo 15hoo

  • Abo Yishe Ni Benshi Reka Nawe Abasangeyo

  • Biramenyekanye nezako ari mission yabanyarwanda na uganda mukwica adolph!!! Kagame urabeneza turiko turaza ikigali!!

  • ubuho mwaraye mubonyeko twese tuva amaraso kandi naho woba wikoreye vya muzinga ningabo hageze haba hageze ,j mutabazi yironderera uduharage ,mumenyeko namwe mwese mubandanya musesa amaraso murimugushikirwa

  • COPA ISHAKA UMUTEKANO,AMAHORO N’ITERAMBERE KANDI UMUKURU W’IGIHUGU ARABISHOBOYE.

  • Ndabwira abandika kurur’ urubuga,ko kwishimira ko uwo mudahuza yapfuye sivyo bizokiz’igihugu cacu.
    Nobibutsa ko Ndadaye yapfuye havuka Nkurunziza, Adolphe n’abandi n’abandi
    uwo rero aragiye mugabo ibibazo ntabwo biheze.
    Ijambo ry’Imana ritubwira ngo dusabire abatwanka tubasabir’iki kwihana no guhinduka, igihugu cacu gifise ingorane kuko shetani yatwubatsemwo kandi twirigwa mu masengero, none dusab’iki ? amahoro canke dusaba ngo uwo tudahuza apfe niduhinduke bana bi Burundi niho tuzoronka amahoro.

  • verment birababaje umuryango wiwe ndawuhojeje

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.