IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Yoweri Museveni agiye gusubirizwa mu bikorwa vyo guhuza abarundi

Yoweri Museveni agiye gusubirizwa mu bikorwa vyo guhuza abarundi

mercredi 19 Myandagaro 2015

Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yafashe ingingo yo kurungika umuhuza mushasha mu biganiro bihuza abanyapolitike mu Burundi.

Umuhuza mushasha azoba aje gusubirira umukuru w’igihugu c’Ubuganda, Yoweri Kaguta Museveni, yari asanzwe ari umuhuza mu biganiro vyari vyarahagaze iminsi mike imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Amazina y’umuhuza mushasha ntaramenyekana, igihugu azoba avamwo ndetse n’umunsi ibiganiro hagati y’abegwa n’ikibazo ca politike mu Burundi bizosubira gutangurirako.

Ivyo bibaye inyuma y’aho ibihugu bitandukanye hamwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU bigumye bisaba ko gusaba ko ibiganiro hagati y’impande zitumvikana mu Burundi vyosubira gutangura, mu ntumbero yo kurwanya rwego rwo kurwanya indyane n’ubwicanyi bw’abantu buguma bwibonekeza mu gihugu.

Iyi ngingo ije ikurikira inama y’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe umutekano yabaye kw’igenekerezo rya 10 Myandagaro 2015, igasanga ikibazo c’umutekano mu Burundi kibandanya gufata iyindi ntumbero.

Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon menyesheje ko agiye kurungika uwundi muhuza mushasha mu Burundi asubirira Yoweri Museveni yagenwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ibiganiro hagati y’abegwa n’ikibazo ca politike mu Burundi mu Burundi vyahagaze kw’igenekerezo rya 19 Mukakaro aho umugambwe CNDD FDD wagiriza abatavuga rumwe nawo kuja mu biganiro vyo gutegura umugambi wo gushiraho umurwi wo gutembagaza ubutegetsi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ewe Cndd-fdd Na Reta Yawe Turasavye Dushimitse Muzirikane Ibibiganiro Tubona Ko Aramahigwe Yanyuma Amakungu Atanze Kuburundi!! Gende Munyugwishe Opposition Imbere Yumuhuza Kumwe Mwatunyugwisha Mumyiyamamaze Kuri 3em Manda Abarico Muvugana Gusa Bizoba Bikwiye.

  • MUSEVENI ntakwiye kuba umuhuza ntatandukaniro rihari na NKURUMBI,nawe nyene ivy’uburundi biheze azovako kuko sitongo ryase.

  • nivyo nibasure mubiganiro imana izidufashe baze! baganire bahuza

  • Biragaragaranezananeza mugihe amakungu atovahasi ngwakorese inguvu kuberwanikibazocuburundi kotwebwe abanyagihugutugiyekuhahonera ntibarindirekohobankivyecenda nagatatu

  • nasubirizwe mugabo ntibahungabanye inzego

  • Babonye ko atavy’ashoboye kuko wenyene aracahahamiye ubutegetsi ntaco yohanur’abandi

  • Ukukuburubwenge Bikomeje Kwiyerekana No Muri Onu Kuberiki Munanirwa Nukùvuga Ukuri Nkurunziza Niwe Nyirabayazana Nareke Kwirengagiza Ibwirizma Rya Rusha Ntakindi Yanke Azovyemera Ageramiwe Ndazi Ko Urwishe Yanka Nubu,ruracari Munyama Kandi Imana Izomubera Icabona Kandi Impera Nimperuka Uzoronka Amakuba Abagushigikiye Nibo Bazogucira Urwa Pirato

  • ivyomuri africa ninanzi ndagahanwa!!!! abobobazungu bagomba kudutegeka kandi twarikukiye bashakiki? siriya icrene uburusiya ntituvuze ibiyayura mutwe vyicabantu beshi kwisi bikoregwa murabo bazungunyene,barabuz umuhuza wokubitatura ngo bihere abanyafrika tutunzurunani ngotwikurek abobanzungu muzokwibuka kwifuka bwakeye

  • Notre Vive Priere Est De Demander àvous Tous Et Toutes Qui Avez Autorité Ou Pouvoir D Avoir Esprit De Conscience Et Faire Justice Afin De Sauver Notre Patrie.Dieu Juste Voit Tout.

  • NUBUNDI YOHENGAMYE KUKO NAWE NTASHAKA KUVA KUBUTEGETSI

  • NONE GAYEMWE TUZOKWAMA MUBIGANIRO BIDAHERA?NONE MUZOKWAMA MURUNGIKA ABAHUZA GUSHIKA RYARI?UWAMBERE VYARAMUNANIYE,UWAKABIRI NUKO,NUWAGATATU NAWENE NUKO NONE UWO WUNDI NIWE AZOCA ABISHOBORA,AKANANIYE UMUGA KANANIRA NUYUNDI,ONU BIYINANIYE NIBIVUGE KARE,NAYA HANDI TURASHIRA NKABINYONI KOMUNANIWE NOGUFAT INGINGO.

