IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > USA isaba abegwa bose n’ikibazo ca politike mu Burundi kwigumya

USA isaba abegwa bose n’ikibazo ca politike mu Burundi kwigumya

samedi 12 Kigarama 2015

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zihagaritswe umutima n’ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare mu gisagara ca Bujumbura kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.

Mw’itangazo zashize ahabona inyuma y’ivyo bitero,Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba impande zose zegwa n’ikibazo c’Uburundi kwigumya,kandi zigahagarika amabi akorwa mu maguru masha.

Muri iryo tangazo, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko akarere ka Afrika y’Uuseruka gakwiye guhamagarira impande zose kwitaba ibiganiro vya politike bihuza Reta n’abatavuga rumwe nayo,mu ntumbero yo kugarukana ibintu mu buryo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zishobora kwongereza ibihano kuri abo bose bakora ibikorwa bibangamira amahoro n’umutekano mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Ubu Nyangoma nubwenge buke afise abona ko I deal ryahiye kuko akokeza indwano,abana babandi bagapfa kugirango rwiwe babeho
    Uwoba asomera amakuru abo bantu nuko yobabwira ko kandi ndagusavye ubibabwire gukamisha ibiziga ntawe vyereye america ivuga itavuga mbe nkuwuraho ntaco bihindura mugihe abo banyangoma batarabonako ivyo bakora atarivyo
    Mbe ivyo bihaye ngo leta iganira nabo kuki bobo nibo barundi bonyene bari mubuhungiro?
    Imbere yuko boganira mbe baremera ko aribo bariko batuma abantu kurwana?
    Mbe abantu iyo bapfuye ko ariho nyangoma aguma avuga atanga ibiganiro vyagasakisaki?
    None Obama ko data avuka muri Kenya yoba yarumvise ko avuka iburundi ko aguma yisuka muvy,uburundi?
    America n,uburundi nibihugu biyandukanye kandi atanakaranga bisangiye Nkurunziza ntategeko yotanga muri America eka na America ntiyoza gutegeka abarundi nitegeke nyangoma nabo bari kumwe kandi murivyo biganiro abazojayo il faut être claire kubintu nkivyo abo babesha abantu ngo ibintu biracitse sivyo
    Uravye ivyo bari biteze ejo nukuri uravye les SMS twaronse ejo wamengo bafise ivyo bari biteze ariko Imana ishimwe kuko Imana irakunda uburundi

  • amajambo twarayahaze nimutureke twimaranire ntacyo tuzovako cg tukivemo amasezerano ya arushya nibwirizwashingiro muzobitware kuvyubahiriza iwanyu mu Bazungu

  • abo ba banya merika nibo batanga ivyo birwanisho bigiye kumara abarundi hari umurundi akora ikirwanisho? igisikare cacu kiravanze cavuye kure ahubwo amerika nihanure abatavuga rumwe na reta bavuge rumwe niho tworonka amahoro arama naho babandanya uko tubabona YESU azorindaza atamahoro abonetse muburundi akarorere mbe mugihe abobatavuga rumwe na reta igihe bo shika kubutegetsi nabo bakabaira uku bariko babagira vyogenda gute?

  • Amerika murazorebaneza bamwe mubashigikiye kwibibiba murabana bibera hiyo America nomubihugu mucuditse , mugihe cose muzoba mutaraha gasopo urwanda rugahagarika kuguma ruyoborera abarwanyi nibirwanisho Burundi mumenyeneza mudakekeranya komukanya gatocane nambamunezerezwa nintamba uburundi nu Rwanda biracakirana kandi hazocahavyukiramwo nibindi bivirusi kibicane vyintamba mutazoba mugishoboye noguha gasopo.

  • Amerika We Icudashaka Kwabandi Bakugirira Ntukibagirire Nawe. Umukama Ati: Abishira Hejuru Bazoja Hasi . Izo Nkomezi Wiratira Umukama Azozinganya Nintambwe Yapfuye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.