Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwafatiwe mu Burundi ntazwi mu gisirikare c’Urwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwafatiwe mu Burundi ntazwi mu gisirikare c’Urwanda

Uwafatiwe mu Burundi ntazwi mu gisirikare c’Urwanda

dimanche 13 Ntwarante 2016, par egide

Ubuyobozi bw’igisirikare c’Urwanda (RDF) buriyamiriza amakuru avugwa n’igiporisi c’Uburundi ko hafashwe ku butaka bw’Uburundi umusirikare w’Urwanda, Caporal Rucyahintare Cyprien, ari mu bikorwa vy’ugusuma urusaku (Espionnage)

Umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda Brig Gen Joseph Nzabamwita yamirira kure ivyashikirijwe n’igiporisi c’Uburundi.
Mu kiganiro yagiranye na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda yamenyesheje ko amakuru avuga ko uwafashwe ari umusirikare w’Urwanda ari ikinyoma cambaye ubusa.

Yagize ati : « Biriya ni ibinyoma nta musirikare w’u Rwanda uri i Burundi nta n’uwigeze ajyayo. Yaba ajyayo gukora iki? »

JPEG - 168.6 ko
Brig Gen Joseph Nzabamwita, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda

Brig Gen Nzabamwita yamenyesheje ko igisirikare c’Urwanda kidafise umusirikare yitwa gutyo [Caporal Rucyahintare Cyprien], ndetse ko n’inomero ziranga umusirikare zatangajwe n’igiporisi c’Uburundi zitabaho muri ico gisirikare.

Kuri uwu wa gatandatu niho igiporisi c’Uburundi camenyesheje ko cafashe umusirikare w’igihugu c’Urwanda azwi kw’izina rya Caporal Cyprien Rucyahintare. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo yafashwe yiyemerera ko yari mu kazi k’ugusuma urusaku, arondera amakuru y’uguhungabanya umutekano w’Uburundi.
Uwo yafashwe mu giporisi c’Uburundi bavuga ko yafatiwe ku musozi Rushenya uri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga.

N’aho igisirikare c’Urwanda kimenyesha ko kitazi uwo bivugwa ko yafatiwe mu Burundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko uwafashwe ari Caporal Cyprien Rucyahintare w’imyaka 24. Yinjiye mu gisirikare c’Urwanda mu mwaka w’2011.

OP1 Pierre NKURIKIYE avuga kandi ko uwo yafashwe akorera mw’ikambi ya gisirikare y’ahitwa Gabiro, akavuga ko nawe nyene avyiyemerera, mbere akiyemerera kandi ko yize ibikorwa vy’ugusuma urusaku, ari navyo igiporisi kivuga ko yariko arakora mu Burundi.

Cyprien Rucyahintare ubwiwe amenyesha ko atigeze afatwa, akavuga ko ariwe yishikanye ku nzego z’umutekano.


IGIHE

Messages

  • Iyo ni montage ya Nkurunziza et sa clique! Ntanakimwe badakora pour provoquer ou destabiliser le Rwanda. Ico mwomenya nuko Peter ataco acera. Il est pret a tout.

  • None ko uwo mugabo Rucyahintare muzi neza hano murwanda .Ni inshuti yanjye kandi nibyo yabaga i Gabiro. Naho kuri leta y’u Rwanda ntiyigeze yemera na rimwe ko ihungabanya umutekano w’abaturanyi. Muri Congo barahakanye inshuro magana kugeza igihe ibisambo byacu byafatiwe Kisangani birwana n’abagande kubera zahabu. Mugihugu cy’abandi. Ibyo uwo Nzabamwita avuga ni amateshwa.

  • None ko uwo mugabo Rucyahintare muzi neza hano murwanda .Ni inshuti yanjye kandi nibyo yabaga i Gabiro. Naho kuri leta y’u Rwanda ntiyigeze yemera na rimwe ko ihungabanya umutekano w’abaturanyi. Muri Congo barahakanye inshuro magana kugeza igihe ibisambo byacu byafatiwe Kisangani birwana n’abagande kubera zahabu. Mugihugu cy’abandi. Ibyo uwo Nzabamwita avuga ni amateshwa.

  • mugenzi wowe komeza ufatanye na gouvernement yuburundi ukomeze ubone indaro kuko muri Congo babakuyeyo hanyuma uwo bita ngo numusirikare wu Rwanda bazamukoreshe icyo bashaka , mwarahinyuwe sha

  • Nta Cemeza Ko Yoba Ari Umusirikare Wurwanda ,

  • afande rekana nabo batekamutwe bari gukina n’intare batazi.

