Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasenyeri ba Ekereziya Gatorika bavuga ko hatari bwagere guhindura (...)
Abasenyeri ba Ekereziya Gatorika bavuga ko hatari bwagere guhindura ibwirizwa nshingiro
mercredi 2 Rusama 2018, par
Mu gihe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 2 Rusama 2018 ariho imyiyamamazo y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro yatanguye ku mugaragaro, mw’itangazo Ekereziya Gatorika y’Uburundi yasohoye kuri uwu wa gatatu nyene, ku vyerekeye integuro y’ibwirizwa shingiro n’amatora yayo, bamenyesha ko ico gikorwa gitunganijwe mu gihe ibijanye na demokarasi mu Burundi bitifashe neza kuva mu mwaka w’2015.
Muri iryo tangazo, Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi, yashikirije ko biteye impungenge kubona ayo matora atunganijwe hari bamwe mu bakuru b’imigambwe n’amashirahamwe yigenga bakiri mu buhungiro, kandi abo bari hanze y’Uburundi batazoshobora kugira ico bashikirije :
"Kuva muri uwo mwaka w’2015, abatwara na benshi mu ndongozi z’abatavuga rumwe nabo baracanyemwo. Ayo macakubiri yaribonekeje mu migambwe itari mike, harimwo n’uwuri ku butegetsi, mu mashirahamwe no mu nzego z’igihugu. Ukwo kutumvikana ntikwigeze gutorerwa umuti, kuko ibiganiro vyategerezwa kubahuza ntivyakunze vyose, kandi tuzi neza ko kenshi abenegihugu bumvikana canke ntibumvikane biturutse ku ndongozi muri poritike. Kubera uko gucanamwo n’ukutumvikana, abarundi barasanzaye, abatari bake barahunga n’igihugu harimwo na bamwe muri izo ndongozi."
- Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi
Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE avuga kandi ko ikibazo kitari kuri abo bahunze gusa, kuko n’abari mu gihugu batekewe n’ubwoba.
"Turetse n’ivyo vy’abahunze, ubu abanyagihugu batari bake, naho batabivugira hejuru baratekewe n’ubwoba ku buryo abantu batacubahuka n’uguserura ku mugaragaro ico biyumvira ku gutinya ingaruka mbi."
Kubwa Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, ubwo bwoba buterwa kenshi na kenshi n’imvugo, igitsure hamwe n’inyifato y’abarundi bamwe bamwe bitwaza igikenye canke ubukuru baba bafise bakarondera kunigira mu menshi umwidegemvyo n’ivyiyumviro vy’abo batavuga rumwe.
"Ivyo vyose biri mu bituma tugira impungenge ku vyerekeye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro muri ibi bihe.", uko niko uwo Mwungere wa Diyoseze nkuru ya Muyinga ashikiriza, aho abandanya yibaza namba integuro y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro yarisunze ubumwe n’umwumvikano w’Abarundi :
"Nkako ntaworeka kwibaza niba ibitegekanijwe n’ibwirizwa shingiro ritugenga mu ngingo ya 299 vyararimbuwe, bikubahirizwa bikwiye. Ahanini muri iyo ngingo baravuga ko ata na rimwe integuro y’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro yemerwa mu gihe ije iteye kubiri n’ubumwe hamwe n’umwumvikano w’abarundi, canke iteye kubiri n’ukunywanisha Abarundi. Uko tubibona, aho kwegeranya abarundi, ico gikorwa n’integuro cashitseko bisa n’ivyongereje ukutumvikana. Ahacu, nk’uko twari tumaze kubishikiriza, iki nticari igihe ciza c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro ku buryo rikora ku ntimatima yaryo."
Ekereziya Gatorika y’Uburundi ivuga ariko ko igisigaye ari uko ayo matora yoba mu mahoro n’umwumvikano, Abarundi bagatora "EGO" canke "OYA" ata gitsure.
Abungere ba Ekreziya Gatorika bahanura Abarundi ko batohahabuka : "Amatora arahera, ubuzima bukabandanya. Uko bizogenda kwose, hatowe EGO hazokurikizwa ibwirizwa shingiro rishasha, hatowe OYA tuzogumya iryo twahorana.