  • Akananiye Umugabo Kananira N’ Uwundi

  • karib turakwitez uwariw wes arik azany akavuy twirimbuz arik mandayabo ntiragera

  • EREGA NAWE NYENE IWE ABARI MURI OPPOSITION NTAGAHENGWE ABAHA UMUNTU ATANGICAFISE.NIVYAVUZWE NA OBAMA YARAVYIYAMIRIJE.

  • Abarundi nibaganire nayahandi akagaye Nogusuzugura abandi bizoshikana Abarundi he hagowetwebwe

  • Ivyo Nivyo Kuko Museveni Yariko Arakwega Amaguru Kandi Abantu Bariko Barahona.Ndamushigikiye Ban Ki Moon.

  • emma
    ibiganiro nivyo kuko twese tura barundi,mugabo ntibazokwihende ngo bacishe mukanwa ivyuko nkurunziza atosubira kudutwara nkuko nyangoma abivuga,tuzoca tubiyamiriza twese abanyagihugu kuko nkurunziza turamwemera yadukuye habi nivyo yadukoreye nivyish

  • ariko nahowoza guhuza nkurunziza atarahiye ntitwemera bimeny mwabipfapfane vyabatutsimwe ubwobuzuru bwanyu tuzobubagira yankona ibunobagure hama nkongera nkagabisha abantu biyitamazina atabaho batyoza abategetsi nizere kwarabanyarwanda atarabarundi kuko urwanda gogo ishavu turufitiye riraniga rindira gato fidelite ndakuramukije bavital bakabizi eka nabandi tuvuga rumwe mugirimana abatwanka batwandureko amen.

  • Hahahaaaa ONU nifate ingingo zaruhasha kuko aboba DD na Nkurunziza wabo ntibumva bazokwumva aruko tubokeje kandi ntituzomwihanganiranagato ndizeye neza ko naho yoshaka yokuramumutwe kwatazodutwara kweiyi mandat yiyongeye kunguvu ONU idafashingingo twebwe abarundi ubwacu turayifata izombwa zaba DD tuzereke

  • Mbega ivyo biganiro ni ivyiki?Abatutsi bariko baramara abahutu mu gisagara hanyuma namwe ngo muje gusamarira mu biganiro bitagira sens aho kwigisha abahutu kwirarira no kwikingira?Ahantu na maggy barankitse yatwemereye ingwano,mwebwe nimwe muja kwicara ngo muganire abahutu bariko babacisha ku buhomba?Ce n’est pas urgent ces pourparlers,kingira abahutu nyabuna .

  • uwo muhuza ntazohava akora nkabandi bahuza?

  • OYA UYU MUTAMA MUSEVENI NIYISUBIRIRE UGANDA CETTE QUESTION ELLE SERA RESOLUE MILITAIREMENT EN MARTELANT FOST JUSTE POUR TRAQUER CE IMBECILE QUI A VOULU MEPRISE LA VOLONTE DE LA POPULATION BURUNDAISE EN IGNORANT ET MEME PIETINER SUR LES ACCORDS D’ARUSHA QUI ONT ETE LES PILIERS DE LA FONDATION DE LA RECONCILIATION ENTRE LES HUTUS ET LES TUTSIS, UBU UYE NAHO AHAYE AHENDA ABARUNDI NGO KAGAME AGOMBAZE GUKORA EMPIRE HIMA MBE BURYA NIKIGONGWE CINSHI AFITIYE ABAHUTU? HAMWE NAHO YAGUMA AHONYA ABA FNL KO ATABIYEGEREJE NGO ABAHE KUBUTEGETSI TWARAMAZE KUMENYA NEZA YUKO ATAVYUBWOKO BIRIMWO MUGA ARI INDA IHAYE IMUKORESHA GUSA!

  • Nibagerageze ivyabo ariko sukuvuga ngo on ngo amakungu ngo afrika yubuseruko ubwabo ntavyo boshobora intambara guhagarara nivyimana yomwijuru.

  • sha fidelite wewe uvuga go harubwoko ntabwoko bubaho kubera imana yarimye umuntu gusa ubwoko wewe uvuga namada maremare gusa nkawe sinzi kwarinda iriko igutesha urufasoni cagwa wewe urumusuma ushaka intambara kugira uzujekwiba vyabene gihugu imana izikuvume kuko ww nturumuntu uva amaraso

  • NIBIBI KUBESHERA ABANYAGIHUGU NGO BARAGUSHIGIKIYE KANDI ATAHO BAKUZI KUBERA UBA WAROSE IRADIYO UVUGIRAKO.GERAGEZ MUREKE KUBESHA AMAKUNGU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.