IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Zeid Ra’ad Al Hussein atewe amakenga n’ihungabanywa ry’agateka ka zinamuntu mu (...)

Zeid Ra’ad Al Hussein atewe amakenga n’ihungabanywa ry’agateka ka zinamuntu mu Burundi

mercredi 27 Rusama 2015

Komiseri mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zinamuntu Zeid Ra’ad Al Hussein,amenyesha ko atewe amakenga nuko agateka ka zinamuntu kariko karahungabana mu Burundi,biciye ku mabi ariko arakorwa.

Mw’ijambo yashikirije kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Rusama,i Geneve mu Buswise,imbere y’inama ya ONU ijejwe agateka ka zinamuntu, Zeid Ra’ad Al Hussein yamenyesheje ko mu rugendo yagize mu Burundi mu kwezi kwa 4,yagabishijwe ku bijanye n’amabi akorwa n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD,guhungabanya ibikorwa vya politike,iterabwoba hamwen’imvugo zibiba urwanko.

Kubwa Zeid Ra’ad Al Hussein kugomba gutembagaza ubutegetsi vyabaye kw’igenekerezo rya 13 rusama hamwe n’ubwicanyi bwahitanye Zedi Feruzi umukuru w’umugambwe UPD-Zigamibanga vyatumye agashavu kaba kenshi hagati y’abashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu n’abatagishigikiye.

Komiseri yavuze ko aho yava mu Burundi hagati mu kwezi kwa 4,abarundi 6000 bari bamaze guhunga igihugu,bivuye ku bwoba bw’ihohoterwa mu vya politike hamwe n’iterabwoba.Inyuma y’ukwezi kurenga, Zeid Ra’ad Al Hussein yamenyesheje ko abahunze bashika ku bihumbi 110.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.