IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego rw’abashingantahe rusaba umukuru w’igihugu kuva mu gacerere

Urwego rw’abashingantahe rusaba umukuru w’igihugu kuva mu gacerere

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Inama nkuru y’abashingantahe imenyesha ko irajwe ishinga n’ibiriko biraba mu gihugu na cane cane muri iki gihe twimirije amatora, aho hari abariko barapfungwa abandi bagatotezwa bivuye ahanini ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Mu kiganiro inama nkuru y’abashingantahe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 ndamukiza, abagize iyo nama bamenyesheje ko hari amakuru abandanya avugwa ko hoba harabaye itangwa ry’ibirwanisho ku rwaruka rw’imbonerakure, rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi. Inama nkuru y’abashingantahe ivuga ko ingendo zakozwe n’abategetsi barungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, hamwe n’ivyegeranyo vyo mw’ibanga vyashikirijwe iryo shirahamwe, hamwe n’impunzi zatanguye guhungira mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi, biza gushimangira icuka kibi kiri mu gihugu.

Inama nkuru y’abashingantahe igatangazwa ariko, n’ingene abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta be n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamenyesha ko hari icuka kibi ariko Reta y’Uburundi, abarongoye umugambwe uri ku butegetsi mu mpande zose, bose bavyiyamiriza batabanje kubisuzuma, barabe ko bidafise ifatiro. Kubera ivyo vyose, urwego rw’abashingantahe rusaba umukuru w’igihugu gutegeka abarongoye igiporisi n’igisirikare kurondera kandi bake mu maguru masha ibirwanisho abo bose babitunze batabifitiye uruhusha.

Inama nkuru y’abashingantahe isaba kandi umukuru w’igihugu kuva mu gacerere arimwo, agashikiriza ijambo ry’ihumure rizokiza igihugu cose, rigasubira kugishiramwo umutekano, abarundi bose bakumva ko baremye mu mutima, kuko kubwabo baravye aho ibintu bigeze ubu, atari sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro gusa canke umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora vyoshobora gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi. kuko ari imirwi yabahinga ifise aho igeza.

Mu kurangiza ico kiganiro ,inama nkuru y’abashingantahe yasavye ibihugu vyo mu karere hamwe n’amakungu kwamiza ijisho ku biriko birabera mu gihugu, bakabikurikiranira hagufi, muri iki gihekidasanzwe co gutegura amatora.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Murakoze Bashingantahe kuri ubwo butumwa muhaye Umukuru w’igihugu.
    Iyo ntahe mwahawe n’abagabo ntimuzotinye kuyimukubita mu gahanga mugihe igihugu kizorwa mw’i humbi kubera ukwigira "Kinani"

  • Ariko namwe umengo mwari mugacerere,none ko kananira abagabo atimye,nkabagabo mwiteguye gukoriki hamwe yonana?

  • Uwo Peter Nkurunziza nagakoko ntatinya intahe yabashingantahe mwibuke ko bari bamuciriye urwo gupfa.

  • Iyamwa nyereka urwego rwabashingantahe nimiburiburi barimusi yimyaka 35 yamavuko narikuvyemera, nayo abonzi ibiriko biratubiza intuguta mukubishira muburyo aribo babidabanganije canke bikadabangana barebera ntubambarire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.