IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Willy Nyamitwe:" Reta y’Uburundi ntishobora kuganira n’abantu batazwi (...)

Willy Nyamitwe:" Reta y’Uburundi ntishobora kuganira n’abantu batazwi n’amategeko"

jeudi 24 Nyakanga 2015

Reta y’Uburundi imenyesha ko idashobora kuganira n’abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bakurikiranwa kuko bagize uruhara mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko Reta yemera ivyasabwe n’ishegero katorika ko hoba ibiganiro bihuriwemwo na bose,ariko akamenyesha ko ata biganiro bizokwigera bihaba bihuza Reta n’abashaka gusubiza igihugu mu kajagari no mu ntambara.

Kubwa Willy Nyamitwe,Reta y’Uburundi ntishobora kuganira n’Urunani CNARED ruhuriyemwo bamwe mu barongoye imigambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,kuko urwo runani rutazwi n’amategeko y’Uburundi.

Ku bijanye n’uko ivyo biganiro vyoba bihagarikiwe n’umuhuza avuye mu makungu,Willy Nyamitwe avuga ko abarundi bashoboye kwiganirira ata munyamahanga ashizemwo uruhara.


IGIHE

Messages

  • komera.nuko.turabashigikiye.twabatoyetubozeyekomuribohangange.bizi.ukuriranba.mukomere

  • NYAMITWE , ivyo uvuga ni ukuri i m 100% agree you, they should look the best way of how they can kick your ass and nkurunziza’s . Kuko mwe ntago muri abantu bo kugirana ibiganiro . You guys are very stupid ever. Till now BURUNDI has no Government to discuss with .
    Aba bose bo muri parties d’opposition and civil societies nibashake ingene iyo ariyo yose bakurangize wowe na Nkurunziza na government yanyu ubundi bategure amatora abeye bose except CNDD-FDD labels.
    And this is the 1st thing heard from you which has since kuva natangura kumva speech zawe.

  • Numva bikomeye pe! None ivyo biganiro bizohuza bande,kandi wumva ngo CNARED ntirimwo? Mana dutabare!

  • Mbe willy yarasaz cank non yans kumvikana nabo bose babifisemw uruhara hari amahoro azobonek kweli cank nuko bataramukorerako naw arab ingoran mu kuzitorera umuti ntukumira iyo niyo mpanuro iyo bahamagay abarimyi nuwurima mu mwonga araza

  • KANANIRA BAGABO NTIYIVYE UBURUNDI BWAMYE BUKIJWA NUKUYAGA MURARABA ICOKIZA UBURUNDI NA BARUNDI ABARICO MUSHIRA IMBERE

  • Erega na reta zakera zavuga uko uvuga kandi nibintu vyumvikana kugira reta yemere yose yemere ibiganiro nuko ababisaba bamanza bakerekana kwarabagabo bafise inguvu apana zumunwa fata ibigwanisho urabe ko atari reta yonyene izobihagarira yonyene ngo muje muyage kuko bitagenze uko mugiye gufira hanze muriyo mbeho yo mububirigi uburundi muzobwumva kumaradiyo

  • Ariki mwitegura kwishyura abo mwica mubaziza ubusa letat imfite inshingano zokurinda abanyagihugu.
    Iyo itabishoboye rero igoma kuvaho nimurinde abaturage niba bibananiye
    muve kubuyobozi. Ibindi nubujiji gusa mwikica abaturage Umuntu yemererwa kubaho niba rero wica abaturage uzashyikirizwa rimwe inkiko murebere no kubandi bari ilahei.
    Wowe rero uvuga ukagira ngo ISI niwowe wayiremye siwowe isi irabareba.
    Nimwice ariko one day!!!! ahahahahahahahaha.........
    Hazaseka neza uzaseka nyumaaaaaaaaaaaaaaaaaaa

  • Babwir! Bambiy! Uwuzokwibeshera ngo Azany ingwano Twebwabari Ntashamba narimw ririMuburindi Bazotwinyegezanyamwo SNARED TOKAKUR YABURUNDI!!!.

  • Babwir! Bambiy! Uwuzokwibeshera ngo Azany ingwano Twebwabari muburundi Ntashamba narimw ririMuburindi Bazotwinyegezanyamwo SNARED TOKAKUR YABURUNDI!!!.

  • Nyamitwe wewe ndagutahura neza!ibiganiro vyiki atanabantu 1000baricwa !nkubwo bokwica umugore wawe cankumwana wawe hobibiganiro!bokumena ubwobusaya hobibiganiro.jew ndabona igisirikare kitigabuye 2 igipolis cigabure 2 hanyuma umuriro wake,abantu baphe ,ntabiganiro!Jew ndumusirikare land ndimuri leta ariko nzohava niheza ishamba

  • Willy sha ndakwemera pe ,nuko nejo nejo bundi igihugu gitwarwa, kwiha agaciro udatinya, biriya bipfamutima vyabicanyi bifita inzara yubutegetsi mugusesa amaraso yuburundi ahubwo nibafatwe bose bashikirizwe ubucamanza.

