Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwurongoye Apecoev SAFAVO yagirijwe kubuza abahunze guhunguka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwurongoye Apecoev SAFAVO yagirijwe kubuza abahunze guhunguka

Uwurongoye Apecoev SAFAVO yagirijwe kubuza abahunze guhunguka

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Buramatari w’intara ya Kirundo yagiriza uwurongoye ishirahamwe Apecoev SAFAVO, ridaharanira ivyicaro vya poritike, ko ariwe abuza abashaka guhunguka.

Mu kiganiro ku mboneshakure y’igihugu, Reveriyano Nzigamasabo buramatari w’intara ya Kirundo, akaba yavuze ko abahungiye mu gihugu c’Urwanda babuzwa gutaha na Therence Nzohabonayo arongoye ishirahamwe Apecoev SAFAVO, nawene asanzwe yarahungiye aho mu Rwanda. Uwo arongoye iryo shirahamwe ariko, akaba imbere y’uko ata agahunga, yari yabariye ikinyamakuru IGIHE.bi, ko umutekano wiwe wifashe nabi, ko na bimwe mu bikoresho vyiwe vyibwe.

Abahungira mu gihugu c’Urwanda rero bakaba baguma biyngera, ubu mbere bakaba bariko barimurirwa kure y’urubibe rw’Urwanda n’Uburundi, bakajanwa hafi y’urubibe Urwanda ruhana na Tanzaniya. Abahunga rero baremeza ko batinya umutekano muke uterwa n’Imbonerakure za CNDD FDD, hamwe n’amajambo ateye ubwoba zibabwira. Hamwe bagiriza izo mbonerakure ko zivuga mu makarashishi ko zizobamesa, ahandi naho zikavuga ko zizobapingura.

Ariko naho biri uko, mu butegetsi bw’Uburundi, bavuga ko abahunga, bagenda kubera amajambo aca ivutu bumvana ibinyamakuru. Mu ntara z’Uburaruko bw’igihugu aho abahunga ari benshi, hakaba hari n’amakuru avuga ko muri komine ya Giteranyi, intara ya Muyinga, abari mw’ikambi y’impunzi hamwe na bamwe mu baba ku mitumba boba batanguye nabo guhungira mu gihugu ca Tanzaniya n’Urwanda. Abahunga bose bakavuga ko batinya ko intambara zosubira gusutama mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Mbe abo bantu bahunga,jewe sinibaza ko boba bafise ubwoba kurusha abandi barundi bose.Muri make uwobegera boheza bakamubwira neza imvo n’imvano yiryo hunga,kuko uravye usanga abahunga batava mu ntara zose!Ariko igihe intambara yoba mu Burundi nibaza ko intara zose zoshikigwa kandi n’abagabo n’imisore yoshikigwa niryo hunga cequi est contraire nihunga ryubu.Nuwutazi ubwenge arabona neza ko abagabo n’imiyabaga zizo ntara bafise ico bitegurira.Uri n’amatwi niyumve kandi yumvire.Murakoze.

  • Mpungurwaha yakimajije amaguru,mbega uwo mugabo ababuza gutaha burya ntangorane afise zo mumutwe? Kuvuga naho ngo bahunga intambara nuko boba bazi abariko barayitegura kuko bashobora kuba ari abana babo hama ngo n’imbonerakure emwe urupfu nimpfane birajana nibareke gutez’urubwa igihugu cacu kuko ntaho bizobashikana burya ngo umwana wisema arirana indya mukanwa.

  • Moi même, je pense que je vais fuir. Ibi bintu nabonye vyanditswe ga Révérien Ndikuriyo mubona bidatewe ubwoba. Ni babe barihisha bazosigara baravuga ivyabaye. Ils ne sont pas tord. Aba ba dd nabo, namwe nzorabe ko niyo vyabatekurukana imigambi yanyu igappfa, mutazohunga tubatwenga. Hinge gato burakeye.

  • Mbega ko imyaka ni myaka twabonye amabi, karashize ingani twongere twisamburireho. Nyabuna wewe wese ufise umutima ukunda igihugu cu Burundi bwira uwo murikumwe ko Amahoro ariyo sezerano kuri bose. Ntaco dufise ariko amahoro twariko tuyegereza. " BIRABAJE KUBWIRA INTUMVA NO KWEREKA IMPUMYI"

  • twebwe ngahamuburundi ntamahoro ahari namakeya murikomine nyanza lc ntabwohoca abantuntihagirenumwebafata kandibakagumabha ibirwanisho imbonerakure sivyo

  • UWO BURAMATARI UWURONGOYE APECOEV SAFACO YARAMWITUYE KUVYUMUTEKANO WIWE NTIYAMUTUNGANIRIZA, ACA ARAYANYAGA ARAHUNGA. UBU NAHO UWANSE KUMUTUNGANIRIZA ARIKO AMWAGIRIZA KO ARIKO ABUZA ABAHUNGUKA. BISIGURA KO UMUTEKANO WIWE WAGIRA UHUNGABANYWE NA BURAMATARI NYENE. ABAHUNZE NABO, MUKUGENDA NIBO BIFATIYE ICEMEZO, NO MUGUHUNGUKA NI UKO NYENE BIZZOGENDA. KUMBURE UWO ARI BURAMATARI UBU HARI IGIHE ATARIWE AZOGUMA ATWARA IYO NTARA, KUMBURE BAZOHEZA BAHUNGUKE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.