IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi 5 bari bahungutse bava muri Tanzaniya bapfuye mw’isanganya (...)

Abarundi 5 bari bahungutse bava muri Tanzaniya bapfuye mw’isanganya ry’imodoka

vendredi 30 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru ashikirizwa na Radiyo Kwizera ikorera i Ngara mu ntara ya Kagera aho mu gihugu ca Tanzaniya amenyesha ko imodoka imwe mu modoka 8 zari zunguruje abo barundi yagonze imodoka yari imbere yayo zose zica ziratembagara.

Ayo makuru abandanya avuga ko umushoferi yariko yunguruza iyo modoka yagonze yakomeretse.

Umukuru w’igiporisi mu ntara ya Kagera, Agustino Olomi aremeza ayo amakuru ariko muvyo bataramenya, hariho umwidondoro w’abapfuye hamwe n’igitigiri c’abakomeretse bose hamwe.

Umwe mu bashoferi b’izo modoka, Raimond Revocatus yavuze ko izo modoka zagize isanganya zari zifise ikibazo, imbere y’uko urugendo rutangura, ariko mu nzira ata ngorane yariyibonekeje.

Abakomeretse bariko bavurirwa mu bitaro vya Nyamiaga na Murugwanza vyo mu karere ka Ngara aho mu ntara ya Kagera.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.