  • None ntiwumva ko iryo arirementanya niba igipolisi kivugako cafashe uwundi nawe Ngo nije nishikanye ntiwumvako izo arimvugo zihushanye aho niho aba DD mutakigirira nubwo kurahura iyomurementanya ibinyoma ntimubanza nokubivugana kugira mumenye ningene mubivuga ndabatwenze ahubwo ubu haragezeko urwanda rubabaza abantu barwo mwatikije

  • KUBERA ABANYAGWANDA MUKOMEZAKARIMI NIMUBANDANYE MWASAME MUZOROTE NABI MWIBWIREKO UBURUNDI ARI KONGO TUBEREKE KO MUBURUNDI RUTITAHA HARI ABAZ IKO TWIKUKIYE NTARANDIRIYE NTIDUKANGWA NAMAJAMBO AMAJAMBO ABEREYE TWIMUJERI

  • Nukuri mubay bumwihakan naho mwoca mumufuta na matricule ziwe nukuri uyu Ruchahintare Ni ngabo yurwanda ndabizi neza sha kwenera icaha nikintu kigoy canee muri congo ntimwarahiy mukarwngwa igih babahagurukiy indege za monusco zikaja kumupaka wa congo nu Rwanda M23 ntiyatsinzwe mumis ibiri nubu rindira mundwi imwe amarporo yasohotse abarega imidugararo yari muburundi ntiyahagaze murahumba muzohinyuka ndabasabye mundeker igitekerezo.

  • Ndabaza umuntu abona ipete rya capolare amaze imyaka ingahe mugisirikare

  • Agatinze Ugatega Igihe. Twuriko Arabesha Hagati Y’igisirikare C’urwanda Na Police Y’uburundi Azomenyekana Bidatevye. Caporal Yafashwe We Amenye Ko Umuntu Adakira Ikinyoma Yibesheye Kandi Umugabo Azira Umwuga Akora.

  • uwomusiriikare wurwanda niyunvira ivyavugakwarukubesha

  • NoNE Nkuwo YASHAKA IKI/AHUBWO NABAMBWE?ABITA MUMURIRO BAZOSHIRA’

  • abarundi barashaka gusesta abanyarwanda . ngo bafashe caporal wo mungabo zu Rwanda . niyo yaba abo twita DASO WO MU RWANDA YAKORA ICYO ASHASTE MU BURUNDI AKAGARUKA NTAWUMUBONYE . AHUBWO UWO NI CAPORAL WO MULI FDRL. NGAHO NIBA ARUWO MU RWANDA MUMUBAGE MUMURYE TURAMUBAHAYE HAAHAAHHAA TURABATWENZE WAMUGANI WANYU PUUUUUUUUU

  • Nimurindire Nibindi Muzobibona Jenarabwiye Kokwirementanya Aba Dd Nabambere Abantu Bubahutse President Ndayizeye Ariwe Yabatahanye Uwundi Botinya Ninde?

  • AFANDE NAWE YABASESTE .

  • Hahahahahaa ariko noneho abarundi ni umuti wa menyo! Mbega mwibazako u Rwanda rushaka amakuru i burundi rwakoresha abasoda bigihugu hahah muratwenza. Abanyagwanda barasobanutse ntabwo bakora iyo errreur. Abarundi bayotanga barahari bahagije! Mukemure ibibazo vyacu nkabarundi mureke abanyagwanda

  • ni bareke guta umwanya .twese turazi ko la france atiyo ibatekesha iyo mitwe yo gukoresha interahamwe kugira basotore u rwanda bace babona kwica abatutsi bi burundi.

  • Mwa barundi n’Abanyarwanda, mureke guta umutwe no guterana amajambo mabi, nyabuna twibaze iki kibazo: ni igiki catumwe Kagama na Nkurunziza bankana urunuka hirya yejo bari pfampfe. Mwibuke ko kugira Nkurunziza n’umugabwe wiwe bashike ku ntwaro baronse impunga ihambaye ya Kagame. habaye iki? Bapfuye iki? Ntaco tuzi.

    None abo babiri bafise ico bapfa Abanyarwanda n’Abarundi nabo baca bankana? Haba na gato tureke abo babiri binyaranire twebwe tugume dufatanye mu nda.

    Igihe abanyafrika twategereye ko abo batwara tutabwirizwa kubakwirikira cane cane mu mafuti tuzoba dukize. Kiretse akagwi k’abo ba présidents uko ari babairi, bakize kirabuza ko ubukene bwugariza abasigaye ngo ni uku dushigikiye Nkurunziza canke Kagame. Iwabo barara bariye bakarenzako champagne ariko Abarundi n’Abanyarwanda isinzi barara ubusa.