  • iyaba mukund igihugu ntimwovuga ngo jew sinzoganir nabariy cank nuriya kuko nabarund twese turi bamwe mwibuk umunyagihugu arara ntibuca kubwumutekano muke muheze mwumvikane

  • Muri politique ntushobora kuvugango SINZOKWIGERA canke ngo NZOGANIRA na naka. Benshi barabivuga canke barabivuze uko muga usanga impera n’imperuka bibaye.
    Ikihari ni uko nitwaba twemera democratie vyukuri atawokwibesha ngo ariko agira ibiganiro OPPOSITION ITARIMWO.
    Iyo nayo si COPA!???amajwi angahe? canke si Uprona-Gaston?!!ngo yoba ifise irangi ry’abatutsi? ou fnl-ubu bari muri leta et assemble!!.
    Opposition isigaye ni Nditije-uprona,MSD,FRODEBU zose,MRC,..Na fnl rwasaishobora kuba opposition muga bizoyigora aho yicara.
    Ikindi vyari vyizako ibiganiro biba hagatiy’abarundi atawubafashije muga ntibiboneka ingene bizokunda.
    Ekleziya Catholica yasavyeko ibiganiro vyoba kuri bose baba abari mugihugu canke hanze.Yanasavyeko atawotuma bidakunda mugushiraho inzitizi nko kuvuga ngo aba bari uku canke kuriya.
    Ikindi leta iri mubaja mubiganiro.Ntibizobe kumwe haguma hataha amashami ya fdd cank fnl ariko munyuma abatwara bakaza kubonako bakoze nabi kandi abarundi twamaze guhangayika.Ariko bo barahembwa,RTNB yarakora,abategetsi baraja mumitumba,ububare bwarugurura,...MUGA AU FOND HARI IKIBAZO C’UMUTEKANO NICUBUTUNZI GIKOMEYE
    Fin de fin abita abandi IBINYWAMARASO abandi nabo bakabita les TRIBALO GENOCIDAIRES baraboneko bose ari ivyijiji atanumw atariUMURUNDI.bigitangura ibiganiro baramukanya batarabana mumaso bamw bataha mw’ishamba abandi bashikabahabwa honneur presidentielle ARIKO BAHAVUYE BABONAKO atanumwe muribo adafise ijambo.
    Ivyo bumvikanye vyari gushobora kubavimyaka itanu cank irenga imbere yaho mugavkubera ukwikunda nubwibone abantu babanje gupfa ibintu birangirika.
    Uwushaka iterambere muri kazoza ni yiyumvire kuri ibi hama yicishe bugufi areke gushira ubuzima bw’abarundi muri nankana.Muri abo barundi nawene arimwo kandi ntanumwe afise urufunguruzo rwo gutuma abarundi baguma mubibazo.

  • ndafise icizere KO reta ndundi impera nimperuka kwizotwihamagarira tuganire’tutabisavye.WILLY nyamitw mwena nkurumbi nzobatwenga’

  • Nyakwubahwa Willy Nyamitwe tukurinyuma turisinzi ryanarundi turagushigikiye bisigurako ba Willy Nyamitwe turibeshi kuwavuze koyomuzimanganya nkuko babimenyereye yozosanga yarihenze kuko muribamwe navuzeko ariba Willy ntimwobamwabamaze kandiboza arindubaruba kubera mwobamwabahekuye ntimwokworoherwa ngonuko mwobamwakuyeho umucutiwabo ahubwomwozosigara mwicuza nka Hamani dusobamuri bibiliya ahoyicuzije avugako ivyoyagirango bizomukiza vyamukwegeye urupfu. Komera nyakwubahwa Nyamitwe Willy turagushigikiye.

  • sha mitwe aho mutaganira sabarundi abuvuga?.mitwe gabanyubwenge bwokwicisha bene gihugu.arko harigihe nawewe uzobibona???

  • mbeg umuvyeyi afis aban hakab harimw ibigab abo bibigab ac abata akagumya abatejerez ivy mukor vyos har igih muzovyishur aban bigihug murik mwic nab Imana izabagaragaza

  • nyamitwe ndagushigikiye.mbega izo nani zitazwi na leta ndundi wumva zifise ijambo nyabki mu burundi?cubwenge barundi twimvikane kandi tuganire.

  • AMAHORO YIMANA MWE DUFATANIJE KUNVIRIZA IVYUBURUNDI JEWE ICO MBONA NUKURI DUSENGE CANA KUKO BIRAKOMEYE.

  • AMAHORO YIMANA MWE DUFATANIJE KUNVIRIZA IVYUBURUNDI JEWE ICO MBONA NUKURI DUSENGE CANA KUKO BIRAKOMEYE.

  • AMAHORO YIMANA MWE DUFATANIJE KUNVIRIZA IVYUBURUNDI JEWE ICO MBONA NUKURI DUSENGE CANA KUKO BIRAKOMEYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.