Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA yinjiye ku mugaragaro mu bwungere bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA yinjiye ku mugaragaro mu bwungere bwa (...)

Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA yinjiye ku mugaragaro mu bwungere bwa Diyoseze ya Bujumbura

samedi 5 mai 2018

Ibirori vyo gushikiriza icese uburongozi bwa diyoseze nkuru ya Bujumbura Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA vyabereye kw’ishengero Cathedrale Regiba Mundi, mu gisagara ca Bujumbura, imbere y’abihebeye Imana batari bake.

Abasenyeri bavuye mu madiyoseze atandukanye yo mu Burundi no mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi, hamwe n’abapatiri barenga amajana abiri, nibo bitavye ivyo birori.

Reta y’Uburundi yaserikiwe muri ivyo birori, n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, gukundisha igihugu n’iterambere ry’amakomine.

Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yahora ari umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasubirijwe kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 24 Ntwarante 2018, ku ngingo yafashwe na Papa Fransisko, Umwungere wa Ekereziya Gaturika kw’isi yose.

Iyo ngingo ya Papa Fransisko yafashwe inyuma y’aho Musenyeri Evariste NGOYAGOYE asabiye ko yotangura akaruhuko k’ubusaza.

Ako karuhuko ko muzabukuru kakaba kagengwa n’igitabo c’amategeko ya Ekereziya kw’isi yose, mu ngingo y’401 ku karongo ka mbere.

Ico gitabu c’amategeko kivuga ko Umwepisikopi ashikanye imyaka 75 ashobora gusaba gutangura akaruhuko ko mu busaza, aho tukabamenyesha ko Musenyeri NGOYAGOYE Evariste yasubirijwe mu gihe yari arumanije imyaka 77.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.