    Tureke rero Kagama na Nkurunziza binyaranire kuko nibo bazi ico bapfa tubungabunge umubano mwiza w’Abanyarwanda n’Abarundi tureke kugwa muvyo tutazi.

  • Ministre w’INGABO ZO MU RWANDA generaL KABAREBE yabaye chef d’eta major wa Congo ku gihe cya KABILA Pere nyuma ygarutse mu RWANDA kubera ANGOLA yabubitiye inkotanyi i Kinshasa
    ariko kugeza na n’ubu u RWANDA ruvuga yuko nta ngabo y’u RWANDA yabaye muri Congo????? Niba chef d’etat major afata umwanya ukomeye buriya abandi basirikare bo bangana gute???? Mu Rwanda tumenye kubeshya cyane
    kubwira abantu yuko bwije kandi babona yuko ari ku mannya.....
    uyu musirikare wafatiwe mu BURUNDI arazwi niwo muri DMA service de renseignement yo kwa KAGAME......
    Politiki y’iwacu ngo ni ukuvuga IKINYOMA INSHURO IGIHUMBI kuri radio, televisiyo ,mu binyamakuru, mu madisikuru..ngo IKINYOMA GIHINDUKA UKURI ni politiki ya FPR mu RWANDA...

  • Nirementanya rya dd dddd hamwe nankurunziza nacagi porisi ciwe kiriko gikoresha zanterahamwe zava murikongo,ya henze rwa zobafasha gufata urwanda. ngomba mbabwizukuri ivyo bivurwa kurwanda ntakuri kurimwo.

  • Erega Naho Urwanda Ruvyamagana Nukugira Ruvyikureko Ariko Twe Turazi Ko Uwo Yafashwe Aruwabo

  • Erega Naho Urwanda Ruvyamagana Nukugira Ruvyikureko Ariko Twe Turazi Ko Uwo Yafashwe Aruwabo

  • Erega Naho Urwanda Ruvyamagana Nukugira Ruvyikureko Ariko Twe Turazi Ko Uwo Yafashwe Aruwabo

  • Yewe ga uri minani kweli none habaho umuntu utagira ibimuranga umusoda utagira carte y akazi umusoda utagira carte d identite ubwo bwenge buke buvahe utazi umutwara ahubwo atari interahamwe yabuze amaramuko reka ije aho ibabeshe umuntu urangwa nuko avuga ikinyagwanda atavyangombwa mubitwereke niba avuga ukuri mugezeho murasevya umugambwe wacu ivyo biradutera isoni isoni wapanze ikintu nkakijya uzana na ma preuve yose kuba avuga ikinyagwanda ntibihagije mwari kutwereka n ibimuranga

  • hahahahahah,erege noneho umuvugizi araheba akarenza .ngo yahinduye imvugo kuko yatinye aba journalistes???????? aho gutinya police dusigaye dutinya abatagira nu rwembe mu ntoke ?????? hhhhhahahahahhihihihihi; Leta ya nkurumbi irababaje.

  • Noneho Urwanda ntigovyemera naho uwo ari umusirikare w’urwanda, ahubwo abantu babona kure biboneka ko Kagame ari mu mazi abira kandi ko azita mu muriro agatera Uburundi ariko ntiyobutsinda.

  • Hari uwabovuze neza : mbega nibo bategeka ubwonko bwacu nk’ibikorwa bakoresha uko bashaka !
    Turazi ico bapfuye? Hariho uwutazi kubana neza muribo duca tumukurikira nk’intama ?!!!!
    Ngirango naho bodutuma kwicana, kwica abacu, abavyeyi abana , abagenzi bacu twoca tuja muribo tukarigita tutiyumviriye, ejo naho bogaruka bakikundanira canke bagapfa urwabo ugasanga twe twaramaze kumarana n’ugusiga mu ma generations yacu urwanko rubi ruzosigara rurabamara nabo kandi ari les innocents.
    Barundi, banyarwanda, ve ikuzimu muje ibuntu, murafise imitwe imana yabahaye, yikoreshe.
    Reka kuba ibikoresho vyabo mu mafuti yabo ahandiho muzohava musanga babatwaye mu cobo mutazivanayo kandi bitungiye babatege neza namwe muzopfa muri bakene.
    Ni muze turondere urukundo ahukurondera urwanko .
    Kanguke !!!!!!!!!!!!!!!!!’

  • non kagame aturomdera kwik amanye yuko azopfa wa musi azoba arimwisangu .

