Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yannick Nihangaza yitavye Imana inyuma yo gukubagurirwa mu gihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Yannick Nihangaza yitavye Imana inyuma yo gukubagurirwa mu gihugu (...)

Yannick Nihangaza yitavye Imana inyuma yo gukubagurirwa mu gihugu c’Ubuhindi

mercredi 2 Mukakaro 2014

Yannick Nihangaza yaraye yitavye Imana inyuma yaho akarwi k’imisore igera kuri cumi yo mu gihugu c’Ubuhinde imikubaguriye, akahava ajanwa mu bitaro vyo muri ico gihugu.

Kuva ico gihe iyo misore imugiriye nabi mu mwaka w’2012, Yannick Nihangaza yagumye amagara yiwe atifashe neza, ndetse ahava agarukanwa mu Burundi, aho yashikiye naho nyene mu bitaro, ari naho yahavuye yitabira Imana.

Mwomenya ko Yannick Nihangaza yari yaroye mu gihugu c’Ubuhinde kwiga ibijanye n’ubuhinga bwa none. Akaba yitavye Imana ku myaka 23 gusa y’amavuko,kuri uyu wa 1 Mukakaro 2014.

Tukaba tumusabiye ko Imana yo mwakira mu bwami bwayo.

Yannick Nihangaza

Aristide Nizigire

Messages

  • Imana imwakira mubwami bwayo ntakundi twese niyo tuja

  • yoooo Imana imwakire yari ikibondo gusa abantu nibikoko!!uwu mwana arambabaje nukuri!!nabavyeyi bihangane bareme Imana irikumwe nabo

  • Izonkuzi zibibi zomu Buhindi ziradukoze munda ndabivuze ndabikuye kumutima, ndevye ukwobimbabaje harakantu abamwibarutse! Imana imwakire imushire mukibaza yamuteguriye. Ariko kubwumubiri ndabaye imyakayiwe ubumenyi yosanzaje mubarundi bataribake detse nabohanze birahagaze, abavugango inkokora ziracika iyobumvize inkurumbi ntibabesha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.