IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > USA imenyesha ko ibiganiro bihuza bose arivyo vyozana inyishu ku kibazo (...)

USA imenyesha ko ibiganiro bihuza bose arivyo vyozana inyishu ku kibazo c’Uburundi

vendredi 21 Myandagaro 2015

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko kurahira kandi hari Reta idaserukira abanyagihugu bose kandi ata biganiro bihuza bose,bidashobora gutorera inyishu ibibazo vya politike n’umutekano biri mu Burundi.

Inyuma y’irahira ry ‘umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuwa kane igenekerezo rya 20 Myandagaro, John Kirby umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika abicishije mw’itangazo yamenyesheje ko kurahira kw’umukuru w’igihugu kwerekana ugushaka kw’umugambwe uri ku butegetsi kwo guca hirya ugushaka kw’abanyagihugu.

Muri iryo tangazo Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko indyane zadutse mu gihugu kuva amenyeshaje ko azokwitoreza kurongora igihugu mu kiringo ca gatatu zitarahera.Ibintu bibandanya kwunyuka bigashobora gutuma adatwara neza igihugu nkuko vyategerezwa mu gihe ubutunzi bubandanya gusinzikara,n’amabi abandanya yongerekana.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko ibiganiro vya politike kandi bihuriyemwo bose,ariyo nzira yonyene ishobora gutuma Uburundi butekana,bigaca inzira y’amahoro n’umwumvikano mu barundi.

Kubwa Reta Zunze ubumwe za Amerika zimenyesha ko ibiganiro arivyo vyotuma hagaruka ukwuguruka kw’urubuga rw’intwaro rusangi biciye mu kwemera amasezerano ya Arusha,kwugurura ibinyamakuru,n’irekurwa ry’abapfunzwe kubera imvo za politike.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirashigikiye utwigoro tw’igihugu c’Ubuganda kw’izina ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gufasha kugarukana amahoro mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • USA twebw amajambo yaturambiy,dukeney nkurumbi agirw nka kaddafi kand nkurumbi ntananiranye

  • ce sont les mêmes blabla! quoi de neuf?

  • Incroyable mais vrai, Nkurunziza est parvenu àridiculiser la communauté international.Je me demande si cette communautéinternationale va continuer ànous chanter les valeurs de la democratie du moment que NKURUMBI ne cesse de se moque d-eux.

  • MBEG KURAHIRA IKIRINGO KITARAHERA BISIGURA IKI?ABANA BAZOKWIGA HISTOIR KWERI!NK’UMURUNDI AKUNDA IGIHUGU KIW VYANCANZ!NN JEW NUMV NIHEVY KWERI!IHEREZO KU BURUNDI NTARYO TUBONA!HABURIK NGO PETER BAMUBUZ IYO MANDAT Y’AMAZ ABANTU?EW MANA DUSENG TABARA!!!IYAKOZ BIRIY IGIY KUBIKORA VUB TWARUSHE!

  • je numva america yohagarika iterabwoba igira kubarundi mumatora ntaco yafsshije nibagumye imfashanyo zabo batureke bamaramajwe nuko uburusiya nubushinwa batwitayeho abarundi twaraciyubwenge

  • que veut dire pour l’USA Ishaka ry’abanyagihugu? n’est ce pas amatora?None amatora ntiyabaye avec plus 80 % bayitavye! None OBAMA kugira atware, yatowe kuri %ntage ingana gute? Nibakure urunwarunwa ngaho! Nkuko umenga USA amategeko nibo bayize bonyene!Imyaka y’ubu colonie yaraheze nibabimenye! Ako karwi nako Amerika irwanira ibona ko kataje muburundi ngo gatware uburundi butobaho nibagatware iwabo kabafashe gutwara.Mbe Kubera ikiki banka gutwarwa? Nibakurikize impanuro za Museveni.uretse gutwara mu vya politique, hari ibintu vyinshi bokora bigateza imbere igihugu cacu.Natwebwe turabayeho tudatwara, nabo bobaho!Sinon, kazi yao!

  • USA nayonyene ifise ingorane igiporisi caho kirameze abirabura bicwa ijoro numutaga ko both atawubashinga ijisho nabonyene bagire ibiganiro nabirabure baho barikwicwa bahogwa urukoba rwabo nico gihugu imbere kivangura amoko gusumba ibindi bihugu kwisi nibarekeke u burundi twarikukiye

  • erega Nkurunziza turamwanga cane kuko niwe muhutu arinda cane hano mu burundi, abandi tozoja tubayobora na telecomande, we rero niwe cibazo avuyeho abamusubirira bose ni fake.

  • Mbega abo banyamerikantibogenda kuzimya umuriro utema utongoramuri California aho nkwitaho uburundi bwibereyeho neza? Twarabahinyuye, turazi ivyo bateranije muri za Israel, za Syrie, za Irak,nahandi......Mbe kwa Kadafi bimeze gute? Et si l’afrique refusait leur argent? Mieux vaut avoir une crise économique q’une crise institutionnelle.Kiretse inyungu baba bashaka nta rukundo rwabazungu.En plus, la démocratie aux Etats Unies est différente de celle du Burundi car nous n’avons pas le même passé.

  • wewambwawe atazina washizeko abahutu twese turarinda weturabana ihende uwatse ndawukwoteshe nubu ndahiwawe ihende winyagaze nomugitanda ndakumarire komanyoko uzishavu ndagufitiy nkurunziza ntuzosubire kumwiyunvira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.