  • hahahahahah,erege noneho umuvugizi araheba akarenza .ngo yahinduye imvugo kuko yatinye aba journalistes???????? aho gutinya police dusigaye dutinya abatagira nu rwembe mu ntoke ?????? hhhhhahahahahhihihihihi; Leta ya nkurumbi irababaje.

  • Haaaaa! None Ko Bose Bahakana Twobibwigwa Nande? Turasavye Uwigiporisi C;u Burdi Avugishe Ukuri Hamwe N;uwugwanda.

  • mwese murarushywa n’ubusa niba yemeza ko ari umunyarwanda niyerekane ibya ngombwa naho ubuundi sans preuve n’umunwa non non nonnnn twarize ubu nta kutubeshya sans preuve montrez nous les preuves mbere yo kwemeza. murakoze.

  • yinjiye 2011 abanyarwanda nibaharure kiva 2011 gushika 2016 kubazi igisirikare uko gipanze mumyaka 5 woduga kumapete 3 ikindi umusoda atazi abamutwara reka yemwe IMANA yimirije kuzohishura vyinshi amakenga yanje nayo.

  • NTABWO BOKWEMERA KO ARI UWABO KUKO IBANGA RYOBA RIBAPFANYE!

  • Nibahagarik ivyuyu kuk Imana irafise abayo mumabok yayo

  • Ibanga Ryabamenekanye Nibateshwe Bate Ntibakorako

  • INKOZI.YIKIBNIMUYICIRE.URUBEREY.KUKO.YARIGIYE.KUTURANGIZ

  • intenderi yasheshe umuti,babuze kureka kudurumbanya umutekano wigihugu cacu hakiri kare!emwe ntibambaze!nivyabona rero ntibavyemera?none yaribesheye?canke yarababesheye?emwe nubabandanye bazokabona

  • Hahahahahhahaahhaahhaahhaha mbega igipolice cacu mbe ubunyeshamba ntiburahera??? Igisoda cu rwanda gifise card ID hama mukajaho mukarondera uwo muha amahera kugira mube muri samaza murahumba murindire

  • umva barundi turasenga cane nabandi barinyuma gufatwa

  • Imanayakuduhaye Nikudutugire Kandiumwanayankwaniwekura

  • Ese ntimwamenye ko mwakoresheje umujura w’ibishyimbo mumwita umusirikare w’u Rwanda. Mbega ubuyobozi!!!! Burundi ishakire ahandi ku Rwanda mwarananiwe

  • Mbegako Urwanda Umengo Rurahakana Ivyo Rukorera Uburundi Kumugaragaro ?Uburundi Nyabuna Uburundi Nibuhabere Maso

  • umve mwese nibagume badusotore tuzobufuta ubwo bunyarwanda

  • Izo ni zanterahamwe bariko barakoresha, iyo bubanumwe bwarikindi. ni babure gufata isuka barime ngo birirwa barasarira kubihugu vyi tekaniye.

  • Niba umunyarwanda vyomugora kuvuga ikirundi, si ko biri ku murundi ashaka kuvuga ikinyarwanda. Kiretse ico kinyarwanda avuga, urya muntu nta kantu k’igisoda afise mu mutwe. Ee mama ngo yarishikanye, ahandi na ho ngo ntazi abamukurira! Ivyo nta ho vyabaye: umusoda yishikana mu gihe abonye ko atagifise isaganyirizo, kandi ariko ararwana. Uwo we nta ndwano yarimwo. Iyo aba umusoda, yari kwisubirira iwabo ata nkomanzi kuko mu Burundi hasanzwe haba abandi banyarwanda. banyarwanda

  • Amashirakinyoma ku musore u Burundi bwise intasi y’u Rwanda

  • Abayobozi b uburundi mukimeje kwigaragaza koko .umuntu mwafashe ibye byose bisibanurwa numuryango we.

  • Haaaa!abategetsi uko bakamye ese nkurunziza nabiwe bogiye bavugishukuri!nonese kagamewe nimbakoko uwo musirikare aruwiwe namwemere.vyukuri amahanga arahabere magabo atature ayamareta uko arabiri.kuki reta y’uburundi yase ko abarundi bariyoko botahuka?nuwuje imbonerakure zica zimumerera nabi.

  • None Dufatiki?!!Mbega Yemwe Karashizingani Abakuru Ntibabe Bagitinya Kubesha??None Hagati Y’urwanda N’uburundi Ni Bande Bavuga Ukuri??Mukama Harageze Ko Uduhishurira Icahishijwe!!

  • ivyo Ntivyumvikana Wo Kwishikana Munzego Zumutekano Mu Kindi Gihugu Woba Ugiye Muri Restaurant? Urwanda Niruturiye Cank Batubwire Aho Twohurira Tumenane!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.