IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > USA : Reta y’Uburundi isabwa kubahiriza agateka k’abo irongoye

USA : Reta y’Uburundi isabwa kubahiriza agateka k’abo irongoye

jeudi 7 Rusama 2015

Ubuserukizi bwa Reta y’Amerika mu Burundi busara Reta y’Uburundi kureka abashikiriza ivyiyumviro vyabo bataburagijwe.

Mw’itangazo ubwo buserukizi bwashize ahabona kuri uyu wa kane igenekerezo rya 7, bumenyesha ko kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 5 Ndamukiza, umurwi w’abantu hafi 75 bagize imyiyerekano bagomba kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abo bari mu myiyerekano bageze imbere y’ubuserukizi bw’ Amerika mu Burundi, abaporisi bakaba baciye bahashika, babatera ivyuka bikoroza amosozi, abo bari mu myiyerekano barashwiragizwa.

Ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’Amerika buvuga ko butigeze busaba igiporisi kugira kibutabare, kandi ko abari muri iyo myiyerekano bari batekanye. Ikindi ubwo buserukizi buvuga, n’uko, abanyeshure basavye ubuhungiro, batekanye, kandi batigera baja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo, baguma mu kibanza bahawe. Igiporisi cararashe ivyuka vyinshi vyokera muri abo bari mu myiyerekano, kibanje ndetse n’ukurasa hejuru. Ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’Amerika bukavuga ko atanumwe yakomeretse muri iyo myiyerekano.

Abari mu myiyerekano basabwa kwama na ntaryo bayigira mu mahoro, ataco bononye, Reta y’Uburundi nayo igasabwa kureka abashaka kugira ico bashikirije bakabikora mu mahoro n’umutekano, kandi ikubahiriza agateka k’abo irongoye.


IGIHE

Messages

  • Madama nta Leta Uburundi bufise. Igihugu kiriko kigwa mu manga.

  • imana yo buhungiro bwacu naho isi yo kugwaho.nka Barundi turi mubihugu vyohanze y,Uburundi turababajwe ni biriko biraba mugihu cacu c,Amavukiro.nico gituma dusavye umukuru w,Igihugu Nyenicubahiro Nkurunziza ko yo kwibuka Amajabo ya shikirije muri ry,ashamba igihe bamutora kuba umukuru w,umugabwe.Hanyuma niyibuke ko Umutambukanyi wiwe ari Pastor ,urumva kona we ari umukozi w,Imana.Iyo dusomye igitabo ca Danieli tubona inkuru z,Umugabo yase kwubaha Imana hanyuma YANKA KO AGUMA KUNGOMA.UMUTAMA WACU NIYUBAH,IMANA.SOMA DANIELI 5;1-31. RERO NTAKUGANZA NAKUME KUTAVA KU MANA.NAMWE BARUNDI NIMWISONZESHE MURIRIRE IMANA, KANDI IYO DUSOMYE INKURU Y,ININEWE TUBONA UKWICICA BUGUFI KW,UMWAMI WAHO.NONE NAWE NYAKUBAHWA NI WUBAHE UHORAHO UMURUTISHE VYOSE NAWE AZOGUSHIRA HEJURU.MURAKO UHORAH,IMANA NA MPWEMU YERA BIBANDANYE KUBAZIGAM.

  • None intwaro ya Nkurunziza izobitegera ryari, ko mbona ibintu vyayangaye mu Burundi?

  • Oyanimubemu vugishukuri nihomuzobamwerekanye komuzi ubwenge natwe, aho avuzengo ntibahamagaye aba porisi kw’Isi yose ntahovyabayeko kwaba polisi bobona abantu basanabateye aho ambassade ikorera yariyoyose ngo polisi ibibone ngwivyihoze ngobibempaka iyo ambasade iberiyo ibahamagara!!!.

  • DUKURIKIRANYE NEZA UKWO UYU ASERUKIRA AMERIKA MU BURUNDI AVUZE, VYUMVIKANA NKUKOMENGA NIWE YARIYABATUMIJEKO HANYUMA YIBAGIRA KUBIMENYESHA ABA POLISI BIGIHUGU KO NIBABABONA BAJE BADAKWIYE KWIBAZA KOBIYADUKIJE KWARIWE YABATUMIJEKO!?.

  • tabara mana ibihe biranse pharaon ageze muburundi! none abatumvira nka we bazogenzwa bate k’umusi w’amateka kimwe abapfuye kur’ iyi reta ya nkurunziza bangana ivyatsi agateka ko ntakariho.iyo kahaba bari gupfuma bihisha imbere yababashikiranganje muguhohotero odifax

  • Ivyihebe vyaba Shabbu vyaragabishije uburundi kobishobora kubukorera ibibi, kandi ivyovyihebe turaziko bidakunda na Amerika, none nigute abajejwe umutekano wabarundi nababubamwo bobona umurwiwabantu bagenda basatira inyubakwa y’Amerika bakabareka ngonuko abayikoreramwo batabahamagaye ngobaze kubatabara? Mbevyiza worindira ibara rikarindakurwa? Canke utomboye ukabibonakare wokingaritaragwa?.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.