IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Abayoboke b’idini rya Adivantisite bankiwe gutunganya ubugeni hagati mu (...)

Abayoboke b’idini rya Adivantisite bankiwe gutunganya ubugeni hagati mu ndwi

jeudi 18 janvier 2018

Mw’ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yandikiye ubuyobozi bw’ishengero ry’aba adivantisite b’umunsi w’indwi, abamenyesha ko bamaze iminsi baronka amakete y’abayoboke baryo asaba ko bagira ubugeni hagati mu ndwi.

Muri iryo kete ry’umushikiranganji ryo kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2014, Pascal BARANDAGIYE aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko gutanga uburenganzira bwo kugira ubugeni hagati mu ndwi vyahagaze, hisunzwe ivyavuye mu mwiherero w’abagize Reta wabaye kuva kw’igenekerezo rya 27 gushika kurya 28 Myandagaro 2017.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE menyesha ko ukwemera kw’aba adivantisite b’umunsi w’indwi kudashobora gutuma baca kubiri n’iyo ngingo, kandi ko noneho Reta y’Uburundi isanzwe idahengamiye kw’idini na rimwe, nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE ahamagarira uwuserukira imbere y’amategeko ishengero ry’abadivantisite b’umunsi w’indwi, kumenyesha abayoboke baryo ibijanye n’iyo ngingo, kugira bayigendereko.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Bibiliya itubarira ko samedi= umunsi w’indwi
    dimanche= umunsi wa mbere w’indwi

    reka kuza mwitiranya ibintu, ni kuvuga ubugeni bagomba bube kumunsi w’indwi no kumunsi wa mbere.

  • Umushikiranganji yafashe ingingo ntakindi twohindurako yibukeko ariwo msi wibato

  • Umusi z’Imana nukuvuga Dimanche ? Ntaco bemeyeko zizoba Dimanche har’ico none ?Ikibazo n’uko tuzohava tubura abadushingira iyo Dimanche. Ivyo bagira vyose bamenye ko tutarota duhonyanga Umusi w’Imana Yejeje ikawuha umugisha ariyo Sabato Imana yatwihereye.

  • NIBINDI BIRACAZA KUKO VYAHANUWE KUVA KERA.

  • Nanje Njana Ningingo Yisunzwe Guko Simpengamira Idini,ariko Mwobareka Kugirantibat Intumbero ngobitwaz Iyongingo Ngo Magahamo Mubahe Mubahe Dimanche !

  • Twebwe burya twari tuzi ko umusi w’Imana ari ku musi wa gatandatu, uwo Imana yita umusi w’indwi. Uwoshingirwa kuri dimanche isabato yaraye ihavuye, yoba ashingiwe ku musi w’ibikorwa, niko Imana ibivuga (Yohani 20 : 15). Murantunga kwar’ukubakebura ngo musubiremwo musome Ivyanditswe Vyeranda. Guhahakanira Abadivantiste ngo ntibagire ubukwe hagati mu ndwi bisa no gushigikira ubutumwa bw’ukuri bigisha, kuko ku wa mbere w’imisi indwi (Dimanche), nibaza ko bitobagwa nabi kugira ubukwe. Bibaye nka ca gikere baterera mu mazi, kiti : " Aho ho niho nama". Twebwe ba nyarucari, twipfuza ko mwobaza kuturabira ko izo ngingo mudufatira zihuje n’ivyo Imana ishaka, kugirango igihugu cacu kiyoborwe n’Imana, namwe mube abavugizi bayo gusa, kugira ngo turambe mu migisha yayo, n’igohugu kirambe mw’iteka n’itekane, ducike Israeli y’ukuri. Yesu rero ati " "Mwarazimiye, ko mutamenye ivyanditswe n’ubushobozi bw’Imana." (Matayo 22 : 29)

  • Jewe ntangorane nimwe mbona ngaho nntiharongora umusi harongora umuntu.hagati mwiyinga nibabihagarike kuko vyatera akajagari

  • Iyi ngingo Umushikiranganji wi ntwaro yo haga mugihugu yafatiye ishengero ry’Abadiventista bumusi 7ndumva ariyagahotoro kuko ivyukwizera bifise ivyo bishingiyeko mukaba musa naho mutobiraba mugufata iyo ngingo.Ariko nizere ko uwuriserukira imbere yamategeko kwazogira ico ayivugako namwe mukamwumviriza murakoze.

  • Nimutunanye Imigenzo Yiryo Dini Kubere Badahuriza Kumus Umwe Nayandi Madini.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.