Muri iki gihe Uburundi bwinjiyemwo c’ukwemeza canke uguhakana integuro y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, Ekereziya Gatorika y’Uburundi yibutsa ko igikuru ari ukutsimbataza amahoro n’umwumvikano.
Iryo tangazo rya Ekereziya Gaturika y’Uburundi ryasohotse kuri uwu wa gatatu ryateweko umukono na :
Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi
Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, Umwepisikopi mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura, akaba n’icegera c’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi
Musenyeri Simoni NTAMWANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Gitega
Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA, Umwepisikopi yagenwe kuba Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, akaba n’Umwungere arongoye Diyoseze ya Ngozi kw’izina rya Papa Fransisko
Musenyeri venasi BACINONI, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Bururi
Musenyeri Bonaventure NAHIMANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Rutana
Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Ruyigi
Musenyeri Georges BIZIMANA, Umwepisikopi-Samurarwa wa Diyoseze ya Bubanza
Egide NDUWIMANA
Messages
2 Rusama 2018, 19:45, par Jerome
Amerique Nkuko Mwamy Muturi Hafi Dutabar Kumbur Mweho Nkurunziza Yobumvira Kuk Twarasemerey Twebw Aragagaza Arik Narindir
3 Rusama 2018, 04:27, par NDAYISHIMIYE Ladislas
mwavuga ariko ntimuvura,kandi gukeburana ni ngirakamaro.
3 Rusama 2018, 09:10, par Majaliwa
Iyo message ya Eglise Catholique irakakaye gose,murindire muzobibona na Joseph Kabila ntiyibazako Eglise Catholique izomuhamagama,akari inyuma karahinda
3 Rusama 2018, 17:52, par king
kiliziya katorika ni danger uzi uburyo mu Rwanda mukiriziya niho hiciwe Abatutsi benshi basaga miliyoni kiriziya ira puuu !!
3 Rusama 2018, 21:04, par justin
Ivyo ntibizobura kubaho vyo kudatahura ibintu kumwe.Nicogituma bamwe tuzotora EGO abandi bagatora oya. Nibaza ko ubwo ari uburenganzira abaturongoye bwo kwihitiramwo.
Nimureme EGO izokwama itsinda imisi yose kuko nigihe basokuru baturonderera Indépendance,ntababihurijeko bose; kuko bamwe bipfuza ko uburundi bwikukira vuba , abandi ngo ntiharagera.None hazogera ryari? Mbega 2005 ntabarundi bari hanze yigihugu? ko batabujije leta yico gihe ngo barindire abari bagorewe inyuma yigihugu baze hanyuma ibwirizwanshingiro ryemezwe nabarundi bose? Nibareke gutera ubwoba abenegihugu batureke twiyemereze ibwirizwashingiro . Arari hanze bazoduhamvya aho tugeze ntakundi .IMANA IRI IMBERE NTA BWOBA.
4 Rusama 2018, 09:39, par ciza
Abakirisu ntibakiri bamwe ba kera ubu barazi gukanura. Abo basenyeri nibadufashe gusenga nakare batorewe kuvuga ubutumwa sabo kuvuga ivya politike. Ntawe rero bariko barigisha uwogira amazinda yobaza ntamwana.
4 Rusama 2018, 19:31, par ciza
ivyo bavuga sivyo turazi ubwenge
5 Rusama 2018, 09:31, par ciza
Ntanzu iriko irasha kuko Nkurunziza ntawe ariko aragwanya kiretse abikumira kuko bazi ico bakoze, niba urimwo nawe bakurikire uzotaha amerika niyaza.
6 Rusama 2018, 10:15, par LEONARD
EKLEZIYA NTAVYO ITISUKAMWO NONE BASIGAYE BAPATAYE INTUMBEARO BAGEZE MURI POLITIQUE?
7 Rusama 2018, 20:19, par Nduwayo Nestor
Ahubwo Mwe Ntimutahura.Ekereziya Ijugumisha Nibwirizwa Shingiro Harakantu Amatora Ya 2020 Naho.Na Non Nivyubu Nyene, Ntaho Ndabony Ibint Nkivyo Vyokwinjiramw Umuntu Nkuyo Avuga Ivyimana.Aho Hoho Yoba Ariko Aragumura Abakirisu.Niyisubireko.